Trump yimuye ubwato bwa nikereyeri bugendera munsi y'amazi inyuma y'amajambo y'uwahoze atwara Uburusiya

    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump avuga ko yatanze itegeko ryo ''gushira mu ntara zibereye'' ubwato bubiri bwa nikereyeri bugendera munsi y'amazi kubera ''amajambo ahanitse'' y'agasomborotso y'uwahoze ari perezida w'Uburusiya Dmitry Medvedev.

Trump yavuze ko ivyo yabikoze ''hamwe vyoshika ayo majambo asara kandi aturira ntagarukire ngaho. Amajambo ni ikintu gikomeye, kandi hari igihe ashobora gushikana ku ngaruka zitari zigambiriwe, nizeye ko ivyo bitazoba kimwe muri ivyo bihe''.

Ntiyavuze ubwo bwato iyo bwarungitswe, mu kwubahiriza uko bisanzwe bikorwa mu gisirikare ca Amerika.

Medvedev ubu vuba yarakangiriye Amerika asubiza ku kiringo ntarengwa Trump yahaye Uburusiya kugira bube bwumvikanyene na Ukraine ku masezerano yo guhagarika intambara, canke naho bufatirwe ibihano bikomeye.

Uburusiya na Amerika ni vyo bitunze ibigwanisho vya nikereyeri vya mbere bikomeye kw'isi, kandi ibihugu vyompi birafise ubwato bwa nikereyeri bugendera munsi y'amazi.

Mu butumwa yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social, Trump yanditse ati: ''Mfatiye ku majambo ahanitse y'agasomborotso y'uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Uburusiya, Dmitry Medvedev, ubu ari icegera c'umukuru w'urwego rujejwe umutekano rw'Uburusiya, nategetse ko ubwato bubiri bwa nikereyeri bushirwa mu ntara zibereye''.

Umukuru wa Amerika ntiyavuze niba ari ubwato bugendera ku nguvu za nikereyeri canke ari ubwato bw'ibigwanisho vya nikereyeri muri ubwo butumwa kuri Truth Social.

Avugisha abamenyeshamakuru ku wa gatanu, Trump yavuze ati: ''Harabaye ugukangira, kandi twibaza ko bitari bibereye. Rero ntegerezwa kwiyubara cane.

''Ivyo ndabikora nisunze umutekano w'abanegihugu bacu. Harabaye ugukangira bikozwe n'uwahoze ari umukuru w'Uburusiya. Rero tuzokingira abenegihugu bacu''.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya - Kremlin - gushika ubu ntaco birashikiriza ku mugaragaro kuri ico kibazo, ariko isoko ry'imitahe ry'i Moscou ryarakorotse cane inyuma y'aho Trump avugiye ivyo.

Trump na Medvedev ubu vuba barateranye amajambo akatari gake ku mbuga hwaniro.

Ivyo bibaye inyuma y'aho Trump ahereye Putin ikindi gihe ntarengwa co kurangiza intambara ya Ukraine bitarenze itariki 8 Myandagaro (8) - Putin akaba ata kimenyetso arerekana ko azobikora.

Imbere y'aho ku wa mbere, Trump yari yashinze igihe ntarengwa c'iminsi ''10 canke 12''. Mu kwezi kw'indwi, yakangishije ko azoshira amakori ahanitse ku bitoro n'ibindi bicuruzwa Uburusiya bushora hanze hamwe Putin atorangiza intambara mu minsi 50.

Medvedev - yabaye umukuru w'Uburusiya kuva mu 2008 gushika mu 2012 - muri iyi ndwi yagirije Trump gukina ''umukino w'iherezo n'Uburusiya''.

Mu butumwa kuri X mu kwezi kw'indwi, Medvedev yavuze ko ''igihe ntarengwa gishasha ico ari co cose ari igikangisho kandi ari intambwe igana ku ntambara''.

Yanavuze ko igihe ntarengwa ca Trump ari ''ikinamico'', avuga ko ''Uburusiya ataco bibubwiye''.

Ku wa gatanu si bwo bwari ubwa mbere Trump azubiza ku majambo ya Medvedev. Ku wa kane, yari yavuze ko Medvedev ari ''uwahoze ari umukuru w'Uburusiya ataco amaze, yibaza ko akiri umukuru w'igihugu''.

Trump yanagabishije Medvedev ''gucungera amajambo yiwe'', yongerako ko ariko arinjira mu karere kabangamye cane!''

Medvedev arashigikiye intambara Uburusiya bwagavye ku gihugu cose ca Ukraine mu 2022, kandi asanzwe atarya umunwe mu kunegura ibihugu vya Buraya na Amerika.