Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibihugu bikenye bizofashwa mu vy'ihinduka ry'ibihe
Ibanki y'isi yatanguje umugambi wo kwongera imfashanyo gushika ku 50% mu mugambi wo gufasha ibihugu biri munzira y'amajambere guhangana n'ihindagurika ry'ibihe.
Iyo banki itegekanya gushika mu mwaka w'2020, yongeye ku mahera ikoresha ku mwaka, imiriyaridi zitatu n'imiriyoni amajana atanu z'amadolari, mu ntumbero yo guha ingoga igisata c'abikorera utwabo.
Imwe mu ngingo z'uwo mugambi n'ukwongera amasoko ntanganguvu adahumanya ikirere mu kuronsa umuyagankuba ingo zishika imiriyoni ijana na mirongo itanu.
Ibanki y'isi kandi itegekanya gushora amahera muco yise "climate smart" mu burimyi ku bihugu mirongo ine, inongere amahera akoreshwa mu kwunguruza abantu n'ibintu hakoresheje ubuhinga butabangamira ibidukikije.