Abahinga bo mu Bwongereza bariko barakora urucanco rwa Ebola rushobora kugeragezwa mu mezi make ari imbere
Abahinga bo muri Kaminuza ya Oxford mu Bwongereza bariko barakora urucanco rushasha rushobora gushika ku rwego rwo kugeragezwa ku bantu mu mezi abiri gushika kuri atatu ari imbere, mu ntumbero yo guhangana n’ikiza ca Ebola.
Iyo ngwara yiziziye cane Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, ibitigiri bikerekana ko abakekwa kuba barayanduye ubu barenga 900, harimwo 101 bimaze kwemezwa ko bayirwaye.
Gushika ku wa gatandatu uheze, abategetsi b’ico gihugu bavuga ko abamaze gupfa bakekwa guhitanwa na Ebola ari 204, cumi (10) muri bo bikaba bimaze kwemezwa n’ibipimo vyo muri laboratware ko bahitanywe na Ebola.
Ubu bwoko budasanzwe bwa Ebola bwitwa Bundibugyo, butaragira urucanco rwemejwe, bushobora kwica hafi umuntu umwe ku bantu batatu banduye.
Nta cemeza ko urwo rucanco ruzokora neza. Bizoba ngombwa ko hagirwa amagerageza ku bikoko no ku bantu kugira bimenyekane neza nimba ruzoba rukora.
Ariko abahinga bavuga ko bariko bakora bihuta kubera batinya ko ico kiza gishobora kurandagata gusumba, ivyotuma urwo rucanco rukenerwa.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu (OMS/WHO) ryadugije urugero rw’akaga k’iyo ndwara muri RDC, kuva ku ruri "hejuru" gushika ku ruri "hejuru cane".
Izindi nkuru wosoma: