DR Congo: Abakozi ba Croix-Rouge vyikekwa ko bishwe na Ebola

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Ishirahamwe ritabara imbabare Croix-Rouge ryavuze ko abakozi baryo batatu bapfuye bahitanywe n’ingwara ishobora kuba ari Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, bigakekwa ko bayanduye igihe bariko batunganya imibiri y’abapfuye.
Vyibazwa ko banduye iyo ndwara kw’itariki ya 27 ukwezi kwa gatatu, igihe bariko barangurira imirimo mu ntara ya Ituri, mu buseruko bw’ico gihugu, ariko bakaba bari mu bikorwa bidafitaniye isano na Ebola, imbere y’uko uwo mugera waduka.
Abo bakozi ba Croix-Rouge bari mu bantu mbere vyibazwa ko boba bahitanywe n’iyaduka rya Ebola muri RDC, ahakekwa ko abantu barenga 200 bamaze gupfa, mu gihe abarenga 850 bakekwa ko bayanduye.
Amashirahamwe Croix-Rouge na Red Crescent (IFRC) yavuze ko abo bakozi bapfuye inyuma yo kwitaho no gukorera abanyagihugu “n’ubutwari hamwe n’ubuntu budasanzwe”.
Alikana Udumusi Augustin, Sezabo Katanabo na Ajiko Chandiru Viviane bakorera mu gisagara ca Mongwalu, ubu gifatwa nk’akarere iyo ndwara yiziziye cane.
Bapfuye hagati y’itariki 5 na 16 z’uku kwezi kwa gatanu.
Abahinga mu vy’amagara y’abantu bavuga ko imibiri y’abahitanywe na Ebola ishobora gukwiragiza cane rwose uwo mugera, kuko amatembabuzi yo mu mubiri aguma yandukiza imbere n’inyuma y’urupfu.
Iyi ndwara yadutse irimwo ubwoko budasanzwe bwa Ebola bwitwa Bundibugyo, butaragira urucanco rwemewe kandi bushobora kwica hafi kimwe ca gatatu c’ababwanduye.
Ku wa gatanu, Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara (WHO) ryadugije urugero rw’akaga k’iyo ndwara muri RDC, ruva ku rwego “ruri hejuru” ruja ku ruri “ruhejuru cane”.
Umukuru wa WHO, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko igitigiri c’abakekwa ko banduye Ebola carenze 900, harimwo abantu 101 bimaze kwemezwa ko bayanduye.
Ku wa gatandatu, abategetsi ba RDC batangaje ko igitigiri c’abapfuye bakekwa ko bahitanywe na Ebola kigeze ku 204, muri bo 10 bikaba vyemejwe n’ibipimo vya laboratware.
Igihugu kibanyi ca Uganda na co catangaje abandi bantu batatu bashasha banduye Ebola, bituma igitigiri c’abamaze kuyandura muri ico gihugu gishika kuri batanu.
Izindi nkuru wosoma:





