Icegera c'umukuru wa Tanzania Emmanuel Nchimbi 'yatangaje ko atanze imihoho'

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Icegera c'umukuru wa Tanzania, Emmanuel John Nchimbi, yatangaje ko atanze imihoho (ko yeguye) muri ayo mabanga kandi ko aciye ava mu buzima bwa poritiken'akazi k'igihugu, nk'uko bigaragara mw'ikete rihanahanwa ku mbuga hwaniro.

Gushika ubu, nta mutegetsi aremeza iyo nkuru, ariko BBC yavuganye n'amasoko yayo imbere muri reta barayemeza.

Ibinyamakuru vyo muri Tanzania navyo vyatangaje iyo nkuru y'ugutanga imihoho kwa Nchimbi.

Muri iryo kete, ryasohotse kuri konte izwi ya Instagram ya Nchimbi, uwo mutegetsi yavuze ko yari yandikiye ikete ryo gutanga imihoho umukuru w'igihugu Samia Suluhu Hassan.

Nchimbi asubirwamwo avuga muri iryo kete ko iyo ngingo yafashwe hisunzwe ibwiriza shingiro rya Tanzania. Ku bw'iryo kete, iyo ngingo izotangura kuja mu ngiro itariki 4 ukwezi kw'icenda (Nyakanga mu Kirundi canke Nzeri mu Kinyarwanda) mu 2026.

Iryo kete rivuga ko igihe yagenwa kuba icegera c'umukuru w'igihugu, yemereyeumukuru w'igihugu Samia ko azomufasha uko ashoboye kwose kandi amuyoboka. Kandi ko yemereye umukuru w'igihugu ko umunsi yokwumva ko akeneye ikindi cegera, yoca ava muri ico kibanza.

''Umunsi uwo ari wo wose yokenera ikindi cegera, nzova muri iki kibanza,'' niko ikete rivuga.

Muri iryo kete kandi, Nchimbi asubirwamwo avuga ko ashima ko Perezida Samia akeneye impinduka, ko rero yahisemwo kwuzuza iryo sezerano.

Muri iryo kete yandikiye umukuru w'igihugu, Nchimbi avuga ko yafashe ingingo yo guhagarikaporitike n'amabanga y'igihugu.

Nchimbi abaye icegera c'umukuru w'igihugu mu kiringo kidashika umwaka, yari yarahiriye ayo mabanga itariki 5 ukwezi kwa cumi na rimwe (Munyonyo/Ugushyingo) mu 2025.

Yari yasubiriye Philip Isdor Mpango, yabaye icegera c'umukuru w'igihugu hagati ya 2021 na 2025.

Muri iryo kete, Nchimbi asubirwamwo avuga ko ingingo yiwe yo gutanga imihoho yubahirije isezerano yahaye Perezida ryo gutanga imihoho hamwe Perezida yofata ingingo y'uko hakenewe ikindi cegera c'umukuru w'igihugu.

Ubu bwa vuba harabaye icuka kibi imbere mu mugambwe wiwe wa Chama Cha Mapinduzi (CCM), kandi ibihuha vyerekeye ugutanga imihoho kwiwe vyari bimaze iminsi itari mike bivugwa.