Bénin: Wadagni ashigikiwe n'ubutegetsi yatsinze amatora ku majwi arenga 94%
Umushikiranganji w'ubutunzi wa Bénin, Romuald Wadagni, yatsinze amatora ya perezida muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika ku majwi arenga 94%, nk'uko ivyavuye mu matora vy'agateganyo vyatangajwe ku wa mbere n'umurwi ujejwe gutegura amatora bibigaragaza.
Ivyo biharuro bishingiye ku bice birenga 90% vy'amajwi yaharuwe, mu gihe abitavye amatora ari ibice 58.78%, nk'uko vyatangajwe n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, risubiramo amagambo ya Sacca Lafia, umukuru w'umurwi ujejwe amatora.
Umukandida atavuga rumwe n'ubutegetsi, Paul Hounkpe, ari we wenyene yari ahanganye na Wadagni muri ayo matora, yemeye ko yatsinzwe, avuga ko uko ivyavuye mu matora vyari biriko biraja ahabona vyaboneka ko Wadagni ari we yariko aratsinda.
Wadagni, w'imyaka 49, ashigikiwe n'urunani ruri ku butegetsi kandi abonwa nk’uwarungitswe gusubirira Perezida asanzwe ari ku butegetsi Patrice Talon, yari amaze igihe abonwa nk’uwuzotsinda ayo matora inyuma y'aho abatavuga rumwe n'ubutegetsi bananiwe gushiraho umukandida akomeye.
Ubu agiye ku butegetsi mu gihe Bénin ihanganye n'ingorane z'umutekano mu buraruko, harimwo ibitero bifitaniye isano n'imigwi yitwaje intwaro yiyitirira idini ya Isilamu, hamwe n'ubukene bubandanya naho ubutunzi bw’igihugu bwo bwagiye buratera imbere.
Izindi nkuru wosoma: