Mwakoze kubana natwe uyu munsi, aha ni ho dusoreje amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo.
Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
U Rwanda rwagiranye amasezerano na Aston Villa yo kurwamamaza muri 'Visit Rwanda'
Aya masezerano na Aston Villa agezweho nyuma yuko amasezerano u Rwanda rwari rufitanye na Arsenal arangiranye n’umwaka w’imikino ushize.
Incamake
- U Rwanda rwagiranye amasezerano na Aston Villa yo kurwamamaza muri 'Visit Rwanda'
- EU yabujije itumizwa rya zahabu muri Sudan mu muhate wo kugabanya amafaranga yo mu ntambara
- Isesengura: Nanone Iran irimo kwitwara neza mu ngorane mu buryo butangaje
- Indege z'i Burayi zaburiwe kutagurukira mu kirere cy'ibihugu byo mu Kigobe cy'Abarabu
- Donald Trump yavuze ko bariko bakubita Irani "bikomeye cane" inyuma y'ibitero vyabaye mw'ijoro rigira gatatu vyikurikiranya, mu gihe ukurasana hagati y'ibi bihugu bibiri kwiyongereye.
- Ibihugu icenda: Danemark, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuholandi, Norvege, Espagne, Suwede n'Ubwongereza vyemeranije gushingira hamwe na Ukraine urunani rwo kwivuna ibisasu vya misire za ballistique.
- Umugore yagirizwa kwica umugabo wiwe mu Buhindi akoresheje umuti usukura akazu ka surwumwe; uyo mugabo yari aherutse gutahuka avuye muri Arabia Sawudite, akaba yaboneka ko yoburabuza imigenderanire y'uwo mugore n'umukunzi wiwe.
- Indongozi y'ikirenga ya Irani Mojtaba Khamenei, ntarigera aboneka na rimwe kuva aho asubiriye se mu ntango z'ukwa gatatu, Trump we akemeza ko "yamaze kuzimangana ku rugero rwa 90 kw'ijana".
- Umutamakazi Nacumi Jeneroza batazira "Nkoni Yera" yahoze ari umuririmvyi mbere yaririmbiye ku kirimba c'umukuru w'igihugu Michel Micombero yapfuye.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu
U Rwanda rwagiranye amasezerano na Aston Villa yo kurwamamaza muri 'Visit Rwanda'
Ikipe ya Aston Villa yatangaje 'Visit Rwanda' nk'umuterankunga izajya yamamaza imbere ku mupira wo kwambara w’abakinnyi b’iyo kipe mu mwaka w’imikino utaha wa 2026-2027.
Umukuru w’ibikorwa by’ubucuruzi w’iyo kipe, Francesco Calvo, avuga ko ayo masezerano ari “ikimenyetso cyo gukomeza kwaguka kw’iyi kipe”.
Gahunda ya ‘Visit Rwanda’ yo kwamamaza ubukerarugendo bw’u Rwanda mu gushishikariza kurusura, izaba umufatanyabikorwa mukuru w’iyo kipe, umufatanyabikorwa mu bukerarugendo ndetse n’utanga ikawa – ndetse icyo kirango cya ‘Visit Rwanda’ cy’ikigo cy’u Rwanda cy’iterambere (RDB) kizajya kiboneka imbere mu myenda y’ikipe y’abagabo, iy’abagore n’iy’irerero.
Calvo yagize ati: “Ubu ni ubufatanye bwiza cyane kuri Aston Villa.” Yongeyeho ati: “Hari amahirwe menshi cyane y’ubufatanye, kwiga no guhanga udushya.
“Dufite amashyushyu yo gukorana na Visit Rwanda mu gukora ibikorwa by’ingirakamaro binyuze mu bukerarugendo, ishoramari n’iterambere ry’imikino.”
Umuyobozi nshingwabikorwa wa RDB, Jean-Guy Afrika, yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X ko ubu bufatanye butanze uburyo bukomeye bwo “kwegereza cyane u Rwanda abantu babarirwa muri za miliyoni bo ku isi, kubahamagarira gusura, gushora imari, gukora ubucuruzi no kumenya imbaraga n’amahirwe biri mu gihugu cyacu”.
Ku rutonde rwa shampiyona ya Premier League rwo mu mwaka ushize w’imikino, Aston Villa yarangije iri ku mwanya wa kane.
Aya masezerano na Aston Villa agezweho nyuma yuko amasezerano u Rwanda rwari rufitanye na Arsenal arangiranye n’umwaka w’imikino ushize, mu gihe abafana bamwe ba Arsenal bayamaganaga kubera uruhare u Rwanda rushinjwa kugira mu ntambara yo mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, ikirego ruhakana.
Izindi nkuru wasoma:
EU yabujije itumizwa rya zahabu muri Sudan mu muhate wo kugabanya amafaranga yo mu ntambara
Umuryango w’Ubumwe bw’Uburayi (EU/UE) wabujije igurwa, itumizwa n’iyoherezwa rya zahabu yo muri Sudan, uvuga ko ubwo bucuruzi bwabaye isoko y’ingenzi ivamo amafaranga akoreshwa mu ntambara yo muri icyo gihugu yatangiye muri Mata (4) mu mwaka wa 2023.
Iyo ntambara hagati y’ingabo za Sudan n’umutwe witwara gisirikare wa RSF (Rapid Support Forces) yateje amwe mu makuba mabi cyane ku isi ajyanye n'imibereho, bituma abantu barenga miliyoni 14 bata ingo zabo.
Sudan ni kimwe mu bihugu bicukurwamo zahabu nyinshi muri Afurika ndetse ububiko bunini cyane bwayo bwahindutse isoko y’ingenzi cyane iturukamo amafaranga akoreshwa n’impande zombi ziri mu ntambara, nkuko bitangazwa n’imiryango iharanira uburenganzira bwa muntu.
Abaminisitiri b’ububanyi n’amahanga bo mu bihugu byo muri EU bemeje izo ngamba hamwe no kubuza iyoherezwa muri Sudan ry’ibinyabutabire bya mercury na cyanide, bikoreshwa cyane mu bucukuzi bwa zahabu.
Inzobere za ONU hamwe n’abandi basesenguzi bavuga ko zahabu irenga kimwe cya kabiri – ndetse bamwe bagereranya ko igera kuri 70% – yo muri Sudan buri mwaka ikurwa muri icyo gihugu mu buryo bwa magendu.
RSF igenzura byinshi mu birombe bya zahabu by’i Darfur n’i Kordofan – mu burengerazuba no hagati muri icyo gihugu, mu gihe ingabo za Sudan zigenzura ubucukuzi bwa zahabu bwo mu turere two mu majyaruguru no mu burasirazuba.
Zahabu akenshi ikorwamo magendu ikanyuzwa mu bihugu bituranye na Sudan, birimo Misiri, Tchad na Libya, nyuma ikagera i Dubai muri Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE), aho hakaba ari ihuriro rikomeye ku isi ritunganyirizwamo ndetse rikanacururizwamo zahabu.
Izindi nkuru wasoma:
Isesengura: Nanone Iran irimo kwitwara neza mu ngorane mu buryo butangaje
Nubwo Amerika iyirusha kure cyane imbaraga za gisirikare, Iran irimo kugera ku nyungu runaka yo mu gihe kirekire kuri uyu bahanganye, nkuko byandikwa n'umunyamakuru wa BBC ku mutekano Frank Gardner.
Irimo kubikora nanone binyuze mu gutuma Umuhora wa Hormuz uba ahantu hateje akaga ku muntu wahanyura – keretse amato akurikije amategeko mashya ya Iran ndetse abasare bakanyuza amato mu nzira yo mu majyaruguru kugira ngo agenzurwe kandi bishobotse yishyure amafaranga yo kuhanyura.
Ni na ko kandi Iran irimo guha igihano cya nijoro inshuti z’Abarabu z’Amerika zo muri ako karere kubera ko zicumbikiye ibigo bya gisirikare byayo. Birasa nkaho Iran nta kibazo ifite cy’ubucye bw’indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drone) n’ibisasu bya misile byo kurasa kuri izo nshuti z’Amerika.
Kuba Amerika yongeye kuzitira inzira yo mu mazi no ku byambu bya Iran, ibyo bizashegesha ubukungu bwa Iran busanzwe bucumbagira.
Ariko Iran irabizi ko gutuma uwo muhora utaba nyabagendwa bizanagira ingaruka ahandi ku isi, ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli bigatumbagira ndetse bikagira n’ingaruka ku mahirwe ya Perezida Donald Trump mu matora yo hagati muri manda asigaje igihe kitageze ku mezi ane ngo abe.
Izindi nkuru wasoma hano:
Indege z'i Burayi zaburiwe kutagurukira mu kirere cy'ibihugu byo mu Kigobe cy'Abarabu
Ikigo cy’umutekano w’ingendo z’indege cy’ibihugu byo mu muryango w’Ubumwe bw’Uburayi (EASA) cyaburiye kompanyi z’indege kudakorera ingendo mu kirere cya Bahrain, Kuwait, Qatar, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE), no kudaca hejuru y’amazi y’Ikigobe cya Oman.
Ikigo EASA kivuga ko “ibintu birimo kuba mu bya gisirikare bitateganyijwe, hamwe no kuba hashobora kubaho ikoreshwa rya za misile, ‘drones’ [indege nto z’intambara zitajyamo umupilote], indege z’intambara ndetse n’uburyo bwo kurinda ikirere” muri ako karere, byateje “ibyago biri hejuru” ku ngendo z’indege.
Iyi nama iki kigo cyagiriye kompanyi z’indege z’i Burayi ifite agaciro ko kugera ku itariki ya 29 y’uku kwezi kwa Nyakanga (7). Icyo kigo cyongeyeho ko kizakurikiranira hafi uko ibintu bimeze.
Izindi nkuru wasoma:
Nacumi Jeneroza batazira ‘Nkoni Yera’ yaraye apfuye
Amakuru ava mu muryango wiwe avuga ko umuririmvyikazi w’Umurundikazi, Nacumi Jeneroza, wo mu ntara ya Kirundo ya kera (Butanyerera y'ubu) yapfuye mw’ijoro ryakeye.
Uno mukenyezi batazira “Nkoni yera” ni we yaririmvye, ubwa mbere - mu 1968 -, uru ruririmbo rwamenyekanye cane mu Burundi. Azwi mu ndirimbo zitari nke harimwo nka “Amabano y’inka” zagiye zisubirwamwo n’abaririmvyi, ibintu bitamunezereza, nk’uko yabiwiye BBC mu kiganiro yagiranye na we mu mwaka wa 2017.
Uno mutamakazi yahoze ari umuririmvyi, mbere yaririmbiye ku kirimba c’umukuru w’igihugu Michel Micombero, apfuye ku myaka 78.
Yaba ku mutumba Kavomo uri nko ku birometero bitatu uvuye ku murwa mukuru wa Kirundo.
Indongozi y’ikirenga ya Irani iri hehe?
Indongozi y’ikirenga ya Irani Mojtaba Khamenei, ntarigera aboneka na rimwe muri videwo canke ifoto vyemejwe ko ari rwiwe, kuva aho asubiriye se mu ntango za Ntwarante (3).
Vyagugwa ko yakomerekeye mu gitero cahitanye se wiwe Ali Khamenei ku wa 28 Ruhuhuma (2) ku mugwa mukuru Tehran, igihe Amerika na Israel vyatangura ibitero kuri Irani ku musi wa mbere w’intambara. Ariko rero, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Irani bwarahakanye amakuru yavuga ko yoba yari yakomeretse cane.
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika wewe yemeza ko Mojtaba Khamenei “yamaze kuzimangana ku rugero rwa 90 kw’ijana”.
Gushika ubu, kuva ku wa 8 Ntwarante hagiye hasohoka ubutumwa bwinshi bwanditswe buvugwa ko ari ubwa Mojtaba Khamenei.
Mu butumwa buheruka bwashizwe ahabona iminsi itatu iheze, Khamenei yahíga ko azohora urupfu rwa se. Mu minsi iheze, bamwe mu bategetsi ba Irani na bo nyene bagiye bavuga amajambo nk’ayo.
Mojtaba Khamenei ntiyigeze aboneka ku mugaragaro mu birori vyamaze indwi yose vyo gusezera se, vyabaye mu ntango z’uku kwa Mukakaro (7), naho benewabo bitavye ivyo birori.
Gushika ubu, ikibazo c’ukumenya aho aherereye kiracari ngaho.
Ariko Israel yari yararahiye irarengwa imbere n’inyuma y’uko Mojtaba Khamenei aba Indongozi y’ikirenga ya Irani, ko izomuhiga kugira ngo imurase.
Gushika ubu nta n’umwe azi igihe azobonekera ku mugaragaro nimba bizotebabigashika.
Ayandi makuru hano:
Umugore yagirizwa kwica umugabo wiwe mu Buhindi akoresheje umuti usukura akazu ka surwumwe
Umugore umwe wo mu gihugu c’Ubuhindi ari mu minwe y’inzego z’umutekano yagirizwa kwica umugabo wiwe afadikanije n’abagabo babiri, mu caha abaporisi bavuga ko carimwo kumuha ibiyayuramutwe, kumukororera hasi avuye ku rubaraza rwo hejuru rw’inzu no kumutera umuti usukura ubwiherero.
Uragaba: Iyi nkuru irimwo amakuru ashobora guhungabanya canke gutera ubwoba bamwe mu basomyi.
Komiseri w’igiporisi Suresh Kumar wo mu karere ka Nazimabad, mu ntara ya Telangana, yavuze ko abo bagirizwa ico caha bakekwa ko bakoze uwo mugambi bamaze kubona ko uyo mugabo yari aherutse gutahuka avuye muri Arabia Sawudite, yoshobora kuburabuza imigenderanire y’uwo mukenyezi n’umukunzi wiwe.
Suresh Kumar yavuze ati: "Twafashe umukenyezi umwe hamwe n’abagabo babiri bagirizwa guha ibiyayuramutwe umugabo w’uwo mukenyezi, kumukororera hasi avuye ku rubaraza rwo hejuru, no kumutera umuti usukura akazu ka surwumwe kugira bamwice".
Abaporisi bavuga ko abo bagirizwa ico caha bagerageje kwica uwo mugabo incuro zibiri mu masaha 24 imbere y’uko apfa kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi (6).
Nk’uko abaporisi n’umuryango wa nyakwigendera babivuga, Dayani Prashant w’imyaka 36 yari yubakanye na Scindia mu myaka 12 iheze mu mwumvikano hagati y’imiryango. Bari bafise abana babiri b’imyaka icenda n’indwi.
Imbere y’uko arongorwa, Scindia yari yarize ivy’ubuforomokazi kandi yakora nk’umuforomokazi ku bitaro vy’abigenga mu gisagara ca Nazimabad.
Abaporisi baracabandanya amatohoza, mu gihe abo bagirizwa ico caha bariko barakurikiranwa ku caha c’ubwicanyi.
Ayandi makuru hano:
Ibihugu icenda vya Buraya vyemeranije gushingira hamwe na Ukraine urunani rwo kwivuna misire za 'ballistique'
Ibihugu icenda vya Buraya aho vyari vyahuriye i Paris mu nama na Ukraine, vyaraye vyemeranije gushinga urunani rwo kwikingira ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa ballistique.
Nk'uko vyatangajwe n’ibiro vy’Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron, Danemark, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuholandi, Norvege, Espagne, Suwede n’Ubwongereza vyemeranije gushingira hamwe na Ukraine urwo runani rusangi.
Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa vyavuze ko ivyo bihugu vyemera ko akaga gaturuka kuri izo misire kariko kariyongera, ko rero biriko birashinga urwo runani rw’ukwivuna kugira ngo ruteze imbere uburyo buhanitse bwo guhangana nazo.
“Twemera ko hakenewe inyishu rusangi kugira ngo Uburaya bukingirwe neza – uburyo rusangi bwo gukinga no guhangana n’akaga ka misire gashobora kuzoba muri kazoza, buzotegurirwa hamwe, bushingiye ku gusangira ubuhinga no ku gufashanya mu bijanye n’amahinguriro”, ni ko ibi bihugu cumi bivuga mw’itangazo.
Iri tangazo rivuga kandi ko bazokwigira ku buhinga bwihariye bwa Ukraine, yakuye mu burambe imaze kugira mu ntambara n’Uburusiya.
Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) imaze igihe igendera kuri misire zo mu bwoko bwa Patriot z’Abanyamerika mu kwivuna ibisasu vya ballistique vy’Uburusiya, ariko izi misire zakeshe.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashitse i Paris ku wa mbere afise intumbero yo kwihutisha ugufashanya n’ibihugu vya Buraya mu gutsimbataza uburyo bwa Ukraine bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere imbere y’igihe c’urushana, igihe c’umwaka Uburusiya busanzwe bwongereza cane ibitero vyabwo kugira ngo Abanya-Ukraine babure umuyagankuba, uburyo bwo gushusha amazu, hamwe n’amazi.
Yasavye abakuru b’ibihugu bitari bike vya Buraya kuja hamwe mu gutegura ingamba zo guhangana n’ibitero vya misire vy’Uburusiya vyasinzikaje cane Ukraine kandi vyatumye n’ibindi bihugu vya Buraya bigira amakenga ku migambi yagutse ya Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) kuri uwo mugabane.
Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu ziriyamiriza igitero ca Irani ku mato y'igitoro, inyuma y’ibitero bishasha vya Amerika
Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) zagirije Irani igitero “c’ubugome” ku mato abiri atwara igitoro mu Muhora wa Hormuz ku wa mbere, gihitana umuntu umwe kinakomeretsa abandi umunani, mu gihe Donald Trump avuga ko Amerika izotoza ikori ringana na 20% ku mizigo yose mu rwego rw’ingingo nshasha yo kuzibiria uno muhora.
Trump yavuze ko bariko bakubita Irani “bikomeye cane” inyuma y’ibitero vyabaye mw’ijoro rigira gatatu vyikurikiranya, mu gihe ukurasana hagati y’ibi bihugu bibiri kwiyongereye.
Umushikiranganji wa Irani ajejwe migenderanire yishuye kuri iyi ngingo yo kuzibira uno muhora, avuga ko Tehran ari yo “MURINZI” wawo.
Imishamirano ishingiye ku kugenzura Umuhora wa Hormuz ishobora kuburabuza utwigoro two guhagarika intambara, nubwo Trump ashimangira ko amasezerano agishoboka.
Mu gihe rero icuka kibi kuri uno muhora kibandanya ciyongera, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu zavuze nijoro ku wa mbere ko ibisasu vya misire vya Irani vyakubise amato abiri y’ico gihugu yunguruza igitiro, bihitana umwe mu bakozi b’Abahindi bari muri ayo mato vyongera bikomeretsa abandi umunani, muri bo bane bakomeretse cane.
Muri abo bakomeretse, batandatu bari Abahindi, mu gihe babiri bari Abanya-Ukraine, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji wa UAE ajejwe kwivuna abansi mw’itangazo yacishije ku rubuga rwa X.
Mu nyuma, ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) ryemeje ico gitero, mw’itangazo ryacishijwe ku rubuga rwa Telegram. Rivuga ko ayo mato abiri yirengagije igabishwa yahawe, akazimya ubuhinga butuma akurikiranwa kandi akagerageza guca mu nzira yari yatezwemwo ibisasu bitegwa mu mazi.
Mu kwishura, IRGC yavuze ko yaciye irasa ayo mato maze irayahagarika gukora.
Yongeye ivuga ko “ugukorana n’umwansi” ata kindi bizovyara atari ukwicuza, guhomba be n’ugucererwa kwugurura uwo muhora, ibi na vyo biteze ingorane y’igitoro kw’isi yose.
Uno muhora ubandanya kuryanisha Amerika na Irani, aho ejo ku wa mbere impande zompi zateranye ibisasu buri ruhande rurondera kuwugenzura, mu gihe mw’ijoro ryo ku wa Mungu zari zaraye zirarasana.
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.