Amerika itahukanye burundu ingabo zayo muri Irak inyuma y'imyaka irenga 20, hagiye gukurikira iki?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitegekanya kurangiza kuri uyu wa gatatu igikorwa co gukura abasirikare bayo bose basigaye muri Irak, ikimenyetso c'irangira ry'ibikorwa vya gisirikare vya Amerika bimaze imyaka irenga mirongo ibiri.
Iyi ngingo irangiza ibi bikorwa vya gisirikare vyatanguye mu 2003, igihe Amerika yatera Irak ikavanaho ubutegetsi bwa Saddam Hussein, hagakurikira igihe kirekire c'intambara z'inyeshamba zarwanya ubutegetsi.
Ingabo za Amerika zarigeze kuva muri Irak mu 2011, ariko zaruhiye gusubirayo mu 2014 kugira zifashe mu gutuza umurwi wiyita Reta ya Kisilamu, uzwi ku mpfunyapfunyo za IS.
Iyi ngingo ije mu gihe icuka kibi hagati ya Amerika na Iran cabandanije ciyongera, bituma haduka impungenge ku mutekano w'ingabo za Amerika muri Irak.
Ariko rero, abahinga benshi babona ko itahukanwa ry'izi ngabo za Amerika muri Irak bidasigura ko Amerika ikuye akarenge burundu mu biraba iki gihugu c'Ubuseruko bwo Hagati.
Ni ibiki biriko biraba ubu, vyatewe n'iki?

Ahavuye isanamu, AFP
Bizwi ko itahukanwa ry'izi ngabo rikurikiye amasezerano Washington (ubutegetsi bwa Amerika) na Baghdad (ubutegetsi bwa Irak) bagiriraniye mu 2024 yo kurangiza igikorwa kizwi nka Operation Inherent Resolve, igikorwa co kurwanya IS cari kirongowe na Amerika.
Mu 2007, igihe intambara yo muri Irak yari igeze ku rugero rwo hejuru, ingabo za Amerika zarenga 170.000 zari muri ico gihugu. Muri Kigarama (12) 2023, imbere y'uko ayo masezerano, ico gitigiri caragabanutse gishika ku basirikare bababa 2.400.
Kuva ico gihe, Amerika yabandanije igabanya ingabo zayo, ku buryo hari hasigaye nke cane mu karere ka Kurdistan.
Safwan Al-Amin, umuhinga akurikirana ibibazo vya Irak muri Atlantic Council i Washington, itahukanwa ry'izi ngabo ryumvikanyweko n'ubutegetsi bwahora muri Irak kuko igikorwa co kurwanya IS cari camaze gushika ku co cari kigamije muri ico gihugu.
Avuga kandi ko ico cemezo cerekana igitsure ca poritike kimaze igihe muri Irak.
Douglas Silliman, yabaye ambasaderi wa Amerika muri Irak hagati ya 2016 na 2019, avuga ko intwaro zitandukanye z'ico gihugu zagiye zisabwa kenshi itahukanwa ry'ingabo za Amerika, kubera ko benshi babona ko ubwigenge bwa Irak bwariko burahonyangwa.
Silliman ubu asigaye arongoye Ikigo Arab Gulf States Institute i Washington, yabwiye BBC ati: "Intwaro zitari nke za Irak zaratewe igitsure n'imigwi yegereye Iran hamwe n'abanyagihugu benshi bo mu muryango w'Abashiya, kugira zihatire ingabo za Amerika kuva muri ico gihugu".
Ingabo za Amerika zaravuye muri Irak mu 2011 ku butegetsi bwa Perezida Barack Obama, ariko zahavuye zisubirayo inyuma y'imyaka itatu bisabwe na Irak, inyuma y'uko umurwi IS wigaruriye ibice binini vy'igihugu.
Benshi mu bihweza ibintu n'ibindi bavuga ko kubona izi ngabo zitahukanwa bifitaniye isano cane n'umutekano kuruta irangira ry'igikorwa co kurwanya IS.
HA Hellyer, umuhinga mu kigo c'ubushakashatsi RUSI mu Bwongereza, avuga ati: "Ibi bifitaniye isano n'akaga gashobora guterwa n'umutekano muke, si ikibazo ca IS, iki ni icitwazo carangiye kuva kera cane".
Hellyer afatira ku bitero vya vuba ku bigo vya Amerika mu buraruko bwa Irak mu mishamirano iri hagati ya Amerika na Iran, akavuga ko Washington ibona ko ingabo zayo zisigaye muri Irak zishobora kubangamirwa.
Al-Amin na we nyene aravyemera, akavuga ko abategetsi ba Amerika na Irak bigeze kwiyumvira gusigaza ingabo nkeya za Amerika n'inyuma y'ihagarikwa ry'ivyo bikorwa.
Ati: "Kubera ko ingabo zisigaye ari nke kandi ata bushobozi bukwiye zisigaranye, intambara ya Iran yerekanye ko kubandanya ziriyo bishobora kubakururira akaga kuruta ico vyozimarira".

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Ni irihe ragi Amerika isigiye Irak?

Ahavuye isanamu, Universal History Archive/Universal Images Group via Getty Images
Inyuma y'imyaka irenga 20 iheze Amerika iteye Irak, ivyiyumviro kw'iragi igisirikare ca Amerika gisize muri iki gihugu biratandukanye.
Al-Amin avuga ko iri ragi ari "uruvangatirane rw'ibintu vyinshi."
Yemeza ko igitero ca Amerika kitashitse ku ntego zaco, kandi ko guhindura ubutegetsi bitashikanye Abanya Irak ku vyizigiro bari bafise vyo kubona igihugu gitekanye kandi giteye imbere, ko ahubwo casubije inyuma umutekano wo mu karere congera giha Iran akaryo ko kwagura ububasha bwayo.
Silliman na we aremera ko ivyakurikiye ibogozwa rya Saddam bitari vyoroshe, ariko ko Abanya-Irak benshi bagiye bamubwira ko baha agaciro impinduka za poritike zakurikiye itembagazwa ry'intwaro ya Saddam.
Avuga ko "iciyumviro c'uko Irak ikwiye gutwarwa biciye muri demokarasi ihagarariye abanyagihugu" kimaze gushinga imizi, naho bizosaba igihe kirekire.
Yerevan Saeed, arongoye umugambi uzwi nka Kurdish Global Peace Initiative muri Kaminuza y'i Washington, na we abona ibintu neza, aho agira ati: "Isenyurwa ry'intwaro ya kera cabaye ikintu gihambaye cane", akabona ko abanegura ivyo Amerika yakoze akenshi birengagiza ubugome n'agahotoro vyarangiranye n'iyo ntwaro.
Naho igiturire kikiri ndanse, yemera ko Irak ubu iri mu mwidegemvyo wa poritike no gushikiriza ivyiyumviro kuruta uko vyari bimeze imbere ya 2003, cane cane mu karere ka Kurdistan.
Ariko, Hellyer we ntavyemera na gato.
Ati: "Abantu bakwiye guhagarika kwibaza nimba Amerika yarubatse demokarasi muri Irak. Inyishu ni oya, kandi ico kibazo caramaze guhabwa inyishu".
Ku bwiwe, iragi nyamukuru Amerika isize riraba akarere kose: "Ikomborwa rya Saddam ryatumye imirwi yegereye Iran ironka uburyo bwo kwinjira no mu nzego za reta ubwayo, kubera inzitizi zari zivuyeho".
Ariko abo bahinga bose baremera ko inzira ikiri ndende kugira ngo Irak ibe igihugu gifise demokarasi nyayo nk'iyo abanyaporitike ba Amerika bipfuza mu 2003.
Hoba hagiye gukurikira iki?

Ahavuye isanamu, Gamma-Rapho/Getty Images
Al-Amin ntabona ko itahukanwa ry'izi ngabo risigura ko ijambo Amerika ifise muri Irak riheze.
Amerika iracafise ububasha bukomeye kubera ko Irak yizigiye cane amadorari y'Amerika mu kudandaza ibitoro vyayo. Irak kandi iracakeneye Amerika mu kugura ibirwanisho no mu gushigikirwa mu bijanye n'imigenderanire ku bibazo ifitaniye n'ibihugu bibanyi.
Saeed avuga ko igice kimwe c'ubwo bubasha kibonekera mu buserukizi bwa Amerika muri ico gihugu.
Ati: "Baghdad ni ho hari ubuserukizi bwa Amerika bunini kuruta ubundi bwose kw'isi. Erbil ni ho hari 'consulat' ya Amerika nini kuruta izindi zose kw'isi". Avuga ko izi nyubakwa zompi zizobandanya gukingirwa n'inyuma y'uko ingabo zivuyeyo.
Silliman abona ko umubano ukomeye hagati y'inzego z'umutekano z'ivyo bihugu uzobandanya, harimwo kwigisha ingabo za Irak, kuzifasha gutunganya ibikorwa vyazo, ibikorwa vyo kurwanya iterabwoba, hamwe na Peshmerga, ingabo zo mu karere ka Kurdistan.
Ariko igiteje impungenge gusumba ibindi ni ku mirwi yitwaje ibirwanisho ishigikiwe na Iran. Umushikiranganji wa mbere wa Irak, Ali al-Zaidi, yari yipfuje ko iyo migwi yose iba yamaze gushirwa mu minwe y'ubutegetsi bwa reta bitarenze kw'iyi tariki ya 30 Nyakanga, ariko bivugwa ko iyo mirwi isaba ko ico kiringo cokwongerezwa gushika mu mpera za 2027.
Abahinga ntibahuza ku vyerekeye niba ivyo bishoboka.
Saeed avuga ati: "Ibi ntibizoba". Afatira ku kungene iyi mirwi yamaze kwiganzira ibice bimwe bimwe vya poritike n'ubutunzi bwa Irak, ko ifise abayiserukira mu Nama Nshingamateka kandi ko ifitaniye ubucuti bukomeye na Tehran.
Silliman we abona ko itahukanwa ry'izi ngabo rishobora kuba akarusho kuri Irak. Avuga ko imirwi yitwaje ibirwanisho ishigikiwe na Iran ishobora gutakaza ivyitwazo nyamukuru, bigatuma Baghdad ironka akaryo ko kuyishirako igitsure.
Ariko araburira ko hashobora kubaho akaga gakomeye kuruta: "Naganiriye n'abashikiranganji ba mbere benshi ba Irak, mbere n'imbere y'uko mba ambasaderi, kandi bose bagaragaza amakenga ko iyi ngingo ishobora guteza intambara yo hagati mu gihugu".
Saeed na we afise ubwoba ko wa murwi wiyitirira Reta ya Kisilamu ushobora gusubirana inguvu nk'izo wagize inyuma y'aho ingabo za Amerika ziviriye muri Irak mu 2011.
Yibutsa ko igihe ingabo za Amerika zagenda, ubutegetsi bw'Abashiya bwari i Baghdad bwatanguye gufunga no kwigiza kure indongozi z'Abasuni, ivyo na vyo bikaba vyatumye bamwe muri bo binjira mu butagondwa, ivyatumye IS ikomera.
Kubera amakenga abandanya kwiyongera mu Basuni ku bijanye n'uko bazofatwa muri kazoza, Saeed avuga ko hashobora kwiyongera ivyiyumviro vy'ubutagondwa.
Silliman we afise icizere kinini, avuga ko ingabo za Irak ubu zikomeye cane kurusha uko zari zimeze imyaka cumi iheze kandi ko zifise ubushobozi bwo guhangana n'ivyago nk'ivyo.

Ahavuye isanamu, Gamma-Rapho/Getty Images
Ku rwego rw'akarere, abahinga babona ko itahukanwa ry'izi ngabo rishobora gutuma havyuka ibibazo vy'ukungene Amerika na Irani bishobora kuzoba bihagaze muri Irak mu myaka iri imbere.
Al-Amin yiteze ko Iran izorushiriza gukomeza ububasha bwayo nimba ibishoboye, akagabisha ko iyi ngingo ya Amerika idakwiye gufatwa nk'icemezo ntasubir'inyuma.
Ati: "Ingabo za Amerika zaravuye muri Irak mu 2011, ariko zasubiyeyo inyuma y'imyaka mikeyi.
"Ni iherezo ry'igice kimwe c'igihe, ariko si iherezo rya vyose".











