Igikombe c'isi 2026: Messi ntiyinjije ariko Argentine isezereye Ubuswisi bwari busigaranye abakinyi 10 mu kibuga

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu rukino rw'igice ca kane gishira ica nyuma rwabaye mu masaha y'ubucagucagu mu Burundi no mu Rwanda kuri uno wa Mungu, mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi ribandanya muri Amerika, Canada na Mexique, Messi ntiyinjije ariko Argentine yasezereye Ubuswisi ku ntsinzi y'ibitsindo 3-1, bibiri bikaba vyinjijwe mu gice c'inyongera (prolongation).
Mu gihe Lionel Messi yari yitezwe gufata ikibanza ca mbere c'abakinyi bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi, urukino rwarangiye ata gitsindo yinjije muri bitatu vyose vya Argentine.
Igitsindo ca mbere cinjijwe na Allison MacAllister ku munota w'icumi w'igice ca mbere kuri corner yatewe na Messi, iminota 90 ikaba yagiye kurangira iyi mirwi yompi inganya 1-1, inyuma y'uko Dan Assane Ndoye yinjirije Ubuswisi ico kunganya ku munota wa 67.
Mu gihe Argentine yasa n'iyiganziye urukino, ariko Ubuswisi bukaba bwari bwihagazeko, ibintu vyagiye guhinduka mu gice ca kabiri ca wa mwanya w'inyongera, aho ku munota wa 112, Julian Alvarez yateye ica kabiri, hanyuma ku munota wa 121, ni ukuvuga mu minota y'inyongera y'ico gice c'inyongera nyene, Lautaro Martínez aba ateye ica gatatu, ivy'Ubuswisi biba birangiriye aho.
Hagati aho, Ubuswisi bwagiye kurangiza urukino bufise abakinyi cumi mu kibuga, inyuma y'uko ku munota wa 72, Breel Embolo ahawe ikarata y'umuhondo igira kabiri, bica bimuviramwo iyitukura.
Nta kosa Embolo yakoreye umukinyi, ahubwo yigwishije kugira ngo yerekane ko Leandro Paredes yamukoreye ikosa, mbere umuhagarikizi w'urukino akaba yahaye ikarata y'umuhongo Paredes. Ariko hifashishijwe bwa buhinga bwa videwo (VAR), vyagiye kugaragara ko Embolo yigwishije, ariho ikarata y'umuhondo yari yahawe Paredes yaca ifutwa, ica ihabwa Embolo, uyu na we aba arasezeye urukino, asiga bagenziwe badakwiye mu kibuga.
Mu rundi rukino, Ubwongereza bwatsinze Norvège/Norway ku bitsindo 2-1, Jude Bellingham akaba ari we yinjirije Ubwongereza ibi bitsindo vyompi, ica mbere mu mwanya usanzwe w'urukino.
Norvège niyo yabanje kwinjiza ica mbere catewe na Andreas Schjelderup ku munota wa 36, imbere y'uko mu mpera z'igice ca mbere, ni ukuvuga ku munota wa 47, Jude Bellingham yinjiza igitsindo co kunganya, iminota 90 ikaba yagiye kurangira iyi mirwi yompi inganya 1-1.
Akanya gato igice c'inyongera gitanguye, ku munota wa 93, niho Jude Bellingham yinjiriza Ubwongereza igitsindo c'intsinzi, Erling Haaland na bagenziwe baba barasezeye ihiganwa, na we aba arakuye akarenge mu rugamba rwo guhiganirwa Ikirato c'Inzahabu, agashimwe gahabwa umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi. Asezeye ihiganwa afise ibitsindo indw, mu basigaye muri uru rugamba hakaba harimwo Kylian Mbappe w'Ubufaransa na Lionel Messi wa Argentine bafise ibitsindo umunani umw'umwe.
Abongereza Harry Kane na Jude Bellingham ni bo bakurikira ku bitsindo bitandatu umw'umwe, hanyuma hakaza Umufaransa Ousmane Dembélé ku bitsindo bitanu. Urugamba rero ruracashushe kuko na Dembélé avyitwayemwo neza ntacobuza ko yotsindira aka gashimwe.
Mu nkino z'igice ca kabiri gishira ica nyuma zitazoba zoroshe, Ubufaransa buzohura na Espagne, hazoba ari ku wa kabiri, nayo Ubwongereza buhure na Argentine ku wa gatatu.
Argentine ni yo isanzwe ifise igikombe yatsindiye mw'ihiganwa riheruka, ryabereye muri Qatar mu 2022, ikaba yatsinze Ubufaransa muri ca gice c'ama-penalties, mu rukino rwari rwarangiye impande zompi zinganya 3-3.












