Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki abagabo bamwe bamwe bongereza ibihimba vyabo vy'irondoka bikaba binini gusumba?
Jason ntiyashaka kugira igihimba c'irondoka gisa n'"agakopo ka Coca" (Canette de Coca-Cola) - iryo ni izina rikoreshwa mu gutebura aho baba bashaka kuvuga ko igitsina c'umugabo congerekanye kikongera kikaguka hakoreshejwe urugero runini rw'imiti ivyimbisha, ku buryo gisa n'agakopo kagufi k'ikinyobwa ca Coca.
Igihe duhurira i Manchester, Jason yambwiye ati: « Hari abantu bamwe barenza urugero ».
Uburyo yafashijwemwo bwatumye igihimba c'irondoka ciwe congerekana ku rugero rwa 16% - urugero we n'uwo babana bishimira cane. Avuga ko vyatumye « arushiriza kwigirira icizere ».
« Ibintu vyose bikora neza nk'uko bisanzwe, kiretse gusa ko hari igice ciyongereyeko », ni ko Jason avuga.
Igitigiri c'abagabo bafashwa kwongereza ubunini bw'igitsina nka Jason ntikizwi. Kandi si n'ibintu wotembera mw'ibarabara ngo ubone uko vyifashe.
Nta mategeko ahagije abigenzura canke amakuru yanditswe ku mugaragaro bihari. Umuntu wese ashobora kuvyuka agatangura gutanga mwene izo 'services'.
Ubwo buryo bwo kwongereza ubunini bw'igitsina gabo bwatumye haba n'inkuru itangaje mu nkino za Olempike zabaye mu gihe c'ubukonje giheruka. Habaye ibihuha vyavuga ko abakinyi basimba (bamera nk'abaguruka bakagenda imetero nyinshi) kuri 'neige' bakoresheje 'skis' bariko bakoresha iyo miti kugira ngo ibafashe kwongereza igice c'uruhande rw'umubiri wabo kigaragara imbere, ivyo bikaba vyari gutuma bagera kure bariko barasimba.
Ariko rero, bamwe mu bagabo vyabaye ngombwa ko bahabwa ubuvuzi bwihuta inyuma y'uko ibitsina vyabo bihindutse bikirabura, urukoba rugatangura « kwonkoka no kurwa » kubera ivyo bashaka vyakozwe nabi.
Ishirahamwe ry'abaganga babaga inzira z'umukoyo n'ibihimba vy'irondoka ryo mu Bwongereza (British Association of Urological Surgeons) riragabisha bariko bakoresha ubwo buryo barondera kwongereza ibitsina vyabo.
None, ni kubera iki abagabo babikora? Mbega ho, ni izihe ngaruka bishobora kubagirira?
Jason yaratuganirije mu buryo bwugurutse ata guca ku ruhande, ku bijanye n'ingingo yafashe yo gukoresha imiti ituma igihimba ciwe c'irondoka kiba kinini gusumba uko Imana yakiremye.
Yari yishimiye uburebure bwaco, ariko yashaka « ko kiringanira neza gusumba » hamwe n'uko cokwongerekana kugira « kigaragare neza ».
Jason agira ati: « kubera iki utobikora mu gihe wumva hari ico ubura? »
Yamaze umwaka wose asuzuma ubushakashatsi butandukanye, maze afata ingingo yo kutibagisha. Yahisemwo ubwoko bw'umuti butuma igihimba ciwe congerekana kikanaguka, ariko uwo muti ukagira igihe umara ugaca umuvamwo. Ivyo vyatuma abona ko hamwe uwo muti yosanga atari mwiza, « uzokwiyungurura ukiheza ubwawo inyuma y'igihe runaka ».
Jason amenyesha kandi ko atabitewe n'iciyumviro co gushaka kugaragara nk'« umugabo w'inkomezi » canke kwirata ubunini bw'igihimba c'irondoka. Agira ati: « Sinemera iciyumviro kivuga ngo 'ubunini bw'igitsina cawe ni bwo bupima agaciro kawe nk'umugabo'. »
Ahubwo avuga ko ivyiyumviro vyerekeye ubwiza bw'abagabo vyahindutse.
« Si abagore gusa bakwiye kujana n'ibihe. Abagabo na bo nyene bakwiye kubikora.
Abandanya ati: « N'ikibano ubwaco kiriko kirahinduka. Nguma nibaza ku kuntu ibimenyeshamakuru bishikiriza ibintu bishobora kugira ingaruka nini ku buzima bwa misi yose muri iki gihe».
« Ni nk'uko udashobora kuja ahantu na hamwe ngo ntubone umuntu afise isura itunganye nk'iyo ubona ku mafoto. »
Iyo ugiye ku mbuga z'ibigo bitanga 'services' zo kwongereza ubunini bw'ibihimba vy'irondoka vy'abagabo – aho usanga zikubaza ibibazo nka « Mbega urumva isoni kubera ubunini bw'igitsina cawe? » - urashobora kubona ingene zungukira kuri ico ciyumviro.
Hari uburyo butandukanye bwo guhindura canke kwongereza ubunini bw'igitsina. Hari ubwo kubaga, ubudakoresha kubaga, hamwe n'ibikoresho canke imiti itandukanye ishobora guterwa mu gitsina.
Uburyo bukoreshwa cane ni ubwo gutera umuti umeze nka 'gel' witwa 'acide hyaluronique' – utuma igihimba c'irondoka caguka kikavyibuha.
Dr. Javed Hussain amaze umwaka urenga akora ibikorwa vyo gutera imiti ituma igihimba c'irondoka congerekana mu kigo ciwe c' i Prestwich, muri Greater Manchester.
Hussain yabanje kwiga ivy'ubuganga imbere y'uko aja mu bikorwa vyo kunagura ubwiza. Ariko ibijanye no gutera imiti yongereza ubunini bw'igihimba c'irondoka, mu mategeko, ntibisaba ko uwubikora aba yize ivy'ubuvuzi.
Avuga ko ababisaba bariko barongerekana. Yagiye yakira abagabo b'imyaka itandukanye - bamwe bafise imyaka 20, mu gihe umukiriya wiwe yasumba bose yari afise imyaka 72.
Imbere yo kubatera umuti, yabanza kubaganiriza ku bijanye n'amagara yabo, akababaza igituma bashaka kwongererezwa ubunini bw'igihimba c'irondoka, ivyo biteze ku ngaruka zavyo, bakanaganira mu buryo bwagutse ibijanye n'ingaruka zishobora kubashikira muri rusangi.
Umusi wo gushira mu ngiro igikorwa, yatera mu gihimba c'irondoka inshinge za wa muti incuro zitatu - hejuru no ku mpande zompi. Ahejeje gutera uwo muti, yaca akandakanda igihimba kugira umuti ukwire hose wongere ufate neza, n'umurwayi akabandanya abikorera muhira.
Ku mafaranga 3.500 vy'amapawundi, Hussain avuga ko abagabo bashobora kwitega ko igihimba cabo gishobora kwiyongera hagati ya 10% na 20% mu kiringo c'amezi atandatu canke cenda yaca akurikira.
Ariko n'ingorane ntizabura. Zimwe ni izisanzwe, nk'ububabare, ibisebe bito, hamwe n'uko umuti ushobora kudakora neza ahantu hose. Mu zikomeye nazo harimwo ukuziranirwa canke ugusebura kw'igisebe umuntu akamererwa nabi cane.
Hari n'akaga k'uko ibihimba bihambaye hamwe n'imitsi y'amaraso yo mu gitsina gabo bishobora kwononekara, bikaba bifise uruhara runini mu gutuma igitsina gihagarara.
Abajijwe igituma yizera gutanga 'services' zitera impungenge abaganga, Hussain avuga ko « atahura neza na neza » igituma bamwe muri bo bagira impungenge.
Ati: « Izo mpungenge zishingiye ku ntumbero nziza, ariko abagabo bararonka akarusho muri ubwo buryo".
Hussain avuga ko afise « umugambi w'icokorwa ningoga », kugira imiti ishonge hamwe hoba habaye ingaruka ku gihimba c'irondoka bayiteyemwo. Avuga kandi ko « ku bw'amahirwe, tutarigera dukenera kubikora », n'ubwo BBC idashobora kubigenzura mu buryo bwigenga.