Ukraine: Igituma Moscou yanka kuvuga menshi ku bijanye n'agahengwe gaherutse gutangazwa na Trump

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Steve Rosenberg
- Igikorwa, Umwanditsi mukuru wa BBC ku Burusiya
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Ku wa Mungu, Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatangaje ko Uburusiya na Ukraine vyumvikanye guhagarika ibitero bigabwa ku bikorwa remezo vy'amasoko ntanganguvu, aho yemeje ko ayo masezerano aca atangura gukurikizwa buno nyene.
Volodymyr Zelensky wa Ukraine yamenyesheje ko ayo makuru yari "mashasha kuri jewe", mu gihe Uburusiya butaragira ico buvuga ku mugaragaro kuri ayo masezerano.
None, ni nde ariko avuga iki?
Donald Trump avuga ko Uburusiya na Ukraine vyumvikanye guhagarika ibitero ku bikorwa remezo vy'amasoko ntanganguvu.
Kyiv iribaza iti: Vy'ukuri agahengwe karumvikanyweko? N'ubwo biri uko, ivuga ko yiteguriye kwemera ayo masezerano, hamwe Uburusiya na bwo nyene bwogira butyo.
Uburusiya bwo buriko buvuga bike cane.
Mu kiganiro agirana n'abamenyeshamakuru biciye kuri terefone buri musi, Dmitry Peskov, umuvugizi wa Perezida w'Uburusiya, yarabajijwe nimba ayo masezerano yo guhagarika ibitero yari yumvikanyweko.
Yishuye ati: "Ukuvugana birabandanya."
Yongeyeko ati: "Nitwaronka ico twovuga kuri iki kibazo, nta nkeka tuzobamenyesha."
Peskov ashobora kuba ata vyinshi yari afise vyo kuvuga kuri ico kibazo, ariko ibinyamakuru bishigikiye Kremlin vyo vyaragize ico bivuga.
Vyise itangazo rya Perezida Trump ryerekeye guhagarika ibitero ku bikorwa remezo vy'inguvu "ingabire" yagabiye Moscou.
"Ego cane, turavyungukirako." Ni ko ikimenyeshamakuru Moskovsky Komsomolets, gishigikiye ubutegetsi bw'Uburusiya, cavuze.
Congeyeko kiti: "Bisigura ko ico Uburusiya busabwa gukora gusa ari ukutazosambura uruganda rwa nyuma rugitunganya ibitoro rusigaye muri Ukraine.
"Rumaze guterwa incuro nyinshi. Ubu rukora nabi nabi.
"Ariko Kyiv ntizokwemererwa gutera inganda nyinshi zitunganya ibitoro dufise.
"Mu vy'ukuri, ni amasezerano agirira akamaro uruhande rumwe gusa, ari rwo twebwe. Ni co gituma ata n'umwe hano mu Burusiya yayiyamirije ku mugaragaro."
Mu yandi majambo, Moscou ibona ko itangazo rya Trump ribuza Ukraine kugira ico ikora, ariko ntiribuze Uburusiya gukora ico bushaka.
Mu mezi aheze, ibitero vya drone za Ukraine zigera ku ntera ndende vyagabwe ku bibanza vy'Uburusiya bitunganirizwamwo ibitoro, vyateje uruhombo rukomeye, bituma haba n'ikena ry'ibitoro mu gihugu cose.
Hamwe ivyo bitero vyobandanya, Abarusiya bashobora no kuvuga ko Kyiv iriko ishira mu kaga inyungu z'ubutunzi za Amerika - hamwe n'amahirwe y'Umugambwe w'aba Républicains yo gutsinda amatora yo hagati y'ikiringo ategekanijwe mu kwezi kuri imbere kwa Munyonyo (11).
Abategetsi b'Uburusiya bazovuga ko ivyo bitero bibangamira amasezerano Trump na Putin baheruka kugiranira yerekeye kwinjiza muri Amerika igitoro ca mazutu kiva mu Burusiya.
Trump yavuze ko ayo masezerano azogirira akamaro abaguzi bo muri Amerika, n'ubwo abatari bake bagikekeranya ko igitigiri c'utugunguru tw'igitoro tuzokwinjizwa muri Amerika gishobora kuba kinini ku rugero rwotuma ibiciro vy'ibitoro bigabanuka cane.

Ahavuye isanamu, SPUTNIK/KREMLIN POOL/EPA/Shutterstock
N'ubwo biri uko, Kremlin izonezerwa cane hamwe ibitero vya drone za Ukraine ku bibanza bitunganirizwamwo ibitoro vyotera gushegeshwa n'ishavu muri White House (ibiro vya Perezida wa Amerika), bigatuma Amerika igabanya imfashanyo iha Kyiv.
Moscou yokwakira neza ingingo ya Washington yo guhagarika gusabikanya amakuru y'iperereza na Ukraine, hamwe n'iyo guhagarika kugurisha ibirwanisho ku bihugu vya Buraya, ibigwanisho biba bigenewe Ukraine.
Ubutegetsi bwa Moscou busanzwe bwaguwe neza n'amajambo ya Trump aho yagize ati: "Ndibaza ko igihe kigeze ngo Ukraine ironke uwundi Muperezida."
Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yasavye Uburusiya guhagarika intambara mu kiringo c'imisi 60, kugira ngo igihugu ciwe gishobore gutunganya amatora ya perezida.
Moscou yavyakiriye gute?
Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu w'Uburusiya), Dmitry Peskov, yavuze ati: "Kremlin na Perezida bamaze kuvuga incuro nyinshi ko tudashaka agahengwe k'agateganyo mu ngwano, ahubwo dushaka amahoro arama, kandi twiteguriye gukora ibishoboka vyose kugira tuyashikeko."
"Ibishoboka", ntiharimwo guhagarika ingwano mu kiringo c'imisi 60, canke imisi 30, canke ikindi kiringo cose kiri hafi y'ivyo.
Ku wa mbere, Kremlin yatanze iciyumviro c'uko intambara yohagarara umusi umwe gusa, kugira ngo ayo matora ashobore kuba muri Ukraine.
Haba muri Ukraine canke mu bihugu vy'uburengero, ico ciyumviro ntikizobonwa nk'ikimenyetso gifadika c'uko Uburusiya bwipfuza guhagarika intambara.
Ariko ivyo ntibitangaje.
Vladimir Putin ntiyigeze yerekana ugushaka gukwiye kwo guhagarika ingwano.
Amajambo aheruka gushikirizwa n'uwo mutegetsi, insiguro ziwe n'ibimenyetso yatanze vyerekana ko, uko igihe c'imbeho cegereza, Uburusiya bwizigiye ko ibitero bubandanya kugaba bizokwongereza cane igitutu kuri Ukraine.
Ku wa mbere, Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu w'Uburusiya, Sergei Lavrov, yavuze ko Ukraine idakwiriye kuronka "agahengwe" koboneka habanje kuba ihagarikwa ry'ingwano vy'agateganyo.
Kremlin ivuga ko ishaka "amahoro arama", ariko muri iki gihe irabandanya intambara.
Ku wa mbere, Zelensky yavuze ko Uburusiya bwari bwateye ibibanza vyinshi vy'amasoko ntanganguvu hirya no hino muri Ukraine, mu gihe c'ijoro no mu gitondo.
Ikimenyeshamakuru Moskovsky Komsomolets gishigikiye ubutegetsi bw'Uburusiya canditse kiti: "Kano karyo gakwiye gukoreshwa mu gusubiza Ukraine mu bihe vya kera cane, kugira ihatirwe kwemera amahoro ashingiye ku bisabwa n'Uburusiya."
Intumbero ya Kremlin ntiyahindutse: ukwishikana kwa Ukraine.
Moscou isa n'iyizera ko amasezerano ya Trump yerekeye igitoro ca mazutu, hamwe n'ukuntu Perezida wa Amerika agenda arushiriza kubura ukwihangana kuri Zelensky, bizofasha Uburusiya gushika kuri iyo ntumbero.













