Amerika ivuga ko ishobora kuzibira ibivuko vya Irani ‘igihe kitazwi’

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ejo ku wa kane ko zishobora kubandanya zizibiye uruja n’uruza ku bivuko vya Irani igihe kitazwi, kandi ko zizorushiriza kuyitera igitutu mu vy'ubutunzi.
Ni mu gihe ibiganiro vyo guhagarika intambara ata kivamwo, igitoro kw’isi kikaba kitariko kirashika ku masoko uko bikenewe, kandi icuka kibi kikabandanya ciyongera mu karere.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, yabwiye abanyamakuru ko igisirikare ca Amerika gifise ubushobozi bwo kugumiza amato y'intambara muri ako karere kugira ngo kibandanye kugota ibivuko vya Irani, ivyagize ingaruka mbi cane ku butunzi bw’iki gihugu.
Mu rugendo yarimwo muri Panamam, yavuze ati: "Igisirikare kirwanira mu mazi ca Amerika gishobora kubandanya kizibiye uruja n’uruza rw’amato ku bivuko igihe cose bikenewe, kuko tuzokuranya amato mu buryo busanzwe, kandi bizoguma uko”.
Umushikiranganji w’ikigega ca reta na we, Scott Bessent, avuga ko Amerika iriko itegura gufatira Iran izindi ngingo ruhasha zizomugaza cane ubutunzi bwayo.
Mu gihe amasezerano y’agahengwe yo mu kwa gatandatu asa n'ayasambutse, Iran irondera gushira igitutu kuri Amerika mu kugenzura Umuhora wa Hormuz.
Iran ntihigimanga mu kurasa amato agerageje guca muri iyi nzira kirumara yo mu mazi, aho hafi ica gatanu c'igitoro hamwe na gaze bizunguruka kw’isi vyaca muri iyo nzira imbere y’uko iyi ntambara itangura muri Ruhuhuma (2).
Perezida Donald Trump wa Amerika ari ku gitsure mu gihugu ciwe, asabwa guhagarika iyi ntambara abanyagihugu ba Amerika baterekwa na gato, ibiciro vy'igitoro na vyo biri hejuru bikaba biriko bituma atakaza abanywanyi, ibi na vyo bikaba bishobora no gutuma umugambwe wiwe utakaza ubwiganze ufise mu nama nshingamateka na nkenguzamateka mu matora yo hagati muri manda ategekanijwe muri Munyonyo (11).
Trump ntahengeshanya kuvuga ko igihugu ciwe ari co gifise mu minwe Umuhora wa Hormuz, ariko Irani na yo ivyamirira kure, ikavuga kandi ko udashobora kwugururwa gushika ivyo isaba bigiye mu ngiro. Muri ivyo harimwo ifutwa ry’ibihano vy'ubutunzi yafatiwe hamwe n’irekurwa ry’amatungo yayo yafashwe.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri YouTube kuri BBC News Gahuza







