RD Congo: Inyuma y'uko havutse ihuriro rishasha rirwanya reta, ivya AFC/M23 bihereye aho?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) muri iki gihe havugwa ivuka ry'ihuriro rishasha rya politike na gisirikare rigwanya ubutegetsi bwa Kinshasa. FRN (Front pour la Refondation de la Nation), rirongowe na Joseph Kabila, yahoze arongoye RDC.

Iryo huriro rivutse mu gihe hari hasanzweho urundi runani rurwanya ubwo butegetsi bwa Kinshasa nyene, ari rwo AFC/M23. Mu myaka itatu iheze, rwarigaruriye uburere butandukanye mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo.

Ariko kuva havutse FRN, kimwe mu bibazo biguma bigaruka kijanye no kumenya neza kazoza k'urwo runani.

AFC/M23 ntikibaho

"Kuva umusi twasinya itangazo [kw'ivuka rya FRN], AFC/M23 yaciye ihagarara kubaho". Iyo ni inyishu itangwa na Lawrence Kanyuka, umwe mu bahora mu nzego za AFC/M23, ubu naho akaba ari umuvugizi w'ihuriro rishasha FRN.

N'ubwo urwo runani rutakibaho, ikigaragara ni uko benshi mu bahora bagize inzego zarwo bari mu rwego rurongoye FRN.

Joseph Kabila arongoye iryo huriro afise ivyegera bitatu mu bahora mu nzego zo hejuru za AFC/M23: Corneille Nangaa, Bertrand Bisimwa na General Sultani Makenga.

Mu kiganiro yagiranye na BBC Gahuzamiryango, mu rurimi rw'icongereza, Lawrence Kanyuka yagize ati: " Ivyaranguwe na AFC/M23, ubu vyinjijwe vyose muri FRN".

Ivuka rya FRN ryariyamirijwe na bamwe mu bategetsi bakomeye begereye Perezida Félix Tshisekedi wa RDC, n'ubwo uno mukuru w'igihugu we ataco arabivugako. Umwe mu bagize ico bavuga ni Vital Kamerhe yahoze ari umukuru w'Inama nshingamateka ku butegetsi bwa Joseph Kabila. Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, avuga ko umuntu adashobora guharanira amahoro mu gihe, muri ico gihe nyene, ariko yifatanya n'umuhari wa politike na gisirikare.

Kamerhe ashimangira ko Joseph Kabila akwiye kubazwa ivyo yakoze mu kiringo c'imyaka 18 yamaze arongoye RDC.

Ishingwa rya FRN riha ukuri Kinshasa?

Gushika ubu, ubutegetsi bwa Kinshasa ntaco buravuga kw'ishingwa ry'umuhari FRN. Yamara ku wa gatatu, itariki 14 Gitugutu, umukuru w'igihugu Félix Tshisekedi yarakoranije inama nkuru y'igihugu ijejwe kwivuna abansi. N'ubwo ivyayivugiwemwo bitamenyekanye neza, hari abibaza ko iyo nama yari ifitaniye isano n'ivuka rya FRN.

Inyuma y'iyo nama, umuvugizi w'igisirikare ca RDC, Général Sylvain Ekenge, yavuze ko umukuru w'igihugu yategetse inzego z'umutekano no kwivuna abansi gukingira igihugu, abanyagihugu n'ivyabo, nk'uko bigaragara ku rubuga rwa X rw'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa RDC.

Nta na kimwe avuga kuri FRN.

Ariko, ivuka rya FRN ryatangajwe mu gihe reta ya Kinshasa yari imaze igihe yagiriza Joseph Kabila gukorana na AFC/M23 - n'ubwo we yabihakana -, mbere n'ubutungane bwa RDC bukaba bwamuciriye urwo gupfa ku vyaha bifitaniye isano no gukorana n'urwo runani nyene hamwe n'intambara yo mu buseruko bw'ico gihugu.

Hari ababona ko ivyo Kabila yakoze bica biha ukuri reta ya Kongo.

Yamara, Lawrence Kanyuka avuga ko urubanza Kabila yaciriwe rwari urw'akarenganyo. Yemeza ko imbere y'uko havuka FRN ataho yari ahuriye n'urunani AFC/M23.

"Ubu twatanguje umuhari mushasha, ni ho yaje ngo tuje hamwe. Ivyakozwe imbere y'aho vyose ntivyari vyo", ni ko yabwiye BBC Gahuzamiryango.

Hagiye gukurikira iki?

Kuva havutse umuhari FRN, bamwe n'abandi baguma bibaza kuri kazoza k'ibiganiro vyari bimaze igihe bihuza ubutegetsi bwa Kinshasa na AFC/M23. Ni mu gihe hari amakenga ko uwo muhari ushobora gukomeza inzira y'intambara n'iyo kwigarurira uturere mu gisa no kwereka Kinshasa ko ufise inguvu.

Kuri ibi, Lawrence Kanyuka avuga ko FRN ihagaze ku biganiro, akagiriza ubutegetsi bwa RDC gushira imbere intambara. Ntaco reta ya RDC irashikiriza kuri ibi.

Ku kibazo co kumenya nimba FRN ifashwe mu mugongo n'Urwanda, nk'uko vyagiye bivugwa kuri AFC/M23, Kanyuka ntavyemeza canke ngo abihakane. Avuga ko Urwanda rufise ingingo zarwo z'ubwirinzi, ariko ko FRN igizwe n'abanye Kongo bari muri Kongo kandi barwanira inyungu zabo bwite.