Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Prezida wa Iran ati: "Igerageza ryose ryo kuduhatira kwishikana ntaco rizoshikako", Trump avuga ko mu misi ibiri basubira mu biganiro

Mu kiganiro yagiranye n’abajejwe ibikorwa vy’ubutabazi i Tehran ku musi wa gatatu, Pezeshkian yavuze ko Tehran idashaka intambara canke umutekano muke.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana ,Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Iran yakangishije gufunga ubwikorezi bwo mu nyanja itukura, ikigobe cy'abarabu n'ikigobe cya Oman, Niba Amerika ikomeje gufunga inzira z’amazi

    Ali Abdollahi – umuyobozi w’icyicaro gikuru cya gisirikare cya Iran cyitwa Khatam al-Anbiya Central Headquarters, ari cyo rwego rukuru ruyobora ibikorwa by’ingabo mu gihugu yavuze ko niba Leta Zunze Ubumwe za Amerika ikomeje gufunga inzira kandi igateza “umutekano muke ku bwato bw’ubucuruzi bwa Iran n’ibitwara igitoro”, bizafatwa "nk’intangiriro yo kurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano".

    Abdollahi yongeyeho ko ingabo za Iran zitazemera “ibyoherezwa n’ibyinjira ” mu Kigobe cya Perse, Ikigobe cya Oman, ndetse n’Inyanja Itukura.

    Ntiyasobanuye neza ibihugu izi ngaruka zishobora kugeraho, nubwo aho hantu yavuze ari hagari cyane.

    Igihano cya Amerika cyo gufunga ibyambu bya Iran cyatangiye ku wa Mbere.

    Ku wa Gatatu, igisirikare cya Amerika cyavuze ko “nta bwato na bumwe bwashoboye kurenga kuri icyo gihano” mu masaha 24 ya mbere, aho amato y’ubucuruzi atandatu yahatiwe gusubira inyuma mu Nyanja ya Oman.

    Amasezerano yo guhagarika imirwano hagati ya Amerika na Iran yavuzwe na Abdollahi yatangajwe ku wa 8 Mata( ukwezi kwa kane), nyuma y’ibyumweru hafi bitandatu by’intambara hagati ya Iran, Amerika na Israel.

    Icyiciro cya mbere cy’ibiganiro hagati ya Iran na Amerika cyarananiranye nubwo Donald Trump yavuze ko ibiganiro bishobora kongera gutangira mu minsi ibiri iri imbere. Iran yo ntacyo irabitangaza kuri ibyo.

    Izindi Nkuru wasoma:

  2. Prezida wa Iran ati: "Igerageza ryose ryo guhatira Iran kwishikana ntaco rizoshikako"

    Perezida wa Iran, Masoud Pezeshkian, yavuze ko igerageza iryo ari ryo ryose rikorwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika canke Israel ryo guhatira Iran “kwishikana” ntaco rizoshikako, kandi ko igihugu ca Iran kitazokwigera cemerera iyo nzira.

    Mu kiganiro yagiranye n’abajejwe ibikorwa vy’ubutabazi i Tehran ku musi wa gatatu, Pezeshkian yavuze ko Tehran idashaka intambara canke umutekano muke.

    Ahubwo umukuru w'igihugu avuga ko "[Irani] yamye ishimangira ko hakenewe ibiganiro vyubaka n'imigenderanire n'ibihugu bitandukanye".

    Ayo majambo aje inyuma y'aho Trump avuze ko ibiganiro hagati ya Amerika na Irani bishobora gusubira gutangura muri Pakistan "mu misi ibiri iri imbere", ariko Irani ntaco irabivugako.

    Trump yavuze kandi ko intambara “iri hafi cane guhera” mu kiganiro yahaye Fox News.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. 'Hari uwabwira uyu mugabo ko Iran yishe abigaragambyaga 42,000?' Trump yongeye kunenga Papa

    Perezida Donald Trump yongeye kunenga Papa, yandika ku mbuga nkoranyambaga nijoro ati:

    “Ese hari uzabwira Papa Pope Leo ko Iran yishe nibura abigaragambyaga 42,000 batari bafite intwaro mu mezi abiri ashize, kandi ko Iran kubona intwaro za Nikereyeri bitemewe na gato.

    “Murakoze no kwita kuri iki kibazo. AMERIKA YAGARUTSE!!!”

    Ibi bije nyuma y’uko Papa agize icyo avuga ku ntambara iri muri Iran. Mbere y’uku kwezi, Trump yabwiye abanyamakuru ko “atari umufana ukomeye” wa Papa w’Umunyamerika, amushinja kuba “umunyantege nke ku byaha kandi afite ubumenyi buke ku bijyanye na politiki mpuzamahanga”.

    Papa Leo yavuze ko “nta bwoba afite” ku buyobozi bwa Trump kandi ko azakomeza gutanga ibitekerezo bye.

    Trump yanavuze kuri NATO, yandika amasaha atatu ashize ati:“NATO ntiyigeze ituba hafi, kandi ntizanatuba hafi no mu gihe kiri imbere!”

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Papa Leo yatanguye urugendo muri Cameroun, vyitezwe ko atanga ubutumwa bw’amahoro

    Papa Leo arashika muri Cameroun uyu musi mu gice ca kabiri c’urugendo rwiwe muri Afrika. Yatanguye uru rugendo mu gihugu ca Algeria, aho yabahamagariye kugira ibiganiro hagati y’amadini no kubabarirana.

    Urugendo rwiwe muri Cameroun ruzorangwa cane n'imisa kizobera i Bamenda, igisagara kiri hagati y'intambara mu turere tubiri tw'ico gihugu tuvuga ururimi rw'icongereza.

    Papa Leo azomara imisi itatu muri Cameroun, abonana n'abategetsi ba leta n'abarongozi b'amadini, agendere ikigo c'impfuvyi n'ibitaro, yongere arongore imisa myinshi.

    Uru rugendo rwiwe ruje mu gihe ico gihugu kiriko kirahangana n’intambara imaze hafi imyaka icumi mu turere tubiri dukoresha icongereza.

    Mu gisagara ca Bamenda kirimwo amatati menshi, Papa yitezwe gutanga ubutumwa bukomeye bw’amahoro n'ugusubiza hamwe.

    Kuva iyo ntambara yadutse mu 2017, Ekleziya Katolika yasavye incuro nyinshi ko habaho ibiganiro no gutorera umuti iyo ntambara mu mahoro.

    Ingingo ya Papa Fransisiko yo kuyobora imisa i Bamenda ibonwa nk'ikimenyetso c'icizigiro kandi ishobora kuba intambwe igana ku gusubira mu buzima busanzwe.

    Imbere y’uko uru rugendo rutangura, abarwanyi b'abashaka kwiyonkora mu turere bavuga ururimi rw'icongereza bamenyesheje ko batanze agahengwe k'iminsi itatu kugira abasenga bashobore kwitaba imisa ya Papa.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Amakuru y'ingenzi yo mu masaha 24 ashize ku ntambara muri Iran

    Ibyabaye ku wa Kabiri byibanze ku biganiro byayobowe na Amerika hagati ya Libani na Israel :

    • Habaye ibiganiro byiswe “iby’amateka” hagati ya Israel na Libani byabereye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho impande zombi zemeye gutangira ibiganiro “bitaziguye”.
    • Ambasaderi wa Israel muri Amerika yavuze ko ibyo biganiro byerekanye ko ibihugu bitatu “bihuje ibitekerezo”, mu gihe ambasaderi wa Libani we yabivuzeho ko byari “byubaka”.
    • Donald Trump yavuze ko ibiganiro hagati ya Iran na Amerika bishobora gusubukurwa “mu minsi ibiri iri imbere” nyuma y’uko ibiganiro byabereye muri Pakistan mu mpera z’icyumweru giheze ntacyo byagezeho.
    • Amerika yatangaje ko nta bwato bwigeze burenga ku mabwiriza mu masaha 24 ya mbere y’igihano cyo gufunga ibyambu bya Iran n’inkengero zayo; ariko amakuru y’igenzura yemejwe na BBC agaragaza ko amato ane afitanye isano na Iran yambutse umuhora wa Hormuz kuva icyo gihano cyatangira.
    • Ubushinwa bwavuze ko iki gihano cyo gufunga inzira z’amazi ari “giteje akaga kandi kidashyira mu gaciro”, naho Iran ivuga ko ari “ukurenga gukomeye ku busugire bwayo.”

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Ku bwa JD Vance Mohammad Qalibaf ‘ni we utegeka Iran’

    Visi perezida wa Amerika JD Vance yatangaje ko abona Mohammad Bagher Qalibaf ari we mu by’ukuri “urimo guteka igihugu” cya Iran.

    JD Vance na Qalibaf ni bo bari bakuriye intumwa zagiye mu biganiro byananiranye hagati y’impande zombi i Islamabad muri Pakistan mu mpera z’icyumweru gishize.

    Mu kiganiro kuri televiziyo ku wa kabiri nijoro, Vance yagize ati: “Yari yo nama ya mbere yo hejuru cyane hagati y’abategetsi b’ibi bihugu byombi.

    Avuga kuri Qalibaf yagize ati: “Ku mutegetsi wa Iran mu by’ukuri utegeka iki gihugu ubu, wari wicaranye na visi perezida wa Amerika…”

    Vance avuga ko amatati hagati ya Iran na Amerika amaze imyaka igera kuri 47, nk’uko Trump akunda kubivuga, “nta wakwitega ko yakemuka mu nama imwe”.

    Mohammad Bagher Qalibaf ubusanzwe ni umukuru w’inteko ishinga amategeko ya Iran, akunda kumvikana asubiza ibivugwa na Amerika, kandi kenshi yasubiyemo ko Iran itazagonda imbere “y’ubushotoranyi no kwirata” bya Amerika.

    Mojtaba Khamenei wasimbuye se Ali, uretse mu matangazo yanditse, ntabwo arigaragaza mu ruhame kuva yafata uwo mwanya w’umutegetsi w’ikirenga wa Iran. Perezida Trump yagiye avuga Mojtaba ashobora kuba yarishwe cyangwa yarakomeretse muri iyi ntambara.

  7. Imyaka itatu irarumanye intambara yo muri Sudan itanguye igateza ikibazo gikomeye cane c’ubutabazi kw’isi

    Uyu munsi, imyaka itatu iraheze intambara yo muri Sudani itanguye ku wa 15 Ndamukiza 2023, itewe n’ukutumvikana kw’abari ku butegetsi hagati y’ingabo za leta n’umugwi witwara gisirikare wa Rapid Support Forces.

    Abantu ibihumbi n’ibihumbi barapfuye, abarenga imiliyoni 12 barataye izabo, benshi bahungira mu bihugu bibanyi.

    Amakuru y'ubwicanyi n'ibikorwa bishobora kuba ari ihonyabwoko birabandanya kwibonekeza, na cane cane mu karere ka Darfur.

    Iyi ntambara yatumye igihugu gicamwo ibice, bigatera ubwoba ko cosubira gusenyuka burundu mu gihe ibihugu vyo hanze vyinjiye muri iyi ntambara.

    Naho hari imibabaro myinshi, iyi ntambara ntiraronka inyishu ikwiye ku rwego mpuzamakungu, kandi amashirahamwe y’ubutabazi avuga ko amafaranga akeneye atayo ariko araronka ivyo bigatera impungenge ko ibintu bishobora kubandanya vyunyuka.

    Ugufatwa kw’igisagara ca el-Fasher mu burengero bwa Sudani mu kwezi kwa Gitugutu(10) kwabaye kimwe mu bihe bikomeye vy’iyi ntambara.

    Ubu abatanga imfashanyo barahurira i Berlin, m'Ubudagi, kugira baganire ku kuntu bogarukana utwigoro tw'amahoro no kuronka imfashanyo, mu gihe ibice 65% vy’abanyagihugu bakeneye vyihutirwa ibifungurwa, amazi, aho kuba hamwe n’imiti.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Kenya: Igiciro c'ibitoro cadugijwe ku rugero rutigeze rubaho mbere

    Kenya yatangaje iduga rikomeye kurusha irindi ryose ryabayeho mbere ku biciro vy’igitoro, bikaba bishobora kugira ingaruka ku bihugu bibanyi, bikeneye cane ibitoro biva mu karere.

    Kuva saa sita z'ijoro ryakeye, litiro imwe ya 'diesel' canke mazutu yazamutseko amashiligi ya Kenya 40.3 (hafi 932Fbu canke 452Frw) igura 206Ksh

    Naho litiro imwe ya 'essence' izamukaho hafi amashilingi 28 itangura kugura nayo nyene 206Ksh.

    Iri duga rifitaniye isano n’intambara iri mu Burasirazuba bwo Hagati, cane cane irimwo Iran, Amerika na Israel.

    Umuhora wa Hormuz, usanzwe ucamwo ibitoro vyinshi kw’isi (hafi ibice 20%), urugawe, bigatuma ibiciro vy’ibitoro vyiyongera kw’isi yose co kimwe n’amafaranga yo kubitwara.

    EPRA ivuga ko igiciro co kuzana amazutu muri ico gihugu ciyongereye cane gushika ku 1,073 c’amadolari kuri metero kwadarato y’ibitoro, mu gihe kuzana “essence” bigeze ku madolari 823.87.

    Kenya izamuye ibiciro vy'igitoro nyuma y'iduga ryo hejuru cane ry'ibi biciro muri Tanzania no mu Rwanda n'ahandi mu karere.

    Hashize iminsi muri Kenya hibonekeza ibura ry'igitoro aho 'station' zaco zishika 20% zagiye zivuga ko ataco zifise.

    Iri duga ry’ibiciro vy’ibitoro rishobora gutuma ubuzima burushiriza kuzimba no mu bihugu vyo mu karere kuko hari abadandaza bava muri ivyo bihugu baja kurangura ibicuruzwa muri Kenya.

    Izindi nkuru wosoma :

  9. DR Congo 'irakira' abantu ba mbere birukanwe na Amerika

    Repubulika ya Demokarasi ya Congo muri iki cyumweru irakira abantu barenga 30 birukanwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’uko ibiro ntaramakuru Reuters bibivuga bibikesha amasoko atandukanye muri leta ya Kinshasa.

    Mu kubakira, RD Congo yaba ibaye ikindi gihugu cya Afurika cyakiriye abantu Washington idashaka ku butaka bwayo nyuma ya Ghana, Eswatini, u Rwanda n’ibindi.

    Abategerejwe muri RD Congo bakomoka mu bihugu byo muri Amerika yo hagati na Amerika y’Epfo, nk’uko isoko yo muri leta ya Kinshasa yabibwiye Reuters.

    Aba ni bo ba mbere bazaba boherejwe muri Congo bigendanye n’amasezerano yo kwakira abirukanwe na Amerika ibihugu byombi byemeje ko byagiranye mu ntangiriro z’uku kwezi.

    Ayo masezerano yamaganwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Congo bavuga ko atesha agaciro abirukanwa kandi leta ifite ibindi bibazo byinshi biyireba mbere yo gukemura ibya Amerika.

    Aya makuru ahuriranye n’umuhate urimo gushyirwa na Amerika mu kurangiza intambara mu burasirazuba bwa DR Congo, aho intumwa zayo ziri mu bayoboye ibiganiro birimo guhuza M23 na Kinshasa mu mujyi wa Montreux mu Busiwisi.

    Biteganyijwe ko abirukanwe na Amerika bagera i Kinshasa ku wa gatanu bagacumbikirwa muri hoteli iri hafi y’ikibuga cy’indege, nk’uko Reuters ivugako ibikesha amasoko y’amakuru muri leta.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Togo igiye gusaba ibihugu bigize ONU gukoresha ikarita yerekana ingano y'ukuri ya Afurika

    Togo izasaba ibihugu bigize Umuryango w’Abibumbye gutora ngo hemezwe ikoreshwa ry’ikarita (map) yerekana ubunini nyabwo bwa Afurika isimbure ikoreshwa ikoreshwa kuva mu kinyejana cya 16.

    Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Togo Robert Dussey yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko ikarita ikoreshwa ubu yerekana “ubunini butari bwo bwa Afurika”, asaba ko hakoreshwa “ukuri kwa siyanse”.

    Ikarita ikoreshwa ubu mu kwerekana umubumbe w’isi yakozwe hagendewe ku buhanga bwa ‘Mercator Projection’ yerekana nk’ikirwa cya Greenland cyangwa Uburusiya ari binini cyane ugereranyije na Afurika.

    Iyo karita yakozwe n’umuhanga mu bijyanye n’amakarita Gerardus Mercator wakomokaga mu gace ka Flanders karimo Ububiligi bwa none, kugira ngo yifashishwe n’abakoraga ingendo za kure zo kugera ahantu abanyaburayi batari bazi.

    Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika wahaye Togo inshingano yo gusaba ONU guhagarika ikoreshwa ry’iyi karita hagakoreshwa iyo mu 2018 izwi nka ‘Equal Earth projection’.

    Abanenga ‘Mercator projection’ bavuga ko mu kwerekana ibice byegereye umurongo wa koma y’isi nk’ibitoya n’ibyegereye impera z’isi nk’ibinini ibyo ishimangira gupyinagaza Afurika nyamara ari nini cyane mu bunini no mu mubare w’abayituye.

    Ikarita ya ‘Mercator projection’ iracyakoreshwa henshi mu mashuri no mu bigo by’ikoranabuhanga henshi ku isi.

    Mu ntangiriro z’uyu mwaka, Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika wemeje umwanzuro wo guteza imbere ikarita ya ‘Equal Earth projection’ usaba ibihugu 55 biwugize guhagarika ikoreshwa ry’iriya ikoreshwa ubu.

    Biteganyijwe ko Togo isaba ibihugu bya ONU gutora kuri iyi ngingo mu nama rusange y'uwo muryango muri Nzeri(9) uyu mwaka.

  11. Isirayeli na Liban bagiranye ibiganiro vya mbere kuva mu 1993

    Liban na Israel vyagiranye ibiganiro vya mbere vya diplomasi imbonankubone inyuma y’imyaka irenga irenga mirongo itatu, ikimenyetso c’igihe kidasanzwe c’ibiganiro mu gihe amatati yo mukarere barimwo aguma agwira.

    Ivyo biganiro, vyari birongowe n’umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Marco Rubio, bifatwa nk’intambwe yitondewe ariko ikomeye mu kugabanya intambara zifitaniye isano n’umuhari wa Hezbollah ushigikiwe na Iran.

    Nk’uko biboneka mw’itangazo rya Amerika, ivyo bihugu vyompi vyemeje kubandanya ibiganiro, n’aho amakuru yerekeye igihe n’aho bizobera ataramenyekana.

    Israel yongeye gushimika ku ntumbero yayo yo kwaka ibirwanisho imirwi yose itari iya Leta, ivyo bikaba vyerekana neza Hezbollah, mu gihe Liban yariko irasaba ko intambara ihagarara vuba, hakagira ico ikoze vyihuse kugira ngo ishobore gutorera umuti ingorane abantu bafise kuko biguma vyunyuka.

    Ivyo biganiro bije mu gihe ibintu bitifashe neza.

    Kuva mu ntango z’ukwezi kwa gatatu, abantu barenga 2.000 barapfuye muri Liban, hafi miliyoni imwe barahunga.

    Naho ibiganiro vyariko biraba i Washington, bivugwa ko Hezbollah yateye ibitero vyinshi kuri Israel, bituma haba inkengeri y'imburi mu turere twose two mu buraruko.

    Prezida wa Liban, Joseph Aoun, yaseruye icizere ko ivyo biganiro vyoshobora kuba intango yo gutanga akaruhuko ku basivile, cane cane abari mu bumanuko.

    Ariko rero, Hezbollah yarateye ivyatsi ivyarivyo vyose vyova muri ivyo biganiro itabigizemwo uruhara, ivyo bikerekana ko urugendo rukiri rurerure kandi rutoroshe.

    N’aho hatazwi neza ivyimirije, ivyo biganiro birerekana ukugerageza gusubizaho uguhanahana ivyiyumviro inyuma y’imyaka myinshi ivyo bihugu bitayaga.

    Izindi nkuru wosoma :

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.