Trump yakuyeho vyinshi mu bihano vyari vyafatiwe Uburusiya, mu gihe itegeko rishasha rya Amerika ryatanguye gukurikizwa

    • Umwanditsi, Max Matza
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yakoresheje ububasha afise nka Perezida maze ahagarika ibihano vyinshi inama nshingamateka na nkenguzamateka z'ico gihugu zari zemeje mu ntumbero yo guhana Uburusiya kubera intambara bwatanguje kuri Ukraine.

Mw'itegeko yashizeko umukono ku wa gatanu mw'ijoro, Trump yavuze ko guhagarika bimwe muri ivyo bihano biri mu "nyungu z'igihugu" ca Amerika. Yari yashize umukono kw'itegeko ryemeza ivyo bihano muri Nyakanga (9), bikaba vyari bitegekanijwe ko ritangura gukurikizwa ku wa Mungu.

Ivyo bibaye inyuma y'imisi Trump atangaje ko Amerika izotangura kwinjiza igitoro co mu bwoko bwa mazutu kiva mu Burusiya, mu ntumbero yo kugabanya ibiciro vyaco muri Amerika imbere y'amatora yo hagati mu kiringo, ategekanijwe muri Munyonyo (11) uwu mwaka. Ayo matora ni yo azogena umugambwe uzoca ugenzura inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Iyo ngingo yaratangaje abashingamateka n'abakenguzamateka, kandi yaraneguwe n'abo mu migambwe yompi, ni ukuvuga aba Républicains n'aba Démocrates.

Itegeko rya Amerika rijanye n'ivyo bihano ryahawe izina rya Lindsey Graham, umukenguzamateka w'Umu Républicain wo muri reta ya Carolina y'Epfo aheruka gupfa. Graham yari umwe mu bashigikiye cane Ukraine i Washington, imbere y'uko apfa ku wa 11 Mukakaro (11).

Iryo tegeko ryari rigamije kuzingamika ubutunzi bw'Uburusiya, rikaba ryaha Trump ububasha bwagutse bwo gushiraho amatagisi agera kw'ijana kw'ijana (100%) ku bihugu bitanu vya mbere bigura igitoro na gaz biva mu Burusiya. Muri ivyo bihugu, Ubushinwa n'Ubuhindi ni vyo bihambaye cane.

Vyongeye, iryo tegeko ririmwo ibihano vyerekeye Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, abategetsi bakuru muri reta y'Uburusiya, amabanki n'ibindi bigo vy'ubutunzi, hamwe n'ubwato bwo mu kinywabi Uburusiya bwakoresha mu gukwepa ibihano.

Ku wa kane, umurwi w'abashingamateka 20 ba Amerika, bo mu migambwe y'Aba Républicains n'aba Démocrates, wasohoye urwandiko usaba Trump kwubahiriza iryo tegeko rishasha ryari ritegekanijwe gutangura gukurikizwa kuva ku wa 18 Gitugutu (10).

Abo bashingamateka barashimiye Trump kuba yararishizeko umukono bongera bamusaba ko yorishira mu ngiro "mu buryo bushitse kandi bwubahirije ivyo ritegekanya".

Bavuze ko iryo tegeko rizoba "ikintu ngirakamaro mu guhatira Putin gufatana uburemere ibiganiro bigamije amahoro", bongera basaba reta ya Trump "gushira mu ngiro ibihano bitegekanijwe n'itegeko rya Graham ku rugero rwavyo rwose, ata kurindira".

Aba Démocrates, harimwo umushingamateka Don Beyer wo muri reta ya Virginia, baramaze kunegura ingingo ya Trump yo guhagarika ibihano. Bamwagirije kwishikana kuri Moscou no guheba Kyiv na Zelensky.

Beyer yanditse ku rubuga X ati: "Gusubira kwishikana kwa Trump kuri Putin ni uguhemukira abo dufadikanije bo ku ruhande rwa Ukraine, kandi ko yirengagije intumbero igaragara y'inama nshingamateka na nkenguzamateka yo kwemeza itegeko ryari rigamije guhana Uburusiya kubera intambara iteye kubiri n'amategeko bwasomborokeje."

Ku wa 9 Gitugutu (10), Trump yatangaje ko yagiranye ikiganiro kuri terefone na Putin, kandi ko bemeranije ko Amerika izogura igitoro co mu bwoko bwa mazutu kiva mu Burusiya.

Kuva intambara na Irani itanguye muri Ruhuhuma (2), ibiciro vy'ibitoro muri Amerika, cane cane vya mazutu, vyaraduze cane. Ivyo vyongereje ingorane z'ubutunzi ku Banyamerika, bari basanzwe bahangayikishijwe n'iduga ry'igiciro c'ubuzima. Trump yizigiye kuba yagabanije ibiciro vy'ibitoro imbere y'amatora yo hagati mu kiringo azoba mu kwezi kuza.

Ibihugu bicuditse na Amerika vyaraneguye amasezerano yo kugura amazutu ava mu Burusiya, bikagira impungenge ko ivyo bishobora gufasha ico gihugu mu ntambara kirimwo na Ukraine.

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko ayo masezerano ari ingabire ihawe Putin, mbere akayabona nk'umutahe wo kubandanya intambara yari ikwiye guhagarara.

Ku w'Imana, igenekerezo rya 11 Gitugutu (10), Trump yavuze ko Uburusiya na Ukraine vyemeranije guhagarika ibitero ku bikorwa remezo bijanye n'amasoko ntanganguvu, aho yashimangira ko iyo ngingo "ica itangura gukurikizwa". Ariko ntiyatanze ido n'ido ry'ayo masezerano.

Zelensky yavuze ko yatangajwe n'iyo nkuru, ariko aca avuga ko Kyiv izohagarika ibitero nimba Uburusiya na bwo nyene bwemera kubihagarika. Ariko Moscou yavuze ko itigeze yemera ayo masezerano, maze ibandanya ibitero vyayo. Haciye imisi itatu, Kyiv yaciye isubira kugaba ibitero ku bikorwa remezo vy'amasoko ntanganguvu vy'Uburusiya.

Ivyo vyatumye Trump anegura bikomeye Ukraine, aho yise ibitero vya Kyiv ku nganda zitunganya igitoro mu Burusiya "ibintu biteye isoni". Zelensky yishuye avuga ko "ariko ararwanira gusa inyungu za Ukraine".

Umwuka mubi warushirije kwiyongera mu ntango z'iyi ndwi, igihe hashirwaho ingingo zigabanya ikoreshwa rya internet y'ibigendajuru vya Starlink, igenzurwa n'ishirahamwe SpaceX ryo muri Amerika. Iyo internet irafasha cane igisirikare ca Kyiv mu kwirwanira.

Igihe umurindi w'iyo internet wari wagabanijwe, Uburusiya bwagavye ibitero vyinshi vyahitanye abantu muri Ukraine. Abanyagihugu hamwe na reta ya Ukraine bavuze ko ata nteguza bari bahawe imbere y'ivyo bitero.

Ku wa gatanu, Zelensky yavuze ko ukugabanuka kw'umurindi wa internet ya Starlink kwabaye "ikintu gitangaje cane, giteye akaga kandi kibabaje", yongerako ko umuvuduko wayo utari bwasubire kumera uko wahora.

Imbere y'aho, reta ya Trump yari yagabishije ko ishobora guhagarika guha Ukraine amakuru y'iperereza, afise akamaro kanini mu kwikingira, hamwe Kyiv itohagarika kugaba ibitero ku nganda zitunganya igitoro mu Burusiya.