Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sudani y'epfo yoba isubiye mu ntambara?
Colonel William Gatjiath yabwiye BBC ko urugo rwa Riek Machar rwatewe mu muji wa Juba, nk'uko vyagenze ku bigo vy'ingabo ziwe biri mu muji.
Aremeza ko abasirikare bapfuye ku mpande zompi kandi bashobora kuba baharurwa mu majana, kuva aho izo ntambara zadukiye ku munsi wa kane.
Umuvugizi wa leta ya Sudani y'epfo Michael Makuei, we yari yavuze ko ubu ibintu vyasubiye mu buryo.
Abari Juba bavuga ko ubu urwamo rw'ibirwanisho rusa n'urwacureshe, inyuma y'intambara za kare.
Ibiro vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU bimenyesha ko bamwe mu banyagihugu bagiye gusaba ubuhungiro ku kigo caryo.
Riek Machar yagarutse mu murwa mukuru Juba kuva mu kwezi kwa kane, asubira ku mwanya wiwe w'icegera c'umukuru w'igihugu, mu nzira yo kubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara yashizweko igikumu mu mwaka uheze.