Araqchi: Iran iriteguriye amahoro, ariko kandi iriteguriye n’intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Iran, Abbas Araqchi, yagiye muri Amerika ari kumwe na Perezida Masoud Pezeshkian kwitaba Inama Nkuru ya ONU, yavuze ko intumwa zo ku rwego rwo hejuru za Iran zagiye i New York zifise intumbero yo "gutegura inzira y’amahoro."
Ariko Araqchi yavuze ko Iran izobandanya kwihagararako imbere y’ubusotoranyi ubwo ari bwo bwose, naho vyoshikana ku co yise "intambara yo gutikiza."
Araqchi yabwiye ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika ati: "Twaje i New York kurondera inzira y’amahoro, ariko bibaye ngombwa, turiteguye kandi n’intambara yo gutikiza. Muri ico gihe nyene, turiteguye ibiganiro nyavyo biciye muri dipolomasi."
Ayo majambo aje inyuma y’amakuru avuga ko Perezida wa Amerika Donald Trump yanse icifuzo ca Iran co gusubira kwugurura inzira yo mu mazi ya Hormuz. Mu nyuma Trump yavuze ko Amerika na Iran bizogirana ibindi biganiro mu misi iri imbere.
Mu ndwi iheze, Araqchi yavuze ko Amerika niyemera umugambi watanzwe na Iran, inzira yo mu mazi ya Hormuz ishobora gusubira kwugururwa mu misi indwi.
