Icari c'Inkona: Vyinshi kuri iyi nyubakwa ya Hitler yafashwe n'umuriro mu Budagi

    • Umwanditsi, Patrick Jackson
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Igipolisi c'intara ya Bavaria/Bavière mu bumanuko bw'Ubudagi cahagaritse umuntu yikekwa kugira uruhara mu muriro wadutse ku nyubakwa ya Adolf Hitler yo ku musozi wa Alpes, izwi nka Kehlsteinhaus canke Eagle's Nest, mu Kirundi Icari c'Inkona.

Abakozi b'ikigo cakira ubutumwa bw'ihutirwa mu gisagara ca Traunstein baronse amakuru agabisha ko hari umuriro wari wadutse muri iyo nzu mw'ijoro ryakeye, nk'isaha zitatu n'iminota 15 z'ijoro ku masaha yo mu karere, abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka bahageze bakaba basanze umuriro wamaze gukwira muri iyo nyubakwa.

Igipolisi kivuga ko ibikorwa vyo kuzimya uwo muriro vyagoranye kubera ko iyo nyubakwa iri mu gace k'imisozi. Mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu, umuriro wari ucaka naho abantu bashika 200 bo mu nzego z'ubutabazi bari bagiye kuzimya. Nta muntu yatangaje ko yakomeretse.

Iyo nzu iri hejuru y'igisagara ca Berchtesgaden yari imwe mu bibanza Adolf Hitler yakoresha nk'icicaro c'ubutegetsi, hakaba ari na ho yahurira n'intwazangabo mu gutegura igitero ku gihugu cahoze kizwi nka Reta Zunze Ubumwe z'Abasoviyeti (URSS/USSR) mu 1941, ubu kibaba ari Uburusiya.

Hitler kandi yarakoresheje ico kibanza mu mashusho ya poropagande yamwerekana nk'umuntu yakunda ibidukikije n'ibikoko.

Abajejwe amatohoza bariko barihweza nimba umuntu yafashwe hari uruhara yagize muri uwo muriro.

Iyi nyubakwa yarangiye kwubakwa n'Abanazi mu 1938 ntiyasambuwe inyuma yo gutsindwa kw'Ubudagi bw'Abanazi mu 1945.

Kuva ico gihe, yahindutse ikibanza kizwi cane gikunze kugenderwa na ba mukerarugendo, kikaba kirimwo n'ihoteli ntoya yakira ingenzi.

Urubuga ngurukanabumenyi rw'iyi nyubakwa ruvuga ko ari "icibutso c'amabi atagira izina yaranze intwaro y'agahotoro y'Abanazi".

Mu Ntambara ya Kabiri y'Isi Yose, Hitler n'abamushigikiye bagirizwa urupfu rw'amamiriyoni n'amamiriyoni y'abantu, harimwo n'igandagurwa bunyamaswa ry'Abayahudi b'i Buraya.

Abahuza ibitsina bafise ibisa, abo mu bwoko bwari buzwi nk'Abaroma (Gypsies), abafise ubumuga hamwe n'ayandi moko matomato na bo bapfungirwa mu makambi y'urupfu kandi benshi barahasiga ubuzima.

Mu Budagi no muri Autriche hamaze igihe hari impari ku bijanye n'inyubakwa zifitaniye isano na Hitler, aho bamwe bavuga ko zobungwabungwa, zigahabwa ibindi bikorwa canke zigasamburwa.

Mu gihe hari abavuga ko izo nyubakwa zikwiye kubungabungwa nk'ibibanza vya kahise, abandi bafise impungenge z'uko zoshobora guhinduka ivyibutso canke ibibanza bikomeye bikwegakwega abakigendera ku vyiyumviro y'Abanazi hamwe n'izindi ntagondwa.

Muri Ruheshi (6), abategetsi b'Ubudagi batangaje umugambi wo gushaka kubomora imwe mu nzu zo mu kuzimu za Hitler, yari izwi kiriya gihe nk'"ikirindiro gikuru c'ubutegetsi bw'Abanazi b'Ubudagi", kugira muri ico kibanza hubakwemwo amazu yo kubamwo n'ibiro n'ay'ibiro.

Abarwanya uwo mugambi bavuga ko iyo nyubakwa yari ifise agaciro kanini kuri kahise, ko rero yari ikwiye kugirwa inzu ndangamurage hamwe n'icibutso cerekana irangira ry'intambara.

Na ho muri Mukakaro (7), inyuma y'imyaka myinshi y'impari, abategetsi ba Autriche barasanuye inzu Hitler yavukiyemwo mu gisagara ca Braunau am Inn maze bayihindura ikigo c'igipolisi.