Buramatari wa gisirikare wa Ituri,
intara yiziziwe na Ebola muri iki gihe, muri Republika ya Demokarasi ya Kongo (DRC), yavuze
ko urugamba rwo kugerageza kuzibira ikwiragira ry’iyo ndwara rumeze
nk'"intambara", kandi ko babuze uburyo bukwiye bwo kuyirwanya.
Johnny Luboya Nkashama yabwiye iradiyo y’Abafaransa RFI ati: “Abantu
baba mu duce twiziziwe ntibaronka ibifungurwa bikwiye.”
Yongeyeko ko bahanzwe kandi
n’ingorane y'"izindi ndwara" n'"ubucucikirane bw’abantu".
Yasavye ko habaho “inyishu yihuta”, harimwo gukomeza no kwongereza ubushobozi
bw’abakozi kugira hirindwe akaga muri Ituri.
Abategetsi bavuga ko kuva kw’itariki 15 z’ukwezi kwa gatanu, igihe Ebola
yatangazwa, hamaze kuboneka abantu bashika ku 1,000 bikekwa ko bayanduye, hamwe
n’abarenga 223 bikekwako bishwe na yo.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS/WHO) ryavuze ko
iyo ndwara ishobora kuba iriko ikwiragira ningoga kurusha uko vyari vyitezwe mu
ntango. Ryatangaje kandi ko ari ikibazo c’amagara y’abantu gihangayikishije
amakungu yose.
Ku wa mbere, umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze
ko ikiza ca Ebola kiriko kirarengera kure utwigoro twihutirwa two guhangana na
co, yongerako ko abagerageza kukirwanya bariko biruka inyuma ya co.
Ebola imaze kwibonekeza kandi mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo muri DRC (RDC), hamwe no mu gihugu ca Uganda gihana
urubibe na DRC, ahamaze kwemezwa abantu indwi bayanduye.
Asigura ivyo intara yiwe ikeneye, Nkashama yavuze ko hakwiye kurungikwa ningoga
“abakozi babifisemwo ubumenyi”, kandi hagashirwaho “ibigo bikingiwe neza vyo
kuvuriramwo”.
Bamwe mu banyagihugu bari barakaye baragerageje gutwara ibiziga vy’ababo
bivugwa ko bishwe na Ebola, mu kugaba ibitero ku bigo bibiri bivuriramwo
abayigwaye.
Nkashama yabwiye RFI ko uburyo bari basanzwe bafise bwari bwagenewe
intambara imaze igihe igisibije mu ntara arongoye, aho yashimangiye ko Ebola ari
intambara igira kabiri ibugarije, akavuga ko bisaba ubundi buryo bwiyongerako.