Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Abantu babarirwa muri za mirongo bishwe muri Liban mu gihe Israel yakajije ibitero

Israel ivuga ko yarashe ku bikorwa-remezo no ku barwanyi byose hamwe birenga 100 bya Hezbollah, nyuma yuko Minisitiri w’intebe Benjamin Netanyahu asezeranyije “gushwanyaguza” uwo mutwe ufashwa na Iran.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Iran iriyamiriza ibitero vya Amerika ivuga ko ari 'uguhonyanga bikabije' amasezerano y'agahengwe

    Iran yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika "zarenze bikabije" ku masezerano y'agahengwe, inyuma y'ibitero bishasha vyo mu kirere zagavye kuri ico gihugu.

    Bimwe mu biro bikuru vy'ingabo za Amerika (CENTCOM) vyavuze ko vyateye ibibanza Iran ikoresha mu gutera misire bikabamwo n'ububiko bwazo, hamwe n'amato yariko aragerageza gutega ibisasu mu mazi.

    Ivyo bitero Amerika ivuga ko vyari ivyo "kwivuna" ("kwikingira"), bikaba vyatumberejwe mu bumanuko bwa Iran ku wa mbere.

    Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Iran bwavuze ko Amerika ari yo ikwiye kubazwa ingaruka z'"ibikorwa vyayo vy'ubusotoranyi kandi bidafise ishingiro", vyatumberejwe mu ntara ya Hormozgan iri ku nkengera ya Hormuz, umuhora w'amazi uhambaye cane Iran yugaye bigatuma ibiciro vy'igitoro na gaz biduga cane.

    Ingaruka ivyo bitero bishobora kugira ku biganiro bigamije guhagarika intambara ntiziramenyekana.

    Itangazo Iran yasohoye rivuga ko Repubulika ya Kisilamu ya Iran itazokwigera ireka ikibi ico ari co cose kitishuwe kandi ko itazotinya gukingira ihanga rya Iran.

    Amerika hamwe na Israel zatanguje intambara kuri Iran kw'igenekerezo rya 28 ukwezi kwa kabiri, biciye mu bitero bikomeye vyishe abantu benshi harimwo n'Umuyobozi w'ikirenga w'ico gihugu.

    Inyuma y'indwi zitari nke z'intambara, habaye amasezerano y'agahengwe kw'igenekerezo rya 8 ukwezi kwa kane, kandi kuva ico gihe yarubahirijwe ku ruhande runini, kiretse uguhangana gukomeye kwabaye rimwe gusa mu ntango z'uku kwezi kwa gatanu.

    Mw'itangazo ryayo, CENTCOM yavuze ko ingabo za Amerika "zagavye ibitero vyo kwivuna mu bumanuko bwa Iran kugira zikingire abasirikare bacu ku ngorane z'umutekano zishobora guterwa n'ingabo za Iran".

    Ntiyatanze ido n'ido ry'aho ivyo bitero vyatumberejwe, ariko umwe mu bategetsi yabwiye ikinyamakuru the New York Times ko vyatumberejwe ku gace kari hafi y'igisagara co ku cambu ca Bandar Abbas mu bumanuko bw'igihugu, hakaba kandi ari ho hari ibirindiro vy'ingabo zo mu mazi za Iran biherereye ku muhora wa Hormuz.

    Ibinyamakuru vya reta ya Iran vyari vyabanje gutangaza ko abategetsi bo muri Bandar Abbas bariko barakora itohoza inyuma y'aho humvikanye ibiturika.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Abantu babarirwa muri za mirongo bishwe muri Liban mu gihe Israel yakajije ibitero

    Abantu babarirwa muri za mirongo biciwe mu nkubiri y’ibitero bikaze bya Israel mu majyepfo no mu burasirazuba bwa Liban, nyuma yuko Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu asezeranyije kongera igikorwa cya gisirikare ku mutwe wa Hezbollah ufashwa na Iran.

    Minisiteri y’ubuzima ya Israel yavuze ko abantu nibura 31 biciwe muri ibi bitero bishya, barimo n’abana benshi.

    Ingabo za Israel zavuze ko zarashe ku bikorwa-remezo no ku barwanyi byose hamwe birenga 100 bya Hezbollah, muri rimwe mu majoro yamishwemo ibisasu byinshi cyane kuva agahenge kagizwemo uruhare n’Amerika gatangiye hagati muri Mata (4) uyu mwaka.

    Bibaye nyuma yuko ku wa mbere Netanyahu avuze ko yatanze amategeko yo “kongera umurego kurushaho” mu kurasa kuri Hezbollah.

    Mu ijambo yavugiye mu nama y’umutekano ya leta ku wa kabiri, yavuze ko Israel irimo “kongera cyane igikorwa cya gisirikare cyacu muri Liban”.

    Yagize ati: “IDF [ingabo za Israel] irimo gukoresha ingabo nyinshi ku butaka no gufata ahantu higiye hejuru.” Yongeyeho ko irimo “gukaza uburinzi bw’akarere k’umutekano” mu rwego rwo kurinda abaturage bo mu majyaruguru ya Israel ibitero bya Hezbollah.

    Agahenge kagiye karengwaho kenshi n’impande zombi, biteza inkeke ko byatesha umurongo ibiganiro bikomeje byo kurangiza intambara hagati y’Amerika, Israel na Iran.

    Ibitero byo mu kirere n'iby'intwaro za rutura bya Israel byarakomeje buri munsi, cyane cyane mu majyepfo ya Liban, mu gihe Hezbollah yakomeje kohereza ibisasu bya rokete n'indege nto z'intambara zitajyamo umupilote (drone) ku batuye mu majyaruguru ya Israel no ku ngabo za Israel zigaruriye ibice bimwe byo mu majyepfo ya Liban.

    Ibitangazamakuru byo muri Liban byatangaje ko ibitero byo mu kirere byibasiye icyaro cya Mashghara cyo mu kibaya cya Bekaa Valley hamwe n'i Burj al-Shamali mu majyepfo ya Liban.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.