Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Amerika na Iran byarasanye ku nshuro ya mbere muri ibi byumweru byari bishize

Iran ivuga ko icyo gitero ku kirwa cya Larak, cya mbere kizwi Amerika igabye kuva mu mpera ya Nyakanga (7), cyishe abantu babiri ndetse gikomeretsa abandi babiri.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Aha ni ho turamngirije aya makuru y’ikibiriraho y’uyu musi. Tuzosubira kubashikiriza ayandi makuru y’ikibiriraho ejo. Mwakoze kubana natwe.

  2. Burundi: Abamaze igihe barindiriye pasiporo bazozironka vuba – Igipolisi

    Igipolisi kijejwe abinjira n’abasohoka mu Burundi kivuga ko vuba ibitabo vy’inzira bigiye gukorwa ku bwinshi no gutangwa ningoga, inyuma y’aho bamwe mu babisavye bamaze amezi atanu canke arenga babirindiriye.

    Muri iyi minsi , ku cicaro gikuru c’ico gipolisi i Bujumbura haribonekeje imirongo miremire y’abantu baje gusaba ibitabo vy’inzira.

    Umwe mu bari baje kurondera igitabo c’inzira yabwiye BBC ko yakirishe mu kwezi kwa cumin a rimwe 2025, ariko akaba atarakironka. Avuga ko ivyo vyabangamiye urudandazwa rwiwe, kuko rusaba ko aja mu mahanga.

    Umukuru w’igipolisi kijejwe abinjira n’abasohoka, Général-major de police Maurice Mbonimpa, yemeje ko bari bamaze igihe badashobora gukora ibitabo vy’inzira bikwiye no kubitanga ku gihe.

    Yasiguye ko ukwo guteba kwatewe n’ingorane zo kuronka ivyuma hamwe n’ibindi bikoresho bikurwa mu bihugu vyasinzikajwe n’intambara zo mu Buseruko bwo Hagati.

    Yavuze ko ibintu bigiye gusubira mu buryo, urwo rwego rukaba rwiteze ko ruzoshobora gutanga ibitabo vy’inzira biri hagati y’ibihumbi 10 n’ibihumbi 15 buri kwezi.

    Abasaba ibitabo vy’inzira barongerekanye cane muri iyi myaka ya vuba, kuko Abarundi benshi bagenda mu mahanga, na cane cane mu bihugu vy’Abarabu, kurondera akazi.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Igitigiri c’abapfuye muri Nepal kigeze ku bantu 939

    Urwego rw’igihugu rujejwe gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza muri Nepal ruhejeje gutangaza ko igitigiri c’abapfuye caduze kugera ku bantu 939.

    Urwo rwego kandi rwahinduye igitigiri c’abantu baburiwe irengero, ruvuga ko ubu ari 3.925. Imbere y’aho, rwari rwatangaje ko ababuze ari 4.247.

    Muri abo baburiwe irengero, 592 ni abanyamahanga.

    Amakuru mashasha avuga kandi ko abakozi 639 bo mu mahinguriro y’umuyagankuba uva ku mazi bibazwa ko bakiri muri ayo mahinguriro. Imbere y’aho, urwo rwego rwari rwatangaje ko abo bakozi ari 933.

    Urwo rwego rwongeyeko ko abantu 11.379 bamaze gutabarwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Ivyo womenya ku ntambara y’ubudandaji hagati ya Amerika na Canada

    Amerika na Canada n'ibihugu bibanyi kandi bimaze imyaka myinshi bihanahana ibidandazwa vyinshi. Ariko ubu biri mu matati y’ubudandaji yatanguye gukomera inyuma y’aho Donald Trump agarukiye ku butegetsi muri Amerika.

    Amerika yarongrereje amakori ku bidandazwa biva muri Canada. Ayo makori ni amafaranga arihwa igihe ikidandazwa cinjiye mu gihugu. Akenshi arihwa n’uwacinjije, ariko ashobora gutuma igiciro caco kiduga.

    Ibidandazwa vya Canada vyashizweko ayo makori birimwo ivyuma, aluminium, ibiti n’imodoka. Amerika iheruka kandi gushira ikori rya 50% ku bindi bidandazwa vya Canada bifise agaciro k’amadolari y’abanyamerika imiriyaridi 20.

    Canada na yo yaciye yishura mu gushira amakori ku bidandazwa biva muri Amerika. Na vyo birimwo ivyuma, ibikoresho vyo mu nzu, ibikoresho vyo kwisiga, imashini zo kumesura n’ibikoresho vy’uburimyi.

    Muri Canada, intara ya Ontario ni yo imaze gushikirwa cane n’ingaruka, kubera ko ikorerwamwo imodoka n’ivyuma vyinshi. Amahinguriro amwe yaragabanije ivyo akora, ayandi ahagarika abakozi.

    Hagati y’ukwezi kwa Nzero(1) mu 2025 na Nzero(1) ya 2026, Canada yatakaje ubuzi hafi ibihumbi 55 mu mahinguriro. Muri Quebec, ivyuma vyagurishwa mu mahanga vyagabanutse ku rugero rwa 36%.

    Muri Amerika, intara nka Ohio, Illinois na Pennsylvania na zo zishobora gushikirwa n’ingaruka z’amakori yashizweho na Canada.

    Canada iriko iragerageza kurondera amasoko mashasha i Buraya no mu bindi bihugu. Ariko ntivyoroshe, kuko ibice birenga 70% vy’ibidandazwa vyayo bigurishwa muri Amerika.

    Iyi ntambara y’ubudandaji rero ishobora gutuma ibiciro biduga, amahinguriro agabanya ivyo akora, abakozi na bo bagatakaza akazi.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. CECAFA U-20: Uburundi n’Urwanda vyamenye imigwi bizohura

    Uburundi n’Urwanda vyamenye imigwi bizohura mu nkino za CECAFA zo kurondera itike y’igikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 20 co mu 2026.

    Tombora y’izo nkino yabereye i Dar es Salaam muri Tanzania kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 31 z’ukwezi kwa Myandagaro(8), 2026.

    Uburundi bwisanze mu murwi C hamwe na Kenya na Sudani y’Epfo. Urwanda na rwo rwisanze mu murwi A hamwe na Etiyopiya na Tanzania, igihugu kizokwakira iryo higanwa.

    Umurwi B na wo ugizwe na Uganda, Sudani na Djibouti.

    Iryo higanwa rizohuza imigwi icenda, kuva kw’igenekerezo rya 15 gushika ku rya 25 ukwezi kwa Nyakanga(9) 2026, ku kibuga ca Uhuru giherutse gusanurwa, i Dar es Salaam.

    Imigwi izoba iya mbere mu mirwi A, B na C izoca ija mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, yiyongerako umurwi uzoba uwa kabiri witwaye neza kurusha iyindi.

    Imigwi ibiri izorangiza iri imbere ni yo izoserukira akarere ka CECAFA mu gikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 20.

    Izindi nkuru wosoma :

  6. Kenya: Ingenzi ziri mu bibazo kubera ihagarikwa ry’akazi

    Ingenzi amajana zabuze uko zigira ku kibuga mpuzamakungu Jomo Kenyatta, JKIA, i Nairobi, inyuma y’aho abakozi bo mu gisata c’indege babandanirije guhagarika akazi ku munsi wabo ugira kabiri.

    Abanywanyi b’ishirahamwe ry’abakozi bo mu vy’indege muri Kenya, KAWU, batanguye guhagarika akazi ku w’Imana. Ivyo vyahungabanije ibikorwa ku kibuga mpuzamakungu Jomo Kenyatta no ku bindi bibuga vy’indege hirya no hino mu gihugu.

    Iryo shirahamwe rivuga ko Reta n’inzego zijejwe ivyo indege, bananiwe gutorera umuti ibibazo birimwo amasezerano ajanye n’akazi n’imishahara atarashirwako umukono.

    Umukuru wa KAWU, Walter Ongeri, yavuze ko Reta itashize mu ngiro amasezerano bari bumvikanyeko mu kwezi kw’indwi, yari yatumye ihagarikwa ry’akazi riba rirabangiriye.

    JKIA ni kimwe mu bibuga vy’indege bikuru bihuza ingendo z’indege mu karere. Ku munsi w’Imana, ikigo kijejwe ibibuga vy’indege muri Kenya hamwe na Kenya Airways vyari vyagabishije ko indege zishobora gucerezwa.

    Abakozi bo mu gisata c’indege muri ico gihugu bariko barakora buhorobuhoro, basaba kunagurirwa uburyo bakoramwo n'ishirwa mu ngiro ry’amasezerano bari barumvikanyeko.

    Ibiganiro hagati y’amasendika n’abayobozi b’ibibuga vy’indege bitegekanijwe kubandanya kuri uyu munsi wa mbere, inyuma y’uko ibiganiro vyo ku w’Imana birangiriye ata mwumvikano ubonetse.

    Kenya Airways yavuze ko ihagarikwa ry’akazi ry’abagenzura uruja n’uruza rw’indege ryatumye ingendo zimwe zicerezwa amasaha arenga atandatu, izindi zirahagarikwa. Yemereye ingenzi guhindura amatariki y’ingendo atamande babarihishije.

    RwandAir na yo nyene yahagaritse ingendo zibiri kuri uyu wa mbere, inyuma y’izindi zari zahagaritswe ku w’Imana.

    Ingenzi yitwa Mendel Goldman yabwiye Reuters ati: “Ndahamaze amasaha 12 ndindiriye,” inyuma y’uko indege yiwe ihagaritswe.

    Umwaka uheze, JKIA yakiriye ingenzi imiliyoni icenda, nk’uko abategetsi ba Kenya babivuga.

    Iri hagarikwa rikurikiye irindi ryamaze imisi ibiri mu kwezi kwa kabiri , mu gihe abakozi babandanya gusaba ko uburyo bakoramwo bunagurwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Nepal: Umubare w'ababuriwe irengero nyuma y'umwuzure wageze ku 4,247, mu gihe abarenga 900 bapfuye

    Umubare w’abantu baburiwe irengero muri Nepal nyuma y’umwuzure w’igihe gito (flash flood) wabaye ku wa gatatu, wazamutse ugera ku bantu 4,247, mu gihe abantu nibura 903 bazwi ko bapfuye.

    Uwo mubare w’ababuriwe irengero wiyongereye cyane uvuye ku bantu 2,502 bari batangajwe ku cyumweru.

    Muri abo baburiwe irengero, 3,655 ni abaturage ba Nepal, mu gihe abanyamahanga 592 bataramenyekana aho baherereye.

    Muri Tibet – akarere kagenzurwa n’Ubushinwa – umubare w’abapfuye watangajwe n’abategetsi ni abantu 16, mu gihe abantu 546 batangajwe ko baburiwe irengero, nkuko bitangazwa n’ibitangazamakuru byo mu Bushinwa.

    Abantu babarirwa mu magana mu baburiwe irengero byemezwa ko bari abakozi bo ku ngomero z’amashanyarazi zo muri Nepal, bamwe muri bo bakaba barakoreraga mu miyoboro yo munsi y’ubutaka.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Abantu umunani bapfuye abandi 18 baburiwe irengero nyuma yuko ubwato burohamye ku nkombe ya Cyprus y'amajyaruguru

    Abantu nibura umunai bapfuye naho abandi 18 baracyaburiwe irengero nyuma yuko ubwato butwara abagenzi burohamye hafi y’inkombe ya Cyprus (Chypre) y’amajyaruguru, nkuko umukuru w’ubutegetsi bwa Turukiya bwaho yabivuze.

    Ünal Üstel, Minisitiri w’intebe w’iyiyise repubulika ya Turukiya kuri Cyprus, yavuze ko ubwo bwato bwari butwaye abagenzi 259 ndetse burimo abantu umunani babukoramo, ubwo amazi yatangiraga kubwinjiramo ku cyumweru nyuma yuko buhagurutse mu mujyi wa Kyrenia uri ku nkombe.

    Üstel yanditse ku mbuga nkoranyambaga ko umusare mukuru (kapiteni) w’ubwo bwato hamwe n’abandi barindwi babukoramo bafunzwe bijyanye n’iperereza ririmo gukorwa ku “kuntu ibyago byabaye”.

    Abategetsi bavuga ko benshi mu bari bari muri ubwo bwato batabawe. Igikorwa cyo gushakisha no gutabara cy’abategetsi bo muri Turukiya kirakomeje.

    Ubwato ubu bwarohamye, abategetsi bakaba barimo kugerageza kubona agasanduku k’umukara k’ubwo bwato – kabika amakuru y’ibibera mu bwato – kugira ngo bamenye uko byagenze.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Rwanda: Abanyeshuri barenga 7000 bakopeye ibizamini bya leta bagiye kubisubiramo

    Minisiteri y'uburezi mu Rwanda yatangaje ko iperereza yakoze ku bikorwa byo gukopera no gukopeza ibizamini bya leta bisoza amashuri abanza by'umwaka w'amashuri wa 2025/2026 ryemeje ko habaye gukopera mu buryo bwa rusange mu byumba 254 byakorerwagamo ibizamini, byarimo abanyeshuri 7,188 bo mu hirya no hino mu gihugu, ubu bakaba bagiye kubisubiramo.

    Mu itangazo yasohoye ku mbuga nkoranyambaga mu ijoro ryo ku cyumweru, yavuze ko "n'ubwo ubusanzwe uwakoze amakosa nk'aya ahanishwa gutesha agaciro ibizamini yakoze" atari ko bigiye kugenda kuri abo banyeshuri, kuko iperereza ryasanze "bimwe muri ibi bikorwa byo gukopera byateguwe cyangwa bikagirwamo uruhare n'abantu bakuru bari bahawe inshingano zo gukoresha no kugenzura itangwa ry'ibizamini".

    Inkuru irambuye hano

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Amerika na Iran byarasanye ku nshuro ya mbere muri ibi byumweru byari bishize

    Amerika na Iran byarasanye nyuma yuko ingabo z’Amerika zigabye igitero ku ntwaro ebyiri zifashishwa mu kohereza ibisasu bya rokete zari ziri ku kirwa cya Larak mu Muhora wa Hormuz.

    Igitangazamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika cyasubiyemo amagambo y’umuvugizi wa bimwe mu biro bikuru by’ingabo z’Amerika (CENTCOM), Komanda Tim Hawkins, agira ati:

    “Abasirikare bo mu mutwe [wo mu ngabo za Iran] wa Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC) babonywe barimo gutegura kohereza ibisasu bya rokete mu Muhora wa Hormuz bakoresheje [bifashishije] intwaro zo mu nyanja.”

    Umutwe wa IRGC wavuze ko icyo gitero cyo ku cyumweru cyishe abantu babiri kinakomeretsa abandi bantu babiri, ndetse wasezeranyije “igisubizo [ukwihorera] n’igihano”. Nyuma wavuze ko wagabye igitero ku hantu hakorerwa n’ingabo z’Amerika muri Jordan (Jordanie), nkuko bitangazwa n’ibitangazamakuru bya leta ya Iran.

    CENTCOM yavuze ko yakoze “igikorwa gito, kidahusha” ku “ngabo zitega ibisasu bya mine biteje inkeke z’aka kanya mu Muhora Hormuz”.

    Mu kwihorera, Iran yavuze ko yarashe ku bigo bya gisirikare by’Amerika byo muri Jordan (Jordanie). Ingabo za Jordan yavuze ko zasamye misile umunani mu gitondo cya kare cyo ku wa mbere.

    Mu yandi makuru, televiziyo ya leta ya Iran yavuze ko ingabo z’icyo gihugu zarashe ku kibuga cy’indege cya gisirikare cyo muri Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) zikoresheje indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drone).

    Ariko ministeri y’ingabo ya UAE yavuze ko amakuru yuko ikibuga cy’indege cya gisirikare cya Al-Minhad cyarashweho “nta shingiro afite”. Ariko UAE yemeje ko yahanuye ‘drone’ imwe.

    Iki gitero cy’Amerika ni cyo cya mbere kizwi igabye kuri Iran kuva mu mpera ya Nyakanga (7) ubwo Perezida w’Amerika Donald Trump yabaga ahagaritse ibitero bishya Amerika yari yongeye kugaba kuri icyo gihugu.

    Ikirwa cya Larak kiri hakurya y’icyambu (ikivuko mu Kirundi) cy’ingenzi cya Bandar Abbas ndetse kiri ku Muhora wa Hormuz, inzira y’ingenzi cyane yo mu mazi inyuramo ibicuruzwa bijya ahantu hanyuranye ku isi. 20% y’ibikomoka kuri peteroli ndetse na gaze itunganyije byajyaga binyura muri iyo nzira mbere yuko Amerika na Israel bitera Iran ku itariki ya 28 Gashyantare (2) uyu mwaka.

    Kuri ubu Iran isaba ko amato atwara ibikomoka kuri peteroli anyura kuri iki kirwa kugira ngo agenzurwe ndetse amakuru avuga ko irimo guhatira amato kuriha miliyoni 2 z’amadolari y’Amerika (miliyari 2 FRW) kugira ngo ahanyure.

    Mbere, ibiro ntaramakuru Tasnim, bifitanye isano n’umutwe wa IRGC, byari byatangaje ko icyo gitero ku kirwa cya Larak cyagabwe hakoreshejwe za ‘drone’.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.