Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika y’Epfo : Abarenga 900 barafashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira yabereye mu gihugu cose
Umuvugizi w'inzego z'umutekano yavuze ko ku wa kabiri habaye imyiyerekano 120. Myinshi muri yo yabaye mu mahoro, ariko 12 yahindutse intureka.
Incamake
- Kenya: Inama nshikiranganji ya Ruto ntikurikije ibwirizwa nshingiro - Sentare
- "Amaraso ya Ayatollah Khamenei azokwihorerwa" - Inama nkuru y'Umutekano ya Iran
- Abakekwa guturira ishure muri Kenya bahakanye ivyaha 16 vy'ubwicanyi
- Africa CDC ivuga ko Uganda yatoye umuntu arwaye Marburg
- Afrika y'Epfo : Abarenga 900 barafashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira yabereye mu gihugu cose
- Mexique - Igikombe c'isi: Abantu batatu bapfuye mu birori vyo kwigina intsinzi
- Ghana: Imyuzure ikomeye yateye umurwa mukuru yica abantu 13
- Sudan: Raporo ya Amnesty ishinja umutwe wa RSF gukora ibyaha byibasiye inyokomuntu i el-Fasher
- Kylian Mbappé yaciye umuhigo mu mikino yo gukuranamo mu gikombe cy'isi
- DR Congo: Africa CDC irasaba inkunga yihutirwa ya miliyoni $18 yo gufasha mu igeragezwa ry'imiti ya Ebola
- Umukinnyi wa basketball Nate Ament yagizwe ambasaderi w'u Rwanda w'uwo mukino ku isi
- Venezuela: Umwana w'imyaka itatu yatabawe ajyanwa mu bitaro nyuma y'iminsi itandatu habaye imitingito y'isi
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Latifa Mutesi
Kenya: Inama nshikiranganji ya Ruto ntikurikije ibwirizwa nshingiro - Sentare
Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike muri Kenya yashimye urubanza rwaciwe na sentare nkuru aho yemeje ko inama nshikiranganji ya Perezida William Ruto, ukwo yashinzwe, ihonyanga amategeko kubera itubahirije bibiri vya bitatu vy’ibitsina bitegekanijwe n’ibwirizwa nshingiro.
Mu butumwa ryashize ku rubuga rwa X, Katiba Institute, rimwe mu mashirahamwe yari yituye ubutungane ryavuze ko iyo ngingo ari "intsinzi ku buringanire hagati y’abagabo n’abagore."
Ibwirizwa nshingiro rya Kenya rivuga ko mu mabanga yose ya reta abantu baba batorewe canke bagenwamwo, ata gitsina na kimwe kirekuriwe kurenza bibiri vya bitatu (2/3).
Sentare yahaye Perezida William Ruto iminsi 120 yo gusubira gutunganya inama nshikiranganji kugira yubahirize iyo ngingo.
Amashirahamwe yigenga yari yituye ubutungane inyuma y’uko Ruto ahinduye abagize reta bikurikiranye n’imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko ry’amafaranga reta yari gukoresha yabaye mu 2024.
Ubu, inama nshikiranganji ya Kenya igizwe n’abantu 25, harimwo Perezida Ruto, Icegera ciwe hamwe n’Umushikirizamanza kizigenza wa reta. Muri abo, abagore ni 7 gusa.
Kugira hubahirizwe itegeko ry’ibice bibiri vya gatatu (2/3), hakenewe n’imiburiburi abagore 9.
Izindi nkuru wosoma:
"Amaraso ya Ayatollah Khamenei azokwihorerwa" - Inama nkuru y'Umutekano ya Iran
Ibimenyeshamakuru vy'inama nkuru y'igihugu y'umutekano ya Iran vyasohoye ubutumwa, ku rubuga X, bwateweko umukono na Mohammad Baqer Zulqader, umunyamabanga w'iyo nama.
Muri ubwo butumwa yavuze ati: "Amaraso ya Ayatollah Ali Khamenei azokwihorerwa ku barongoye no ku bakoze igikorwa co kumwica."
Ayatollah Ali Khamenei, yahora ari Umutegetsi w’ikirenga wa Repubulika ya Kiislamu ya Iran, yishwe kw'igenekerezo rya 9 Ntwarante(3), ku musi wa mbere w'ibitero Amerika na Israel bagize kuri Iran. Muri ivyo bitero hapfuye kandi abandi bategetsi benshi ba Iran hamwe na bamwe mu bagize umuryango wiwe.
Bitegekanijwe ko ibirori vyo kumusezera ubwa nyuma no kumuhamba bizoba kuva kw'igenekerezo rya 13 gushika ku rya 18 Mukakaro(7), mu bisagara vy'umurwa mukuru wa Iran Tehran, Qom na Mashhad.
Ibirori bizobera kandi mu bisagara vya «Baghdad, Kazmin, Karbala na Najaf» muri Irak
Izindi nkuru wosoma:
Abakekwa guturira ishure muri Kenya bahakanye ivyaha 16 vy'ubwicanyi
Abanyeshure umunani bo kw'ishure ry'abakobwa 'Utumishi Girls Academy' muri Kenya bahakanye ivyaha 16 vy'ubwicanyi bakurikiranwako inyuma y'umuriro wadutse mu buraro bw’abanyeshure mu kwezi kwa gatanu, ugahitana abanyeshure bagenzi babo 16.
Abo banyeshure, bose batarashikana imyaka 21, bitavye sentare nkuru ya Kibera i Nairobi ku wa gatatu.
Umucamanza Diana Kavedza yategetse ko bitwa gusa "abana bagirizwa" kandi abuza ko hoshirwa ahabona amakuru ayo ari yo yose yokwerekana imyidondoro yabo.
Ivyo birego bifitaniye isano n'umuriro wadutse kw'igenekerezo rya 28 Rusama(5) ku kigo c'indaro c'iryo shure kiri i Gilgil, nko ku birometero 120 mu buraruko bushira uburengero bwa Nairobi. Uwo muriro wahitanye abakobwa 16 bari hagati y'imyaka 15 na 18, mu gihe abandi 79 bakomeretse.
Igipolisi cafashe abo banyeshure umunani inyuma y'aho abakora amatohoza bavuze ko uwo muriro ushobora kuba watewe n'imatara zaturiwe n'ibigirankana hafi y'aho basohokera mu cumba c'indaro, n'ubwo abashikirizamanza batarasohora ayandi makuru ku matohoza.
Abo bagirizwa baracapfunzwe mu gihe sentare iriko irihweza igisabo c’abo co kurekurwa vy'agateganyo, igisabo ciyamirijwe n’uruhande rw’ababuze.
Iryo sanganya ryatumye hiyongera impungenge zijanye n'umutekano wo mu mashure y'indaro muri Kenya, aho imiriro yakunze guterwa n'imigumuko y'abanyeshure kubera guhanwa canke biyamiriza ubuzima bubi baba babayemwo.
Mu myaka iheze, Kenya yarabayemwo impanuka nyinshi z'imiriro mu mashure, harimwo uwadutse kw'ishure ry'uburaro ryitwa Kyanguli Secondary School mu 2001, ukaba wahitanye abanyeshure 67.
Izindi nkuru wosoma:
Africa CDC ivuga ko Uganda yatoye umuntu arwaye Marburg
Ikigo Africa CDC kijejwe gukinga no kurwanya indwara ku mugabane wa Afrika catangaje ku wa gatatu ko inzego zijejwe amagara muri Uganda zemeje ko habonetse umuntu yanduye indwara ya Marburg, nk’uko vyemezwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Marburg ni umugera wandukira ningoga kandi cane rwose biciye mu matembabuzi y’umubiri, inzego za Uganda zikaba zitangaje ayo makuru mu gihe zari zisanzwe kandi ziriko zikurikiranira hafi ikiza ca Ebola kirangwa muri ico gihugu.
Asubiramwo ibishikirizwa n’Ubuganda, umuvugizi wa Africa CDC yavuze ko abantu bose bahuye canke bakoranyeko n’uwo murwayi ata n’umwe aratangura kugaragaza ibimenyetso vy’iyo ndwara, kandi ko ata murwayi wa Marburg yari asanzwe ari muri ico gihugu.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Uganda yavuze ko ata makuru afise ku bijanye n’ikiza ca Marburg.
Africa CDC yavuze ko uwo murwayi yatowe mu karere ka Kyegegwa, mu burengero bwa Uganda. Kibandanya kimenyesha ko yari umwana w’umwaka umwe n’igice, akaba yarapfuye.
Umuvugizi Saran Koly yagize ati: “Africa CDC iriko ikorana na Reta ya Uganda biciye mu nzira zemewe z’amagara y’abanyagihugu ku makuru yerekeye indwara ya Marburg. Kugeza ubu, ntidushobora kwemeza amakuru avuga ko hoba hari abandi bamaze kwandura.”
Yabandanije agira ati: “ Africa CDC iriteguriye gushigikira igikorwa co kugenzura ayo makuru, gusuzuma urugero rw’akaga hamwe no gufasha mu bijanye no kwitegurira kuyirwanya [iyo ndwara] uko bikenewe.”
Abategetsi babiri bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS/WHO), babwiye Reuters ko bazi ivy’amakuru avuga ko Uganda yatoye umurwayi umwe wa Marburg.
Izindi nkuru wosoma:
Afrika y’Epfo : Abarenga 900 barafashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira yabereye mu gihugu cose
Abantu barenga 900 barafashwe ku wa kabiri mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira yabereye hirya no hino muri Afrika y'Epfo. Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru cabaye ku wa gatatu, abajejwe umutekano bavuze ko benshi mu bafashwe bagirizwa ivyaha bifitaniye isano n'abimukira hamwe n'ubusahuzi.
Iyo myiyerekano yabaye inyuma y'igihe ntarengwa cari carashinzwe n'imigwi irwanya abimukira, yasaba ko abimukira badafise ivya ngombwa bava muri ico gihugu.
Urwego rujejwe umutekano muri Afrika y'Epfo ruvuga ko abantu 215, igitigiri kinini c'abafashwe ku musi wa kabiri, bari mu ntara ya Western Cape. Ariko kandi hari abafatiwe no mu zindi ntara zirimwo KwaZulu-Natal na Eastern Cape.
Umuvugizi w'inzego z'umutekano yavuze ko ku wa kabiri habaye imyiyerekano 120. Myinshi muri yo yabaye mu mahoro, ariko 12 yahindutse intureka.
Igisirikare ca Afrika y'Epfo carungitswe hagati mu gisagara ca Johannesburg gufasha igipolisi guhangana n'ivyaha vy'ubusahuzi n’ubusuma vyari vyadutse.
Abamenyeshamakuru ba BBC na bo babonye ibikorwa vy'ubusahuzi mu gace ka Claremont, mu gisagara ca Durban, mw'ijoro ryo ku wa kabiri.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu, umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa yabwiye abamenyeshamakuru ko atababajwe n'ivyabaye ku wa kabiri.
Yavuze ko Abanyafrika y'Epfo bakoresheje uburenganzira bwabo bwo kwiyamiriza, ko imyiyerekano myinshi yabaye mu mahoro kandi ko ibintu vyari gushobora kuba bibi kurushiriza.
Mu mezi aheze, ibisagara bikuru vya Afrika y'Epfo vyagiye biberamwo imyiyerekano yo kwiyamiriza abimukira badafise ivya ngombwa.
Abiyamiriza bavuga ko abimukira badafise ivya ngombwa batuma ubushomeri n'ubukozi bw'ikibi birushiriza kwiyongera muri ico gihugu.
Abateguye iyo myiyerekano bavuga ko bazoyibandanya buri ndwi gushika ivyo basaba vyubahirijwe.
Izindi nkuru wosoma:
Mexique - Igikombe c'isi: Abantu batatu bapfuye mu birori vyo kwigina intsinzi
Umwigeme w'imyaka 19 ari mu bantu batatu bapfuye bazize kubura impwemu mu birori vyo guhimbaza intsinzi mu nkino z'igikombe c'isi vyabereye mu gisagara ca Mexico ku wa kabiri.
Hari kandi umugore w'imyaka 48 n'umugabo w'imyaka 44 bapfuye inyuma y'uko isinzi ry'abantu ryuzuye ico gisagara kubera intsinzi y'igihugu cabo y'ibitsindo 2-0 kuri Équateur, nk'uko vyatangajwe ku wa gatatu n'igisata c'amagara y'abantu c'igisagara ca Mexico.
Reta y'ico gisagara yavuze ko abantu barenga umuriyoni basohotse baja mu mabarabara, cane cane hafi y'icibutso c'ukwikukira kizwi nka “Angel of Independence” kiri hagati mu gisagara, mu guhimbaza intsinzi ya mbere igihugu caronse mu rukino rwo gukuranamwo rw'igikombe c'isi kuva mu 1986.
Umukuru w'igisagara ca Mexico, Clara Brugada, yatanze ubutumwa bwo guhoza imiryango y'ababuze ababo, avuga ko bimuteye "agahinda kenshi". Yasezeranye ko ubutegetsi buzobafasha mu minsi iri imbere.
Abajejwe amagara y'abantu bavuze ko abagira ubutabazi bwihutirwa basanze abantu batatu bataye ubwenge ahantu hatandukanye hafi y'ibarabara rikuru ryitwa 'Paseo de la Reforma' imbere yo kubajana kwa muganga.
Batangaje bati: "Inyuma yo kubaha imfashanyo y'ubutabazi bwihutirwa no kugerageza kuzanzamura umutima (CPR), abo barwayi bajanywe kwa muganga kugira bitabweho n'abahinga."
Ico gisata c’abajejwe amagara y’abantu cemeje ko abo bantu bose uko ari batatu bapfuye bazize kubura impwemu, kandi ko imiryango yabo yamenyekanye.
Mu butumwa yashize ku mbuga ngurukanabumenyi inyuma y'itangazwa ry'urupfu rw'abo bantu, Umukuru w'igisagara Clara Brugada yahamagariye abakunzi b'umupira w'amaguru "kwama bahimbaza intsinzi mu bwitonzi, kwiyubara n’impuhwe."
Izindi nkuru wosoma:
Ghana: Imyuzure ikomeye yateye umurwa mukuru yica abantu 13
Abantu n'imiburiburi 13 baramaze gupfa mu gisagara ca Accra, umurwa mukuru wa Ghana, inyuma y'uko imvura nyinshi cane iguye igateza imyuzure ikomeye, nk’uko vyatangajwe n'ikigo ca Ghana kijejwe kuzimya umuriro cagize uruhara mu bikorwa vy'ubutabazi.
Reta yasavye abanyagihugu kuguma mu nzu canke bakaja ahantu hasa n'ahari hejuru, inyuma y'aho ikigo kijejwe gukurikirana ibijanye n'ibihe n'ikirere kivuze ko hitezwe iyindi mvura nyinshi, kuko hari igihuhusi gikomeye kiriko kiraza gituruka mu buseruko.
Naho amazi yatewe n'imvura yaguye mw'ijoro ryo ku wa Mungu yatanguye kugabanuka, ibikorwa vyo kurondera no gutabara ababuriwe irengero biracabandanya.
Abajejwe ubutabazi muri Ghana bavuga ko igitigiri c'abamaze gupfa gishobora kwiyongera.
Ahantu hasan'aharihasi cane niho hasinzikajwe cane n'iyo myuzure.
Amashusho ariko arakwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana amazu n'imiduga vyarengewe n'amazi, mu gihe inyubakwa nyinshi zasenyutse canke zononekaye bikomeye.
Imigwi y'abajejwe gutabara yararungitswe muri ako karere kasinzikajwe n'imyuzure, harimwo igipolisi, abajejwe kuzimya umuriro, igisirikare hamwe n'ikigo c'igihugu kijejwe gukinga ibiza.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwavuze ko iyo mirwi yarungitswe kugira ikurikirane uko ibintu vyifashe no gukingira ubuzima bw'abanyagihugu hamwe n'ibintu vyabo.
Abajejwe gutabara muri Ghana bavuga ko gushika ubu bamaze gutabara abantu barenga 470.
Izindi nkuru wosoma:
Sudan: Raporo ya Amnesty ishinja umutwe wa RSF gukora ibyaha byibasiye inyokomuntu i el-Fasher
Raporo y’umuryango uharanira uburenganzira bwa muntu Amnesty International ishinja umutwe witwara gisirikare wa Rapid Support Forces (RSF) wo muri Sudan gukora ibyaha byibasiye inyokomuntu no kumenesha (kwirukana) abantu hashingiwe ku bwoko bwabo, mu gitero cyo gufata umujyi wa el-Fasher mu mwaka ushize.
Igotwa hamwe n’ifatwa ry’uwo mujyi wo mu karere ka Darfur ko mu burengerazuba bw’icyo gihugu, ryabaye kimwe mu bihe byiciwemo abantu benshi cyane muri iyi ntambara hagati ya RSF n’ingabo za Sudan.
Raporo y’iperereza Amnesty yasohoye kuri uyu wa gatatu igira iti: “Ibyaha bya RSF birimo ubwicanyi, kwimura abantu ku gahato, gufunga, iyicarubozo, gufata abagore n’abakobwa ku ngufu, ubucakara bushingiye ku gitsina, ubundi buryo bw’ihohotera rishingiye ku gitsina, kugira abantu abacakara, itsembatsemba n’itoteza.”
RSF nta cyo yatangaje kuri iyi raporo ya Amnesty ariko mu gihe cyashize yahakanye ibirego nk’ibyo.
Sudan iracyari mu ntambara imaze imyaka itatu yo kugundanira ubutegetsi hagati y’ingabo za Sudan n’umutwe wa RSF.
Iyi ntambara imaze kwicirwamo abantu babarirwa mu bihumbi amagana, ndetse yatumye abandi barenga miliyoni 14 bata ingo zabo.
Iyi raporo ya Amnesty yiyongereye ku bimenyetso by’ubwicanyi ndengakamere i el-Fasher, Umuryango w’Abibumbye uvuga ko bihuye n’ibiranga jenoside.
Izindi nkuru wasoma:
Kylian Mbappé yaciye umuhigo mu mikino yo gukuranamo mu gikombe cy'isi
Kylian Mbappé yaciye umuhigo wo kuba umukinnyi umaze gutsinda ibitego byinshi mu mikino yo gukuranamo y’igikombe cy’isi, nyuma yo gufasha Ubufaransa kunyagira Suède ibitego 3-0.
Mbappé yatsinze igitego muri buri gice cy’umukino, bituma ageza ku bitego 10 yatsinze mu mikino yo gukuranamo mu gikombe cy'isi, aba uwa mbere ubigezeho.
Uyu rutahizamu kandi yahise anganya ibitego na Lionel Messi wa Argentine ku mwanya wa mbere mu bakinnyi bamaze gutsinda ibitego byinshi muri iri rushanwa ry'uyu mwaka, kuko bombi bafite ibitego bitandatu.
Paraguay, yasezereye Ubudage ku wa mbere, ni yo izakina n'Ubufaransa ku wa gatandatu mu mukino wa 1/8 uzabera i Philadelphia muri Amerika, saa tanu z'ijoro (23:00) ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.
DR Congo: Africa CDC irasaba inkunga yihutirwa ya miliyoni $18 yo gufasha mu igeragezwa ry'imiti ya Ebola
Ikigo cy'Afurika cyo kurwanya no gukumira indwara (Africa CDC) cyasabye inkunga yihutirwa ya miliyoni 18 z’amadolari y’Amerika igamije gufasha igeragezwa ry’imiti ya Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), nkuko bitangazwa n'ibiro ntaramakuru Reuters.
Ayo agera kuri miliyari 26 uyavunje mu mafaranga y'u Rwanda.
Iki kigo cyaburiye ko gutinda kubona iyo nkunga bishobora kubangamira imbaraga zo gukumira ikwirakwira ry'icyo kiza.
Africa CDC isabye iyi nkunga mu gihe amageragezwa y'imiti ku barwayi ateganyijwe gutangira muri iki cyumweru i Bunia, umurwa mukuru w’intara ya Ituri, ahagaragaye abarwayi ba mbere banduye Ebola yo muri ubu bwoko bwa Ebola.
Kugeza ubu nta muti cyangwa urukiko byemejwe biriho bya Ebola Bundibugyo.
Umukuru wa Africa CDC, Dr Jean Kaseya, yavuze ko ubu muri rusange icyo kigo gifite inkunga yo mu bikorwa by'ubushakashatsi ku nkingo ariko ko inkunga ijyanye n'imiti ikiri nkeya.
Yagize ati: “Dufite ubumenyi bwa siyansi. Ubu dukeneye inkunga yo kubukoresha. Igeragezwa ry'imiti ku barwayi rigomba gutangira muri iki cyumweru, kandi buri munsi wo gutinda uhitana ubuzima twari gushobora kurokora.”
Africa CDC yahamagariye za leta, amabanki y’iterambere, imiryango y’abagiraneza ndetse n’abandi bafatanyabikorwa gutanga byihuse nibura miliyoni 16 z’amadolari mu minsi iri imbere.
Umukinnyi wa basketball Nate Ament yagizwe ambasaderi w'u Rwanda w'uwo mukino ku isi
Leta y'u Rwanda ivuga ko yishimiye kwakira umukinnyi ukina basketball muri Amerika, Nate Ament, nk'ambasaderi warwo wa mbere w'uwo mukino ku rwego rw'isi, muri gahunda yarwo ya 'Visit Rwanda' yo kwamamaza ubukerarugendo.
Ni nyuma yuko ku wa mbere ikigo cy'u Rwanda cy'iterambere (RDB) gitangaje uwo mukinnyi, ufitanye isano n'u Rwanda, nk'ambasaderi w'uwo mukino.
Ibiro bya minisitiri w'intebe w'u Rwanda byatangaje ku rubuga X ko ingingo ijyanye na Ament iri mu byizweho mu nama y'abaminisitiri yo ku wa kabiri yayobowe na Perezida Paul Kagame.
Ubwo butumwa bugira buti: "Twishimiye kwakira Nate Ament mu muryango wa Visit Rwanda nk'Ambasaderi wacu wa mbere w'umukino wa Basketball ku rwego rw'Isi.
"Binyuze muri ubu bufatanye, Nate azakoresha ubwamamare bwe mu kumenyekanisha u Rwanda ku bakunzi ba Basketball ku Isi, ari na ko yishimira umurage w'u Rwanda."
Ament, w'imyaka 19, ni umukinnyi ukomeye wa basketball. Mu kwezi gushize, yatoranyijwe ku mwanya wa 13 muri NBA Draft muri Miami Heat, ikimenyetso cy’uko ari umwe mu bakinnyi bakiri bato bitezweho kugira ahazaza heza muri shampiyona ya NBA.
Yavukiye muri Amerika, mama we akaba ari Umunyarwandakazi naho se akaba ari Umunyamerika.
RDB isubiramo amagambo ya Ament agira ati: "Guhagararira u Rwanda ni ikintu kivuze byinshi kuri jye. U Rwanda ni kimwe mu wo ndi we, kandi ntewe ishema no gusangiza iyo sano n'isi mu gihe ntangiye urugendo rwanjye muri NBA."
Avuga ko kimwe mu bintu ashishikariye ari ukujya amarana igihe n'abakinnyi ba basketball mu Rwanda.
Nta gaciro k'amafaranga katangajwe k'amasezerano y'impande zombi.
Venezuela: Umwana w'imyaka itatu yatabawe ajyanwa mu bitaro nyuma y'iminsi itandatu habaye imitingito y'isi
Umuhungu w’imyaka itandatu yatabawe akurwa mu matongo ari muzima nyuma y’iminsi itandatu habaye imitingito yishe benshi ikanasenya byinshi muri Venezuela, nkuko byatangajwe n’itsinda ry’abatabazi ryavuye muri Jordan (Jordanie).
Videwo igaragaza abo batabazi bavugira hejuru basabwe n’ibyishimo ubwo uwo mwana, Perezida w’agateganyo wa Venezuela yatangaje ko yitwa Klieber Morán, yakurwaga mu byasenyutse muri leta ya La Guaira, imwe mu zigize Venezuela.
Perezida w’agateganyo wa Venezuela Delcy Rodríguez yavuze ko itabarwa ry’uwo mwana ari akanya k’icyizere.
Bibaye mu gihe Umuryango w’Abibumbye watangaje ko abantu babarirwa mu bihumbi za mirongo bacyeneye imfashanyo yihutirwa y’ibiribwa hamwe n’amacumbi.
Umubare w’abishwe n’iyo mitingito ibiri yabaye mu cyumweru gishize – umwe wo ku gipimo cya 7.2 n’undi wo ku gipimo cya 7.5 – wazamutse ugera ku bantu 1,943, mu gihe abarenga 10,000 bakomeretse ndetse abandi babarirwa mu bihumbi za mirongo bakaba bakomeje kuburirwa irengero.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.