IKIBIRIRAHO, Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu ziriyamiriza igitero ca Irani ku mato y'igitoro, inyuma y’ibitero bishasha vya Amerika

Trump yavuze ko bariko bakubita Irani “bikomeye cane” inyuma y’ibitero vyabaye mw’ijoro rigira gatatu vyikurikiranya, mu gihe ukurasana hagati y’ibi bihugu bibiri kwiyongereye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Ibihugu icenda vya Buraya vyemeranije gushingira hamwe na Ukraine urunani rwo kwivuna misire za 'ballistique'

    Igisasu ca misire yo mu bwoko bwa Thaad gisama izindi misire cariko kigeragezwa (ifoto yo mu bubiko)

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Igisasu ca misire yo mu bwoko bwa Thaad gisama izindi misire cariko kigeragezwa (ifoto yo mu bubiko)

    Ibihugu icenda vya Buraya aho vyari vyahuriye i Paris mu nama na Ukraine, vyaraye vyemeranije gushinga urunani rwo kwikingira ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa ballistique.

    Nk'uko vyatangajwe n’ibiro vy’Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron, Danemark, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuholandi, Norvege, Espagne, Suwede n’Ubwongereza vyemeranije gushingira hamwe na Ukraine urwo runani rusangi.

    Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa vyavuze ko ivyo bihugu vyemera ko akaga gaturuka kuri izo misire kariko kariyongera, ko rero biriko birashinga urwo runani rw’ukwivuna kugira ngo ruteze imbere uburyo buhanitse bwo guhangana nazo.

    “Twemera ko hakenewe inyishu rusangi kugira ngo Uburaya bukingirwe neza – uburyo rusangi bwo gukinga no guhangana n’akaga ka misire gashobora kuzoba muri kazoza, buzotegurirwa hamwe, bushingiye ku gusangira ubuhinga no ku gufashanya mu bijanye n’amahinguriro”, ni ko ibi bihugu cumi bivuga mw’itangazo.

    Iri tangazo rivuga kandi ko bazokwigira ku buhinga bwihariye bwa Ukraine, yakuye mu burambe imaze kugira mu ntambara n’Uburusiya.

    Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) imaze igihe igendera kuri misire zo mu bwoko bwa Patriot z’Abanyamerika mu kwivuna ibisasu vya ballistique vy’Uburusiya, ariko izi misire zakeshe.

    Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashitse i Paris ku wa mbere afise intumbero yo kwihutisha ugufashanya n’ibihugu vya Buraya mu gutsimbataza uburyo bwa Ukraine bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere imbere y’igihe c’urushana, igihe c’umwaka Uburusiya busanzwe bwongereza cane ibitero vyabwo kugira ngo Abanya-Ukraine babure umuyagankuba, uburyo bwo gushusha amazu, hamwe n’amazi.

    Yasavye abakuru b’ibihugu bitari bike vya Buraya kuja hamwe mu gutegura ingamba zo guhangana n’ibitero vya misire vy’Uburusiya vyasinzikaje cane Ukraine kandi vyatumye n’ibindi bihugu vya Buraya bigira amakenga ku migambi yagutse ya Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) kuri uwo mugabane.

  2. Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu ziriyamiriza igitero ca Irani ku mato y'igitoro, inyuma y’ibitero bishasha vya Amerika

    Donald Trump yavuze ko bariko bakubita "bikomeye" Irani

    Ahavuye isanamu, NurPhoto via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Donald Trump yavuze ko bariko bakubita "bikomeye" Irani

    Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) zagirije Irani igitero “c’ubugome” ku mato abiri atwara igitoro mu Muhora wa Hormuz ku wa mbere, gihitana umuntu umwe kinakomeretsa abandi umunani, mu gihe Donald Trump avuga ko Amerika izotoza ikori ringana na 20% ku mizigo yose mu rwego rw’ingingo nshasha yo kuzibiria uno muhora.

    Trump yavuze ko bariko bakubita Irani “bikomeye cane” inyuma y’ibitero vyabaye mw’ijoro rigira gatatu vyikurikiranya, mu gihe ukurasana hagati y’ibi bihugu bibiri kwiyongereye.

    Umushikiranganji wa Irani ajejwe migenderanire yishuye kuri iyi ngingo yo kuzibira uno muhora, avuga ko Tehran ari yo “MURINZI” wawo.

    Imishamirano ishingiye ku kugenzura Umuhora wa Hormuz ishobora kuburabuza utwigoro two guhagarika intambara, nubwo Trump ashimangira ko amasezerano agishoboka.

    Mu gihe rero icuka kibi kuri uno muhora kibandanya ciyongera, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu zavuze nijoro ku wa mbere ko ibisasu vya misire vya Irani vyakubise amato abiri y’ico gihugu yunguruza igitiro, bihitana umwe mu bakozi b’Abahindi bari muri ayo mato vyongera bikomeretsa abandi umunani, muri bo bane bakomeretse cane.

    Muri abo bakomeretse, batandatu bari Abahindi, mu gihe babiri bari Abanya-Ukraine, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji wa UAE ajejwe kwivuna abansi mw’itangazo yacishije ku rubuga rwa X.

    Mu nyuma, ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) ryemeje ico gitero, mw’itangazo ryacishijwe ku rubuga rwa Telegram. Rivuga ko ayo mato abiri yirengagije igabishwa yahawe, akazimya ubuhinga butuma akurikiranwa kandi akagerageza guca mu nzira yari yatezwemwo ibisasu bitegwa mu mazi.

    Mu kwishura, IRGC yavuze ko yaciye irasa ayo mato maze irayahagarika gukora.

    Yongeye ivuga ko “ugukorana n’umwansi” ata kindi bizovyara atari ukwicuza, guhomba be n’ugucererwa kwugurura uwo muhora, ibi na vyo biteze ingorane y’igitoro kw’isi yose.

    Uno muhora ubandanya kuryanisha Amerika na Irani, aho ejo ku wa mbere impande zompi zateranye ibisasu buri ruhande rurondera kuwugenzura, mu gihe mw’ijoro ryo ku wa Mungu zari zaraye zirarasana.

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.