'Aka ni ko karyo ka nyuma ko kumuzibira': Obama yateye ivyatsi Trump mu kwiyamamariza Abademokarate

    • Umwanditsi, Max Matza
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Uwahoze ari Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yateye ivyatsi intwaro ya Donald Trump ku bijanye n'intambara ya Irani hamwe n'iduga ry'ibiciro vy'ivya nkenerwa mu gihugu, igihe yatangura imyiyamamazo yo gushigikira umugambwe w'Abademokarate imbere y'amatora y'abashingamateka ategekanijwe mu kwezi kuza kwa Munyonyo (11).

Ari imbere y'isinzi ry'abantu nijoro ku wa gatandatu mu ntara ya Ohio, yagize ati: "Aya matora ni yo mahirwe yacu meza ya nyuma yo kugerageza guhagarika ubupfu bumwe bumwe buranga iyi ntwaro."

Ku rundi ruhande, aho yari ari mu myiyamamazo mu ntara ya Georgia, Perezida Donald Trump yashimagije imigambi y'intwaro yiwe mu bijanye n'abimukira n'amakori ku bicuruzwa biva hanze, avuga ko "Amerika iri mu gihe c'iteka n'iterambere ridasanzwe."

Amatora y'abashingamateka ategekanijwe ku wa 3 Munyonyo ni yo azogena umugambwe uzogenzura Congress (inama nshingamateka na nkenguzamateka) mu kiringo gisigaye c'ubutegetsi bwa Trump, ibizotuma hamenyekana nimba umukuru w'igihugu azokworoherwa canke ananizwe mu gushira mu ngiro imigambi yiwe.

Amatora y'imbere y'igihe aza yatanguye, mbere na Trump yaraye atoye, ejo ku wa gatandatu, mu ntara ya Florida, ari kumwe n'umutambukanyi wiwe Melania Trump.

Mu majambo yashikirije mu ntara za Ohio na Michigan, Obama yaraneguye Trump hamwe n'abagize reta yiwe, anashika mbere aho yamushinyagurije ku kuntu yagerageje guhindura ingoro y'umukuru w'igihugu, Maison Blanche/White House.

Ari i Cleveland, Obama yavuze ati: "Inyuma y'imyaka ibiri yaranzwe n'akajagari, ubunyamaswa, ibiturire n'intwaro mbi, ku rugero tutari bwigere tubona mu gihe ca none, muraronse akaryo ko kuvuga muti: 'Birahagije.'"

Obama yavuze kandi ko atahura impamvu bamwe bahaye umugongo umugambwe w'Abademokarate mu matora ya 2024 kubera ingorane z'ubutunzi n'iduga ry'ibiciro vyakurikiye ikiza ca Covid-19. Ariko yavuze ko ingorane z'ubutunzi igihugu kirimwo ubu ahanini zatewe na Trump ubwiwe.

"Nimba mwabona ibintu vyari bizimvye imbere y'uko haza 'uwo mwese muzi'," niko yavuze ashaka kuvuga Trump atamuvuze izina, "ubu ibintu vyose vyarazimvye kurusha."

Trump na we nyene yemeye ko ibiciro vy'igitoro vyaduze "mu kiringo gito", ariko avuga ko "ubutunzi bwa Amerika bugenda bukomera uko bukeye uko bwije" kandi ko "ivyo biciro bigiye gusubira hasi".

Uno mukuru w'igihugu w'umurepubulikani amaze igihe asabwa gufata ingingo zo kugabanya ibiciro vy'igitoro, vyaduze kubera intambara zo muri Irani no muri Ukraine.

Avuga ku butunzi bw'igihugu, Trump yabwiye isinzi ry'abantu ryari rikoraniye i Perry ati: "Turiko turegeranya amafaranga menshi cane biciye ku makori ku bidandazwa vyinjira mu gihugu." Yaciye asubiramwo ivyo yiyemeje vyo guha Umunyamerika wese akuze amadolari 5.000, mu gihe umugambwe w'Abarepubulikani wotsinda mu nama nshingamateka na nkenguzamateka hompi.

Yarifatiye mu gahanga Abademokarate, abwira abari ngaho ko "bazonyaga amatungo yanyu" kandi ko "bazosambura imbibe z'igihugu."

Mu mvugo y'agasuzuguro, Trump yagirije Abademokarate kurondera kwugururira imiryango abimukira bava muri Libya, Yemeni, Haiti na Somalia, ibihugu yavuze ko "vyinjiranywe n'iterabwoba.

Avuga ku nama yigeze kugirana n'abakenguzamateka batari bake, Trump yagize ati: "Nababwiye nti: 'Kubera iki twama twakira abantu bava mu bihugu bibi? Kubera iki tutokwakira abava …nko muri Norvege, Suwede canke Danemark?'"

Muri Ohio, Obama yarateye ivyatsi Trump ku bijanye n'intambara ya Irani, avuga ko yahaye Irani ijambo rikomeye n'ubwiganze ku Muhora wa Hormuz.

Abajijwe kuri iyo ntambara, Trump yavuze ati: "Narabikoze neza cane kandi birashoboka ko ndayirangiza, canke na bo bakemera kuganira, gusa sinzi. Ariko uko bizogenda kwose, ni twebwe tuzotsinda."

Yaranabajijwe nimba Melania Trump azogendera Ukraine inyuma y'uko Maison Blanche itangaje ko yafashije kugira ngo habe agahengwe mu gisagara kimwe kiri mu minwe y'Uburusiya. Yishuye ati: "Tuzobiraba."

"Izo nzahabu zose ni iz'iki?"

Mu myiyamamazo yiwe, Obama yaraneguye Trump ku kuntu ariko agerageza guhindura Maison Blanche.

Yavuze amushinyaguriza ati: "Izo nzahabu zose ni iz'iki? Maison Blanche isa n'iyahindutse ingoro ya Saddam Hussein yuzuyemwo ibisharizo vy'igitangaza."

Imyiyamamazo ya Obama muri Ohio yari iyo gushigikira uwahoze ari umukenguzamateka, Sherrod Brown, ariko arondera gukuraho umukenguzamateka w'umurepubulikani John Husted, hamwe kandi na Amy Acton, ariko ararondera kuba buramatari wa reta, aho ahanganye n'umurepubulikani Vivek Ramaswamy.

Mw'ijambo ryiwe, Obama yaraneguye Ramaswamy kubera itangazo ryiwe ryo kwiyamamaza ryasohotse mu ndwi iheze, ryagaragayemwo nyina wa Amy Acton batakibana, amwagiriza ko ari umubeshi. Iryo tangazo ntiryigeze rivuga ko umugabo w'uwo mugore yari yaragirijwe gufata ku nguvu Acton akiri umwana.

Obama yavuze ati: "Mu minsi iheze twabonye ko ata karimbi na kamwe adashobora kurenga. Nta mabwa n'amwe atokora kugira ngo yiyerekane imbere y'abantu. Oya, ni murabe namwe iryo tangazo aherutse gusohora."

Amy Acton na we nyene yaravuze ijambo imbere ya Obama, aho yagirije Ramaswamy gukoresha "nabi ibihe vy'ubwana bwanje" kugira ngo "arabe ko yorokora imyiyamamazo yiwe igoyagoya".