Kenya: Abandi bantu bane batowe Ebola, bituma abamaze kuyandura baba indwi

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ubushikiranganji bw'amagara muri Kenya bwatangaje ku wa gatandatu ko habonetse abantu bane bashasha banduye Ebola, harimwo iyindi ncuti y'uwahitanywe n'uwo mugera hamwe n'abakozi batatu bo kwa Muganga bamuvuye.

Iki gihugu nticari bwigere gitorwamwo Ebola gushika kw'igenekerezo rya 6 Gitugutu (10), igihe hatorwa umuntu wa mbere yayanduye. Uyu, ni umunya Kenya yari amaze igihe aba muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC), akaba mbere yahavuye ahitanwa n'iyo ndwara amaze gushika muri Kenya.

Itariki 17 z'ukwezi kwa gatanu uwu mwaka, ni ho RDC yatangaza ko hadutse ikiza ca Ebola kigira 17. Kuva ico gihe, abantu barenga 9.000 baramaze kucandura. Vyongeye, mu myaka 50 iheze, Ebola yahitanye abantu barenga 15.000 ku mugabane wa Afrika.

Mw'itangazo, Ubushikiranganji bw'amagara muri Kenya bwavuze ko bwemeje abantu bane bashasha banduye Ebola, bituma igitigiri bwegu c'abamaze kuyandura kigera ku ndwi, harimwo n'umuntu wa mbere yahitanywe na yo.

Ubwo bushikiranganji bwavuze ko abo bantu bane bagize umuriro mwinshi, baca bashirwa ukwa bonyene imbere yo kugirirwa ibipimo. Inyishu ya vyo yahavuye yerekanye ko banduye.

Buvuga kandi ko muri abo bashasha batowe Ebola, harimwo incuti y'igitsina gabo ya hafi y'uwapfuye ahitanywe na yo. Uwo mugabo, kuva kw'igenekerezo rya 6 Gitugutu, yari ukwa wenyene.

Abakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu banduye ni abagabo babiri b'imyaka 29 na 35, hamwe n'umugore w'imyaka 32. Bari mu bari bakurikiranye umurwayi wa mbere, mu nyuma bashirwa ukwa bonyene kuva kw'itariki ya 9 Gitugutu.

Ubushikiranganji bw'amagara muri Kenya bwongeye gushimangira ko ivyago vyo kwandura uwo mugera mu kivunga bikiri ku rugero rwo hasi, kandi ko ata kimenyetso kirerekana ko Ebola iriko irakwiragira mu bantu bo mu kibano.

Buvuga ko mu bantu 130 bari bakoranyeko canke bahuye n'abanduye, 128 bamaze kumenyekana kandi ko ubu bataramuwe.

Ku wa gatanu, ubwo bushikiranganji bwari bwatangaje uwundi muntu agira gatatu yanduye iyo ndwara: umugore w'imyaka 65, na we akaba ari incuti y'uwa mbere yahitanywe na Ebola. Ubu ariko aravurwa.