Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Amerika igiye kwugara ibivuko ca Irani kuva uno munsi, mu gihe Trump avuga ko 'atitayeho' ko Iran yosubira mu biganiro

Amerika ivuga ko iza kwugara ibivuko vya Irani inyuma y’uko ibiganiro vy’amahoro vyananiranye, bigatuma ukutumvikana kurushiriza kwiyongera.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Gisèle Berwa

  1. US - Iran: Ibiganiro byananiranye biteje impungenge imibereho ya benshi ku isi

    Kunanirana kw’ibiganiro by’amahoro no kuzamuka kw’ibiciro by'ibitoro ni indi nkubiri ikomeye ku bukungu bw’isi.

    Impungenge nyamukuru ni ku bijyanye n'ubucuruzi n'uko ibicuruzwa bigera ku masoko.

    Abasesenguzi bavuga ko utugunguru miliyoni ebyiri ku munsi tw'ibitoro dushobora kujya mu kaga niba ubwikorezi bunyuze mu muhora wa Hormuz bukomeje guhungabana.

    Amakuru y’ubwikorezi asanzwe agaragaza ko ingendo z’amato atwara igitoro zagabanutse cyane, kandi impungenge ziyongereye bigandanye no gufunga uwo muhora ubu kwatangajwe na Amerika.

    Ibi byatumye ibiciro byiyongera ndetse habaho n’ihindagurika rikomeye mu isoko ry’ingufu.

    Ingaruka ku bukungu muri rusange zirahita zigaragara. Kuzamuka kw’ibiciro bya peteroli n’ibiyikomokaho bituma ibiciro by’ubwikorezi, ibiribwa n’ibindi bicuruzwa bizamuka, bigatera izamuka ry’ibiciro (inflation).

    Banki nkuru z'ibihugu zari ziherutse gutangira kugabanya inyungu ku nguzanyo, ariko niba ibiciro by'ibitoro bikomeje kuzamuka, bashobora gusubika iyo gahunda.

    Ibihugu byinshi muri Afurika y'iburasirazuba byatangiye guhura n'izamuka ry'ibiciro by'ibitoro, ibi byahise bikurikirwa no kuzamuka kw'igiciro cy'ibicuruzwa birimo ibya nkenerwa nk'ibiribwa.

    Ingaruka z'iyi ntambara n'agahenge kadafashe katangajwe mu minsi ishize bikomeje gutuma ubuzima bugorana henshi ku isi kandi bishobora kurushaho kumera nabi igihe hatabayeho kumvikana ngo intambara ihagarare.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Papa Leo yatanguye urugendo muri Afrika

    Papa Leo yavuye i Vatican City mu rugendo rw’imisi 10 aja muri Afrika, mu rugendo ruvugwa ko ari rumwe mu zikomeye cane zakozwe n’umupapa, mu myaka myinshi iheze.

    Urwo rugendo ruzomushikana muri Algeria, Cameroun, Angola na Guinée Equatoriale.

    Urwo rugendo rufise intumbero yo kumenyesha isi yose ingorane z'umugabane wa Afrika, harimwo ubutegetsi, gucungera ubutunzi hamwe n'imigenderanire hagati y'amadini.

    Mu misi 10 iri imbere, vyitezwe ko Papa azogenda ibilometero hafi 18.000, agendere ibisagara 11 kandi ashikirize amajambo agera ku 25.

    Urugendo rwiwe rwa mbere aza kuja muri Algeria, aho azobonana n'abategetsi b’ico gihugu yongere agendere umusigiti munini w'i Alger, akaba ari ubwa kabiri gusa azoba agiye mu musigiti kuva abaye Papa.

    Ico gihugu, kigizwe ahanini n'aba Islamu, kikazoba cakiriye umupapa ku ncuro ya mbere.

    Urwo rugendo ruje mu gihe Afrika irimwo abarenga ibice 20% b’abakatolika bose bo kw’isi, cane cane muri bimwe muri ivyo bihugu agiye kugendera.

    Bitegekanijwe ko hazoba igikorane kinini co gusenga i Douala muri Cameroun, aho abantu ibihumbi n’ibihumbi bitegekanijwe ko bazocitabira

    Urwo rugendo rwerekana ko Vatican iriko irongera gushira inguvu kuri Afrika mu gihe isi iriko irongera kwitaho Africa cane.

    Izindi nkuru wosoma :

  3. ‘Nibagerageza barabona isomo rikomeye’ - Iran yasubije Amerika ku gufunga umuhora wa Hormuz

    Ingabo za Amerika zatangaje ko, ku itegeko rya Perezida Trump, kuva saa 5:30 z’umugoroba ku isaha ya Tehran (3:30 i Gitega na Kigali) uyu munsi zitangira gufunga umuhora wa Hormuz, Iran yasubije ko Amerika idakwiye kugerageza gukora ibyo.

    Ingabo za Amerika zivuga ko nta bwato na bumwe buza guca muri uwo muhora kuva kuri ayo masaha.

    Mohammad-Bagher Ghalibaf ukuriye inteko ishingamategeko ya Iran yatangaje ko “Amerika nibigerageza iza guhabwa isomo rikomeye”.

    Ibi bibaye nyuma y’uko ibiganiro hagati ya Amerika na Iran byageragejwe i Islamabad muri Pakistan mu mpera z’iki cyumweru binaniranye.

    Nyuma y’ibi, minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Iran Abbas Araghchi yavuze ko “imirwano izana imirwano gusa”

    Araghchi yavuze ko i Islamabad impande zombi “zari hafi cyane yo kugera ku kumvikana” ariko Tehran “ikananizwa”.

  4. Kinshasa na M23: Uyu musi ibiganiro vy'amahoro ubwa mbere biratangura i Buraya

    Ibiganiro hagati ya leta ya RD Congo n’umuhari wa AFC/M23 ubwa mbere kuri uyu musi biritezwe ko bitangura kubera i Buraya mu gihugu ca Suisse.

    Ni impinduka ikomeye mu nzira y’ibiganiro vya dipolomasi inyuma y’uko ibiganiro vya mbere atakinini vyari bwashikeko.

    Abaserukira impande zompi bashitse i Genève, naho ikibanza ibiganiro biberamwo kitaramenyekana.

    Iyi ni incuro y'icenda y’ibiganiro ikurikiye ukutumvikana kw'ibiganiro vyahora bibera i Doha, aho impande zompi ziguma zitumvikana ku bibazo nyamukuru.

    Intumwa za AFC/M23 zirongowe na Benjamin Mbonimpa, mu gihe umugwi wa leta urongowe na Sumbu Sita Mambu.

    Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe an Qatar bakomeza gukora nk'abahuza, MONUSCO ihari nk'indorerezi.

    Naho hari amasezerano menshi yashitsweko mu 2025, harimwo agahengwe hamwe n'amasezerano y'amahoro, intambara irabandanya mu buseruko bwa Republika Congo.

    Reta ya Congo Kinshasa ibandanya isaba ko inyeshamba za M23 ziva mu bisagara nka Goma na Bukavu, mu gihe uwo mugwi ubandanya usaba kurekurwa kw'abarwanyi bawo bapfunzwe nk'igisabwa ca mbere hamwe no kureka ibitero biwukorwako n'ingabo za leta.

    Mu gihe hakiri imishamirano muri Kivu ya Ruguru n'iy'ubumanuko, ibi biganiro bishasha bibonwa nk’akandi karyo ko kugerageza gusubizaho ibiganiro vy’amahoro bisanzwe biri mungorane.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Trump yanenze cyane Papa Leo ku kibazo cya Iran

    Donald Trump yanenze cyane Papa Leo XIV ku mbuga nkoranyambaga, nyuma y’uko uyu munyamerika wa mbere ukuriye Kiliziya Gatolika yamaganye iterabwoba rya Trump kuri Iran.

    Mu butumwa burebure yashyize kuri Truth Social, Trump yavuze ko Papa “adafite ubumenyi ku bijyanye na politiki mpuzamahanga.”

    Yagize ati: “Sinshaka Papa wemera ko Iran ishobora kugira intwaro za kirimbuzi.”

    Agaragaza n’ibindi anenga uwo Muyobozi wa Kiliziya, Trump yavuze ko Papa Leo “adakomeye ku bijyanye n’ikorwa ry’ibyaha ndetse no ku ntwaro za kirimbuzi.”

    Mu cyumweru gishize, Papa Leo yanenze amagambo ya Trump yavugaga ko “ikiragano cyose gishobora kurimbuka iryo joro” niba Iran itemeye amasezerano yo guhagarika intambara.

    Yavuze ko ayo magambo “atemewe na gato,” anongeraho ati: “Hari ibibazo birebana n’amategeko mpuzamahanga, ariko kirenze ibyo, ni ikibazo cy’imyitwarire n’indangagaciro.”

    Papa Leo yakomeje kugaragaza ko adashyigikiye politike za Trump kuva ku kibazo cy'abimukira, kugera no kuri iyi ntambara ya Iran.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Amerika ivuga ko iza kwugara ibivuko vya Irani uyu munsi

    Igisirikare ca Amerika kivuga ko kiza gutangura kwugara ibivuko vya Irani uyu munsi, ariko ko "kitazobuza" ubwato buca mu muhora wa Hormuz buja canke buva mu bindi bihugu.

    Aya niyo makuru mashasha :

    • Igisirikare ca Amerika kivuga ko uguhagarika ingendo zija n’izisohoka ku bivuko vya Irani biza gutangura isaha cumi, ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, kuri uyu wa mbere.
    • Perezida wa Amerika, Donald Trump, avuga ko iryo tegeko aritanze kubera ko Irani “yananiwe kumenya” kwugurura umuhora wa Hormuz. Arongera akagabisha ko igisirikare co mu mazi ca Amerika “kizotera umuriro udahera” aba nya Irani bazogitera, kandi ko kizobuza ubwato ubwo ari bwo bwose buzoboneka ko bwarishe amahera Irani yo guca muri uwo muhora.
    • Ibiciro vy’igitoro vyaduze birenga amadolari 100 ku kagunguru inyuma y’iyongerekana ry’ukutumvikana, ryakurikiye ibiganiro vy’amahoro vyabereye muri Pakistan mu mpera y’indwi ataco vyashitseko.
    • Trump avuga ko ibiganiro vyabereye i Islamabad vyananiranye kubera "Iran idashaka kureka ivyipfuzo vyayo vy'ibirwanisho vya kirimbuzi".
    • Umushikiranganji w’imigenderanire ya Irani n’ayandi makungu Abbas Araghchi avuga ko Irani yagiranye ibiganiro “n’umutima mwiza” na Amerika, mu gihe umukuru w'inama nshingamateka ya Irani, Mohammad Bagher Ghalibaf, arongoye ivyo biganiro, avuga ko Irani "itazokwitanga kubera iterabwoba".
    • Igisirikare ca Irani kivuga ko ubwato bwa gisirikare bwegereye uwo muhora buzofatwa nk'ukurenga ku masezerano yo guhagarika intambara

    Izindi nkuru wosoma :

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.