IKIBIRIRAHO, Trump yabwiye abari mu biganiro b'Amerika 'kutihutira' kugirana amasezerano na Iran

Ibitangazamakuru byo muri Amerika bivuga ko ayo masezerano arimo kuganirwaho yaba arimo inyongera y'agahenge y'iminsi 60, kaba karimo no kongera gufungura umuhora wa Hormuz.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Ibiciro vy'igitoro vyagabanutse kubera icizere c'amasezerano y'amahoro hagati ya Amerika na Iran

    Ifoto igaragaza ipompo y'igitoro kirimo gushyirwa mu modoka itukura.

    Ahavuye isanamu, Hindustan Times via Getty Images

    Ibiciro vy’igitoro vyagabanutse cane mu gihe amasoko y’imitahe muri Aziya nayo yadugije agaciro, inyuma y’aho habonekeye icizere c’uko hashobora kuboneka amasezerano yo kurangiza intambara Amerika na Israel zatanguje kuri Iran.

    Ku wa gatandatu, Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko amasezerano na Tehran “yamaze kuganirwako ku gice kinini” kandi ko ido n’ido ryayo rizomenyekana vuba.

    Ariko ku musi wakurikiye, yasavye umugwi wiwe uriko uraganira na Iran kutihutisha amasezerano.

    Kuri uwu wa mbere mu gitondo muri Aziya, igiciro c’akagunguru k’igitoro mfatirwako co mu bwoko bwa Brent, camanutse ku rugero rwa 5.5% gishika ku madolari 97.90 ya Amerika. Igitoro na co kidandazwa muri Amerika camanutse ku rugero rwa 5.8% gishika ku madolari 90.99.

    Imbere y'aho, Trump yari yavuze ko muri ayo masezerano hoshirwamwo ibijanye no kwugurura umuhora wa Hormuz, ariko ntiyatanze ido n’ido ry’ukwo vyoshirwa mu ngiro.

    Uwo muhora ucamwo hafi kimwe ca gatanu c’igitoro hamwe na gaz ihinguye bikoreshwa kw’isi yose, ukaba umaze igihe udahita neza kuva intambara itanguye kw’itariki ya 28 ukwezi kwa kabiri, uwu mwaka.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. DR Congo: Abakozi ba Croix-Rouge vyikekwa ko bishwe na Ebola

    Abantu babiri bafotowe mu mugongo itaburiya za Croix-Rouge. Kuri izo taburiya handitse ngo: “Croix-Rouge de la République Démocratique du Congo”.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Croix-Rouge yavuze ko abo bakozi vyibazwa ko banduye imbere y'uko ukwaduka kwa Ebola kumenyekana

    Ishirahamwe ritabara imbabare Croix-Rouge ryavuze ko abakozi baryo batatu bapfuye bahitanywe n’ingwara ishobora kuba ari Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, bigakekwa ko bayanduye igihe bariko batunganya imibiri y’abapfuye.

    Vyibazwa ko banduye iyo ndwara kw’itariki ya 27 ukwezi kwa gatatu, igihe bariko barangurira imirimo mu ntara ya Ituri, mu buseruko bw’ico gihugu, ariko bakaba bari mu bikorwa bidafitaniye isano na Ebola, imbere y’uko uwo mugera waduka.

    Abo bakozi ba Croix-Rouge bari mu bantu mbere vyibazwa ko boba bahitanywe n’iyaduka rya Ebola muri RDC, ahakekwa ko abantu barenga 200 bamaze gupfa, mu gihe abarenga 850 bakekwa ko bayanduye.

    Amashirahamwe Croix-Rouge na Red Crescent (IFRC) yavuze ko abo bakozi bapfuye inyuma yo kwitaho no gukorera abanyagihugu “n’ubutwari hamwe n’ubuntu budasanzwe”.

    Alikana Udumusi Augustin, Sezabo Katanabo na Ajiko Chandiru Viviane bakorera mu gisagara ca Mongwalu, ubu gifatwa nk’akarere iyo ndwara yiziziye cane.

    Bapfuye hagati y’itariki 5 na 16 z’uku kwezi kwa gatanu.

    Abahinga mu vy’amagara y’abantu bavuga ko imibiri y’abahitanywe na Ebola ishobora gukwiragiza cane rwose uwo mugera, kuko amatembabuzi yo mu mubiri aguma yandukiza imbere n’inyuma y’urupfu.

    Iyi ndwara yadutse irimwo ubwoko budasanzwe bwa Ebola bwitwa Bundibugyo, butaragira urucanco rwemewe kandi bushobora kwica hafi kimwe ca gatatu c’ababwanduye.

    Ku wa gatanu, Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara (WHO) ryadugije urugero rw’akaga k’iyo ndwara muri RDC, ruva ku rwego “ruri hejuru” ruja ku ruri “ruhejuru cane”.

    Umukuru wa WHO, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko igitigiri c’abakekwa ko banduye Ebola carenze 900, harimwo abantu 101 bimaze kwemezwa ko bayanduye.

    Ku wa gatandatu, abategetsi ba RDC batangaje ko igitigiri c’abapfuye bakekwa ko bahitanywe na Ebola kigeze ku 204, muri bo 10 bikaba vyemejwe n’ibipimo vya laboratware.

    Igihugu kibanyi ca Uganda na co catangaje abandi bantu batatu bashasha banduye Ebola, bituma igitigiri c’abamaze kuyandura muri ico gihugu gishika kuri batanu.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Mu mafoto: Arsenal yashyikirijwe igikombe cya Premier League yegukanye nyuma y'imyaka 22

    Arsenal yaraye ishyikirijwe igikombe cya shampiyona y'umupira w'amaguru y'icyiciro cya mbere mu Bwongereza – Premier League – yegukanye mu mwaka w'imikino wa 2025-2026, nyuma y'imyaka 22.

    Yateruye icyo gikombe ku mukino wayo wa nyuma muri uyu mwaka w'imikino, aho yatsinze Crystal Palace ibitego 2-1 ku kibuga Selhurst Park cya Crystal Palace.

    Dore amwe mu mafoto:

    Umukinnyi wa Arsenal azamuye igikombe kiriho udutambaro tw'umutuku n'umweru twanditseho "Premier League". Ari kumwe n'abandi bakinnyi benshi basamye bishimye, bambaye imyenda y'umutuku n'umweru. Inyuma yabo hari ibishashi bitukura by'imiriro yo mu birori.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Abakinnyi ba Arsenal, bamwe baryamye mu byatsi, abandi basutamye, naho abandi bahagaze, bakikije igikombe kiri hasi. Bambaye imyenda y'umutuku n'umweru, inyuma yabo hari abantu benshi bahagaze.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Umutoza wa Arsenal Mikel Arteta ateruye igikombe cya Premier League. Yambaye umupira w'umutuku n'umweru.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Umukinnyi wa Arsenal arimo gusoma igikombe cya Premier League, akikijwe n'abandi bakinnyi.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Trump yabwiye abari mu biganiro b'Amerika 'kutihutira' kugirana amasezerano na Iran

    Perezida w'Amerika Donald Trump arimo kureba muri 'camera', asa n'ureba hasi, imisatsi ye imeze nk'irimo guhuhwa n'umuyaga. Yambaye ikositimu yijimye n'ishati y'umweru.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Perezida w'Amerika Donald Trump yavuze ko "impande zombi zigomba gufata igihe cyazo" cyo kugera ku masezerano

    Perezida w’Amerika Donald Trump avuga ko yategetse abari mu biganiro ku ruhande rw’Amerika “kutihutira kugirana amasezerano” na Iran, nyuma yuko mbere yari yumvikanishije ko amasezerano ari hafi kugerwaho.

    Amakuru avuga ko ayo masezerano arimo kuganirwaho arimo inyongera y’agahenge y’iminsi 60, kongera gufungura umuhora wa Hormuz ndetse na gahunda y’ibindi biganiro kuri gahunda ya nikleyeri ya Iran.

    Mu butumwa yatangaje ku mbuga nkoranyambaga, Trump yavuze ko ibiganiro “byubaka” birimo kuba ariko ko “impande zombi zigomba gufata igihe cyazo zikabikora neza”.

    Ku wa gatandatu, Trump yavuze ko amasezerano “ahanini yaganiriweho”, bituma habaho guhwihwisa ko umwanya uwo ari wo wose hashobora gutangazwa ko amasezerano yagezweho.

    Abategetsi bo muri Iran na bo mu mpera y’icyumweru gishize baciye amarenga ko intambwe yatewe mu biganiro. Umuvugizi wa minisiteri y’ububanyi n’amahanga Esmail Baghaei yavuze ko impande zombi ziri “hafi cyane kandi kure cyane” yo kugera ku masezerano.

    Ibitangazamakuru byo muri Amerika bivuga ko ayo masezerano yumvikanishwa atari ayo gucyemura burundu ikibazo, ko ahubwo ateganya ko zimwe mu ngingo zikomeye cyane zaganirwaho nyuma, zirimo nk’ingano y’ibihano Iran yakurirwaho hamwe n’igihe ibyo byabera, kurekura imitungo ya Iran yafatiriwe, ndetse n’ubusabe bwa Washington bwuko Iran igabanya intego zayo zo mu rwego rwa nikleyeri.

    Ayo masezerano yatangajwe mu bitangazamakuru yaciyemo ibice abo mu ishyaka ry’abarepubulikani – rya Perezida Trump – bamwe muri bo bakaba bavuze ku mugaragaro ko arimo korohereza cyane Iran.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.