Abapilote bateranye ibyuma mu ndege yerekezaga muri Isiraheli

Itangazo ryo kumenyesha ko indege yagize ikibazo, ryatanzwe nyuma gato y'uko indege ihinduriwe icyerekezo bitunguranye itangira kumanuka vuba.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Muyashikirizwa na Chançard Abimana

  1. Abapilote bateranye ibyuma mu ndege yerekezaga muri Isiraheli

    Indege

    Abapilote bajyanywe mu bitaro nyuma y’aho havuzwe ko habaye impanuka mu cyumba cy'abapilote b'indege yerekeza muri Isiraheli, nk’uko bitangazwa n’ubuyobozi bw’ikibuga cy’indege cya Arabiya Sawudite.

    Indege ya Flydubai FZ103, yavaga i Dubai yerekeza i Tel Aviv, yahinduriwe inzira yerekeza muri Arabiya Sawudite nyuma y'amasaha abiri ihagurutse kuwa gatatu.

    Itangazo ryo kumenyesha ko indege yagize ikibazo, ryatanzwe nyuma gato y'uko indege ihinduriwe icyerekezo bitunguranye itangira kumanuka vuba. Indege yamanutse igera ku butumburuke bwa metero 17.000, bingana na metero 5.200, mu minota ibiri.

    Kompanyi y'indege ya Flydubai yavuze ko abagenzi bose bafite umutekano kandi ko bakurikiranwa.

    Nyuma y’uko abapilote batangaje ko hari ikibazo cy’umutekano mu kirere ku bashinzwe kugenzura ikirere, indege yaguye ku kibuga cy’indege cya Tabuk saa mbiri n’iminota mirongo ine n’ine ku isaha yo muri ako gace.

    Isosiyete ifite ikibuga cy'indege yavuze ko kapiteni w'indege n'umupilote umufasha bajyanywe mu bitaro.

    Abagenzi bavuze ko umwe mu bapilote yatewe icyuma mu cyumba cy’indege. Umwe mu bagenzi yavuze ko abapilote babiri bari bicaye inyuma y’indege bagiye imbere gufasha indege kugwa, nubwo ibi bitaremezwa ku mugaragaro.

    Abagenzi nabo babwiye itangazamakuru ryo muri Isiraheli ko abapilote babiri bari inyuma bafashije gutwara indege no kuyimanukira hasi nyuma y’ibyabaye.

    Undi mugenzi witwa Almog Itali, yavuze ko abapilote babiri ari "abapilote b'inyongera" bari bateganijwe ko gutwara indege ikurikira.

    Ubutaliyani bwavuze ko umwe muri bo afite ubwenegihugu bw'Ubwongereza, undi akaba ari Umunyaburayi, nubwo butavuze ubwenegihugu bwe.

    Yavuze ko bitarasobanuka neza ibyabaye mu cyumba cy’indege, ariko abapilote bari mu indege bashoboye kugarura umutekano w’indege no kuyiyobora kugeza igeze muri Arabiya Sawudite.

    Nyuma yo kuvugana n'abagenzi bari imbere y'indege, yagize ati: "Hari byinshi byabaye." Ikigaragara ni uko hari abapilote babiri imbere, umwe muri bo akaba yarateye bundi icyuma."

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Shema Fabrice yeguye ku buyobozi bwa FERWAFA nyuma y’umwaka wari ushize atorewe uyu mwanya

    Shema Fabrice

    Na Jean-Claude Mwambutsa

    BBC Gahuzamiryango i Kigali

    Umuyobozi w’ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda, Shema Ngoga Fabrice yeguye ku mirimo ye nyuma y’umwaka wari ushize atorewe manda y’imyaka 4.

    Uyu muyobozi wa FERWAFA yeguye yari amaze iminsi afunze, akurikiranywe ibyaha birimo gutanga sheki itazigamiye.

    Ifatwarye ryababaje abatari bake bavuze ko ifungwa rye rishobora kuba rihishe impamvu zitari izivugwa kuko uyu munyemari atabuze ubushobozi bwo kwishyura.

    Hari hashize icyumweru uyu muyobozi arekuwe nyuma y’ubwumvikane yagiranye n’ubushinjacyaha.

    Iyegurarya Fabrice Shema ku buyobozi bw’iri shyirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda ryamenyekaniye mu ibaruwa yazengurutse mu binyamakuru no ku mbuga nkoranyambaga.

    Ibaruwa bigaragara ko yanditswe kuitariki ya 29/9/2026 ivuga ko Shema Fabrice yeguye kubera ikibazo cyavutse mu myitwarireye bwite.

    Kwegura nk’uko abivuga, ngo ni ukurinda icyubahiro cy’ishyirahamwe FERWAFA yayoboraga ndetse no kugira ngo iri shyirahamwe rigumanei cyizere rifitiwe narubanda.

    Muri iyi baruwa Shema ntatanga ibisobanuro kuri iyi myitwarire itumye yegura.

    Gusa hari hashize igihe kigera ku kwezi uyu muyobozi afunze akurikiranyweho ibyaha byavuzwe ko bidafitanye isano n’inshingano ze muri FERWAFA .

    Ubushinjacyaha bwareze Shema gutanga sheki itazigamiye ndetse no kwihesha ikintu cy’undi mu buriganya. Ni ibyaha bifitanye isano n’ishoramari ry’uyu mugabo uzwi cyane mu bucuruzi bw’imiti n’ibikoresho byo kwa muganga.

    Muibaruwa ye Shema avuga ko ashimira inteko rusange ya FERWAFA ndetse na Komite bari bafatanyije kuyobora iri shyirahamwe avuga ko bakoranye neza.

    Gusa mbere y’ifungwa rye yakomeje kwikomwana bamwe mu bayobozi b’amakipe bavuga ko afata ibyemezo bibangamiye amakipe yabo.

    Hari hashize icyumweru urukiko rw’ibanze rwa Nyarugenge rutegetse irekurwa rye rushingiye ku bwumvikane uregwa (Shema) yagiranye n’ubushinjacyaha.

    Muri ubu bwumvikane Shema yemeye kwishyura na ho ubushinjacyaha bumusabira igifungo cy’amezi atandatu ariko gisubitse mu gihe cy’umwaka.

    Itorwa rya Shema Fabrice ku buyobozi bwa FERWAFA mu kwezi kwa munani k’umwaka wa 2025 ryari ryishimiwe n’abatari bake.

    Mu gihe cy’ umwaka wari ushize ayobora FERWAFA, Shema ashimirwa uruhare yagize mu gushishikariza abakinnyi b’Abanyarwanda bari mu mahanga kwemera gukinira ikipe y’igihugu.

    Mu mikino yo gushakisha itiki y’igikombe cy’Africa cya 2027, ubu ikipe y’U Rwanda (Amavubi) iyoboye itsinda rya 11 n’amanota 6 nyuma yo gutsinda umukino wayo na Liberia ndetse na Cap Vert .

  3. Somalia: Abasuma bo mu mazi bishe abakozi batanu b’ubwato butwara igitoro

    Inzego z’umutekano za Puntland zakajije amarondo mu gihe ibitero vy’abambuzi bo mu mazi biriko biriyongera ku nkengera za Somalia.
    Insiguro y'isanamu, Inzego z’umutekano za Puntland zakajije amarondo mu gihe ibitero vy’abambuzi bo mu mazi biriko biriyongera ku nkengera za Somalia.

    Abakozi batanu b’ubwato bw’ibitoro bwari bwafashwe n’abasuma bo mu mazi hafi y’inkengera za Somalia barishwe imbere y’uko abajejwe umutekano basubirana ubwo bwato, nk’uko umutegetsi wo muri Puntland yabwiye BBC.

    Icegera c’umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru muri Puntland, Bile Qabowsade, yavuze ko abo bakozi bishwe imbere y’uko abajejwe umutekano bo muri iyo ntara burira ubwato.

    Mu bishwe harimwo Abanyapakistani batatu, Umuhindi umwe n’umuntu umwe wo muri Myanmar. Abandi bakozi bane barakomeretse, harimwo Abanyapakistani batatu n’Umuhindi umwe.

    Ubwo bwato, bwari butwaye utugunguru tw’ibitoro tugera ku 18.500 bwariko burajana i Mogadishu, umurwa mukuru wa Somalia. Bwafashwe muri Ndamukiza (4) n’abagabo batandatu bitwaje ibirwanisho, igihe bwariko buraca hafi y’inkengera za Somalia.

    Abantu 16 bikekwa ko bari muri abo basuma barafashwe. Abandi baratorotse, ariko abategetsi bavuga ko bariko bararonderwa.

    Qabowsade yahakanye amakuru avuga ko abajejwe umutekano bo muri Puntland, intara yigenga ku rugero runaka muri Somalia, bafashije bamwe muri abo basuma gutoroka.

    Abategetsi ntibaramenyesha ingene abo bakozi batanu bishwe canke ingene abo basuma bafashe ubwo bwato.

    Ubwo bwato bwari buhagaze hafi y’inkengera za Somalia, hagati y’ibisagara vya Xaafun na Bander Beyla, bizwi cane mu bijanye n’uburovyi.

    Muri Ndamukiza, abategetsi bari bavuze ko ubwo bwato bwarimwo abakozi 17 igihe bwafatwa. Harimwo Abanyapakistani 10, Abanya-Indonésie bane, Umuhindi umwe, umuntu umwe wo muri Sri Lanka n’uwundi wo muri Myanmar.

    Ubwambuzi bwo mu mazi hafi ya Somalia bwari bwaragabanutse cane inyuma ya 2011, kubera ibikorwa vy’amato y’igisirikare y’amakungu. Ariko ibitero n’ifatwa ry’amato vyasubiriye kwiyongera mu myaka ya vuba.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Afrika y’Epfo igiye kwongereza umutekano mu bibanza bibangamiwe inyuma y’iyicwa ry’abakenyezi 12

    perezida wa africa y'epfo

    Perezida wa Afrika y’Epfo, Cyril Ramaphosa, yatangaje ingingo zo kwongereza umutekano mu bibanza bibangamiwe hirya no hino mu gihugu, inyuma y’uko ibiziga vy’abakenyezi 12 bitowe mu karere ka Ekurhuleni, mu buseruko bwa Johannesburg, mu mezi abiri gusa.

    Urupfu rw’abo bakenyezi rwarateye ishavu n’ubwoba mu gihugu gisanzwe kiri mu bifise ihohoterwa rikorerwa abakenyezi ryinshi kw’isi.

    Mw’ijambo yashikirije igihugu ku wa kabiri, Ramaphosa yatangaje ko inzego zitandukanye zatanguje igikorwa cihutirwa co ku rwego rw’igihugu kugira zitohoze ubwo bwicanyi kandi zirushirize gukingira abakenyezi n’abakobwa. Abantu bane baramaze gufatwa.

    Yavuze ko benshi bafise ubwoba ko abo bakenyezi bose bashobora kuba bishwe n’umuntu umwe. Ariko yongeyeko ko gushika ubu, igipolisi kitarabona ikintu na kimwe cerekana ko ubwo bwicanyi bwose bwakozwe n’umuntu umwe.

    Ramaphosa yemeye ko reta itakoze ibikwiye kugira ikingire abakenyezi n’abakobwa. Yategetse amakomine yose gutangura gusuzuma umutekano w’abakenyezi no kumenya ibibanza bishobora kubashira mu kaga.

    Iryo suzuma rizoraba amatara yo ku mabarabara atagikora, ibibanza vyuzuye ivyatsi, inyubakwa zahebwe, amabarabara n’ibibanza vyo kwiyunguruza bitagira umutekano hamwe n’amapariki adakingiwe neza.

    Perezida yatangaje kandi ingingo zikomeye zo kugabanya amabi afitaniye isano n’akaborerwe. Ariko yashimangiye ko inzoga zidashobora na rimwe kuba urwitwazo rw’ihohoterwa rikorerwa abakenyezi, kuko uwakoze iryo hohoterwa ari we aribazwa.

    Ramaphosa yavuze ko ihohoterwa ridatangura igihe umugore akubiswe, afashwe ku nguvu canke yishwe. Ngo ritangurira ku nyifato yo kubona ko umugore ari hasi y’umugabo, ko umugabo afise uburenganzira bwo kumuganza, canke igihe ishari ryitwa urukundo n’agahato kakitwa ukumukingira.

    Yasabye abagabo n’abahungu kuja imbere mu guhagarika ihohoterwa rikorerwa abakenyezi.

    Yavuze ati: “Umuti w’ihohoterwa rikorerwa abakenyezi ntushobora kuba ukubambura umwidegemvyo wabo.”

    Afrika y’Epfo ni kimwe mu bihugu bifise ubwicanyi bwinshi kw’isi. Hagati ya Ndamukiza (4) na Ruheshi (6) uyu mwaka, abantu 5.427 barishwe. Komisiyo y’agateka ka zina muntu ivuga ko muri ico kiringo nyene, abakenyezi 569 bishwe, abandi 1.052 na bo barokoka ibitero vyari bigamije kubica.

  5. Maroc: Iryambere mu mateka, umugore yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere inyuma yo gutsinda amatora

    Fatima Ezzahra El Mansouri, umushikiranganji wa mbere wa maroc arikumwe numugabo amufashe ukuboko

    Umwami Mohammed VI wa Maroc yagenye Fatima Ezzahra El Mansouri ngo abe umushikiranganji wa mbere. Ni we mugore wa mbere agiye kurongora reta y’ico gihugu. Umwami yamushinze kandi gushinga reta nshasha.

    El Mansouri, afise imyaka 50, yagenywe inyuma y’uko umugambwe wiwe, Parti authenticité et modernité (PAM), uronse ivyicaro vyinshi kurusha iyindi migambwe mu matora y’abashingamateka yo ku wa 23 Nyakanga (9).

    Ni umugore agira kabiri ahawe kurongora reta mu bihugu vy’Abarabu, inyuma ya Najla Bouden yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Tunisie.

    El Mansouri ni umushingwamanza. Yarize muri kaminuza Mohammed V i Rabat, aca abandanya amashure mu Bufaransa no muri Amerika, aho yize amategeko y’ubudandaji n’ay’amashirahamwe.

    Yinjiye muri politike umugambwe PAM umaze gushingwa mu 2008. Mu 2009, yabaye umugore wa mbere yatowe ngo arongore igisagara ca Marrakech. Yarasubiriye gutorwa muri ico kibanza inyuma y’amatora yo mu 2021.

    Muri reta iheruka, yari umushikiranganji ajejwe gutunganya amatongo, ibisagara n’uburaro. Kuva muri Ruhuhuma (2) 2024, ni we yari ajejwe guhuza abakuru ba PAM.

    Imbere y’uko agenwa, yabajijwe nimba kuba ari umugore bitazohindura ingene umukuru wa reta yitaba imigirwa y’idini rya Isilamu ari kumwe n’umwami, harimwo amasengesho yo ku wa gatanu n’ayo ku misi mikuru, aho abagabo n’abagore basengera mu bibanza bitandukanye.

    El Mansouri ntiyishuye ico kibazo, ariko yavuze ko Umwami Mohammed VI ari we “ashigikira cane abakenyezi” muri Maroc.

    PAM yaronse ivyicaro 97 ku 395 bigize Inama Nshingamateka. Kugira ishinge reta, ikeneye ivyicaro 198. Izobwirizwa rero kwifatanya n’iyindi migambwe.

    Umugambwe PJD ushingiye ku vyiyumviro vya kisilamu waronse ivyicaro 54, uvuye kuri 13 wari ufise. Umukuru wawo, Abdelilah Benkirane, yavuze ko utazokorana na PAM kandi ko uzoguma mu ruhande rutavuga rumwe na reta.

    Maroc ni igihugu kirongowe n’umwami kandi gifise ibwirizwa nshingiro. Ariko umwami aracarafise ububasha bwinshi, cane cane ku bijanye n’ukwivuna abansi, imigenderanire n’ayandi makungu hamwe n’izindi nzego zihambaye.

    Izindi nkuru wosoma :

  6. Amerika yashizeho agashimwe k’imiriyoni 15 z’amadolari kuwotanga amakuru yerekeye abakuru 3 bo muri Iran

    amafoto y'ama misile ya Iran

    Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwemeye gutanga gushika ku miriyoni 15 z’amadolari ku muntu yotanga amakuru yofasha guhagarika uburyo IRGC ironkamwo ikanatanga amafaranga.

    IRGC ni Igisirikare c’Abacungera Revolisiyo ya Iran.

    Mw’itangazo ry’umugambi wa Amerika witwa Rewards for Justice, Amerika yavuze ko irondera cane cane amakuru ku bikorwa vy’amafaranga vy’abakuru batatu b’igisata ca IRGC kijejwe indege n’ibigendajuru.

    Uwa mbere ni Général de Brigade Abdollah Mehrabi, arongoye ikigo ca IRGC c’ubushakashatsi no kwihingurira ibikoresho vya gisirikare. Amerika ivuga ko yagize uruhara mw’iterambere ry’amasaterite y’igisirikare n’utudege tutajamwo abadereva twa Irani.

    Uwa kabiri ni Ahmed Ja’farabadi, umwe mu bakuru b’ico gisata. Afise uruhara mu kurongora ibikorwa vyaco no mu gutunganya ibikoresho gikenera.

    Uwa gatatu ni Ali Asghar Norouzi, arongoye ishirahamwe ry’ubutunzi rya IRGC. Amerika ivuga ko yagize uruhara mu kurungikira amafaranga n’ibirwanisho imirwi yitwaje ibirwanisho ishigikiwe na Irani muri Aziya yo Hagati.

    Itangazo rivuga ko agashimwe kazohabwa uwutanga amakuru ashobora guhagarika uburyo IRGC ironka canke ikoresha amafaranga.

    Ku wa kabiri nyene, Ubushikiranganji bw’ikigega ca Amerika bwarafatiye ibihano abantu n’amashirahamwe 10 bagirizwa kuronderera ubushikiranganji bwa Irani bujejwe kwivuna abansi ibirwanisho n’ibindi bikoresho bikoreshwa mu kubihingura.

    Abafatiwe ivyo bihano bari muri Irani, Ubushinwa, Pakistan, Arabia Saoudite na Türkiye.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. ONU: Intambara iracabandanya mu buseruko bwa Congo naho hari utwigoro two kugarukana amahoro

    igisirikare ca ONU co kugarukana amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, MONUSCO

    Umukuru w’igisirikare ca ONU co kugarukana amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, MONUSCO, James Swan, yavuze ko utwigoro two guhagarika intambara yo mu buseruko bw’ico gihugu turiko turatera intambwe, ariko ko inrwano, ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu n’ibibazo vy’abanyagihugu vyo bikibandanya.

    Mu kiganiro yahaye Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ari i Kinshasa, Swan yavuze ko hari intambwe zimaze guterwa biciye ku migambi y’amahoro ishigikiwe na Amerika, Qatar n’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.

    Yavuze ko umugambi wo gufasha abarwanyi ba FDLR gushira hasi ibirwanisho ku bushake wamaze gutangura. Kuva muri Nyakanga (9), MONUSCO imaze gusubiza mu Rwanda abantu 122, barimwo abahoze muri FDLR n’abo mu miryango yabo.

    Swan yavuze kandi ko ibiganiro hagati ya reta ya Congo na AFC/M23 vyasubiriye kuba maze bibera mu Buswise, impande zompi zemeranya ingene bizobandanya. Imigwi ijejwe gukurikirana ihagarikwa ry’intambara na yo yaratanguye kuja muri Kivu ya Ruguru no muri Kivu y’Epfo.

    Ariko yagabishije ko inrwano zigikomeye. AFC/M23 iracagenzura ibice binini vya Kivu ya Ruguru, cane cane muri Masisi na Walikale. Inrwano zo mu micungararo ya Minembwe muri Kivu y’Epfo na zo zaratumye abanyagihugu bahunga, zihagarika imfashanyo n’ibikorwa vya nkenerwa.

    Muri Ituri, ONU ivuga ko ADF, umuhari ufitaniye imigenderanire n’umurwi wa Leta ya Kisilamu, warushirije kugaba ibitero ku basivile.

    ONU ivuga ko kuva muri Ruheshi (6) yanditse abahohotewe bagera ku 1.537, ibice 88% vyabo bikaba vyabereye mu buseruko bwa DR Congo. Abantu 382 barakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina, harimwo abakenyezi 257 n’abakobwa 122.

    Swan yongeyeko ko abantu imiriyoni 26,5 babuze ibifungurwa bikwiye, abandi imiriyoni 6,1 bakaba barateshejwe izabo. Umugambi wa ONU wo gutanga imfashanyo umaze kuronka ibice 50,5% gusa vy’amafaranga ukeneye.

    Yasavye impande zose kworohereza abatanga imfashanyo gushikira abazikeneye ata nkomanzi, asaba amakungu kubandanya ashigikira utwigoro tw’amahoro n’imfashanyo.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.