Abafatanyabikorwa mpuzamakungu basaba RDC n’Urwanda kwihutisha ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro
Abasanzwe bafasha mu mugambi wo kugarukana amahoro mu karere k’Ibiyaga Binini basaba Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) n’Urwanda kwihutisha gushira mu ngiro ivyo biyemeje mu masezerano y’amahoro, mu gihe utwigoro tubandanya, mu ntumbero yo kugarukana ituze no gutorera umuti ikibazo c’imirwi yitwaje ibirwanisho iri mu buseruko bwa Congo.
Aka kamo kavuye mu nama igira gatandatu y’Urwego Ruhuriweko mu vy’Umutekano n’uguhuza ibikorwa (JSCM), rukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro hagati ya Congo n’Urwanda. Yahuje abaserukira ivyo bihugu hamwe n’abaserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Qatar, Togo (nk’umuhuza wa Africa) hamwe n’urwego rurongoye Ubumwe bwa Afrika.
Muri iyo nama yabereyei Genève mu Swisse, ku wa 12 na 13 uku kwezi kwa munani , RDC n’Urwanda vyumvikanye kubandanya imigambi ibiri ifise intego yo gukomeza gukurikirana no kugenzura ishirwa mu ngiro ry’Amasezerano ya Washington.
Abitabiriye iyo nama kandi barihweje umugambi wa RDC wo kwaka ibirwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe abarwanyi ba FDLR.
Intambwe igezweko mu gushira mu ngiro amasezerano ya Washington irashimwa kandi n’umugwi b’ibihugu vya Buraya na Amerika rikurikiranira hafi akarere k’Ibiyaga Binini (ICG).
Mw’itangazo wasohoye, uwo mugwi - urimwo Reta Zunze Ubunwe za Amerika, Ububirigi, Canada, Danemark, Ishirahamwe rya Buraya, Ubufaransa, Ubudagi , Ubuhorandi, Ubuswise, Suede n’Ubwongereza - wakiriye neza amasezerano yashizweko umukono ku wa 28 Mukakaro n’umugwi umwe wa FDLR (Forces Démocratiques pour la Libération du Rwanda), wemeye ingingo yo kwakwa ibirwanisho, gusubizwa mu buzima busanzwe no kwegeranirizwa hamwe.
ICG, usaba abategetsi ba Congo gushiraho integuro yumvikana hamwe n’ikirangamisi gitomoye vyo gusambura burundu FDLR, hakurikijwe amasezerano y’amahoro asanzweho.
Uwo mugwi ushimangirako ubutegetsi bwa Kinshasa bukwiye gusigura neza ingene abazoba bakoze ivyaha bazobibazwa, kandi bugakorana cane n’Ubutumwa bwa ONU bwarungitswe guhagararira amahoro muri Congo (MONUSCO). Wibutsa ko gukorana mu nzira iyo ari yo yose n’abarwanyi ba FDLR kutajanye n’ivyo RDC yiyemeje mu masezerano ya Washington.