Iran iriyamiriza ibitero vya Amerika ivuga ko ari 'uguhonyanga bikabije' amasezerano y'agahengwe
Iran yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika "zarenze bikabije" ku masezerano y'agahengwe, inyuma y'ibitero bishasha vyo mu kirere zagavye kuri ico gihugu.
Bimwe mu biro bikuru vy'ingabo za Amerika (CENTCOM) vyavuze ko vyateye ibibanza Iran ikoresha mu gutera misire bikabamwo n'ububiko bwazo, hamwe n'amato yariko aragerageza gutega ibisasu mu mazi.
Ivyo bitero Amerika ivuga ko vyari ivyo "kwivuna" ("kwikingira"), bikaba vyatumberejwe mu bumanuko bwa Iran ku wa mbere.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Iran bwavuze ko Amerika ari yo ikwiye kubazwa ingaruka z'"ibikorwa vyayo vy'ubusotoranyi kandi bidafise ishingiro", vyatumberejwe mu ntara ya Hormozgan iri ku nkengera ya Hormuz, umuhora w'amazi uhambaye cane Iran yugaye bigatuma ibiciro vy'igitoro na gaz biduga cane.
Ingaruka ivyo bitero bishobora kugira ku biganiro bigamije guhagarika intambara ntiziramenyekana.
Itangazo Iran yasohoye rivuga ko Repubulika ya Kisilamu ya Iran itazokwigera ireka ikibi ico ari co cose kitishuwe kandi ko itazotinya gukingira ihanga rya Iran.
Amerika hamwe na Israel zatanguje intambara kuri Iran kw'igenekerezo rya 28 ukwezi kwa kabiri, biciye mu bitero bikomeye vyishe abantu benshi harimwo n'Umuyobozi w'ikirenga w'ico gihugu.
Inyuma y'indwi zitari nke z'intambara, habaye amasezerano y'agahengwe kw'igenekerezo rya 8 ukwezi kwa kane, kandi kuva ico gihe yarubahirijwe ku ruhande runini, kiretse uguhangana gukomeye kwabaye rimwe gusa mu ntango z'uku kwezi kwa gatanu.
Mw'itangazo ryayo, CENTCOM yavuze ko ingabo za Amerika "zagavye ibitero vyo kwivuna mu bumanuko bwa Iran kugira zikingire abasirikare bacu ku ngorane z'umutekano zishobora guterwa n'ingabo za Iran".
Ntiyatanze ido n'ido ry'aho ivyo bitero vyatumberejwe, ariko umwe mu bategetsi yabwiye ikinyamakuru the New York Times ko vyatumberejwe ku gace kari hafi y'igisagara co ku cambu ca Bandar Abbas mu bumanuko bw'igihugu, hakaba kandi ari ho hari ibirindiro vy'ingabo zo mu mazi za Iran biherereye ku muhora wa Hormuz.
Ibinyamakuru vya reta ya Iran vyari vyabanje gutangaza ko abategetsi bo muri Bandar Abbas bariko barakora itohoza inyuma y'aho humvikanye ibiturika.
Izindi nkuru wosoma: