Amerika ivuga ko iza kwugara ibivuko vya Irani uyu munsi

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisirikare ca Amerika kivuga ko kiza gutangura kwugara ibivuko vya Irani uyu munsi, ariko ko "kitazobuza" ubwato buca mu muhora wa Hormuz buja canke buva mu bindi bihugu.
Aya niyo makuru mashasha :
- Igisirikare ca Amerika kivuga ko uguhagarika ingendo zija n’izisohoka ku bivuko vya Irani biza gutangura isaha cumi, ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, kuri uyu wa mbere.
- Perezida wa Amerika, Donald Trump, avuga ko iryo tegeko aritanze kubera ko Irani “yananiwe kumenya” kwugurura umuhora wa Hormuz. Arongera akagabisha ko igisirikare co mu mazi ca Amerika “kizotera umuriro udahera” aba nya Irani bazogitera, kandi ko kizobuza ubwato ubwo ari bwo bwose buzoboneka ko bwarishe amahera Irani yo guca muri uwo muhora.
- Ibiciro vy’igitoro vyaduze birenga amadolari 100 ku kagunguru inyuma y’iyongerekana ry’ukutumvikana, ryakurikiye ibiganiro vy’amahoro vyabereye muri Pakistan mu mpera y’indwi ataco vyashitseko.
- Trump avuga ko ibiganiro vyabereye i Islamabad vyananiranye kubera "Iran idashaka kureka ivyipfuzo vyayo vy'ibirwanisho vya kirimbuzi".
- Umushikiranganji w’imigenderanire ya Irani n’ayandi makungu Abbas Araghchi avuga ko Irani yagiranye ibiganiro “n’umutima mwiza” na Amerika, mu gihe umukuru w'inama nshingamateka ya Irani, Mohammad Bagher Ghalibaf, arongoye ivyo biganiro, avuga ko Irani "itazokwitanga kubera iterabwoba".
- Igisirikare ca Irani kivuga ko ubwato bwa gisirikare bwegereye uwo muhora buzofatwa nk'ukurenga ku masezerano yo guhagarika intambara
Izindi nkuru wosoma :
