Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Agatosi mu Gikombe c'Isi: Mbappé yateye ivyatsi umukenguzamatekakazi wa Paraguay ku majambo y'ivangura

Kylian Mbappé yabwiye Celeste Amarilla ko ari umuntu ateye isoni kandi adakwiriye ikibanza arimwo, inyuma y’aho avugiye amajambo y’ivangura ruhu amushinyaguriza ku mamuko yiwe n’amashure yiwe.

Incamake

  • Kylian Mbappé yabwiye umukenguzamateka wo muri Paraguay Celeste Amarilla ko ari umuntu ateye isoni kandi adakwiriye ikibanza arimwo, inyuma y'aho avugiye amajambo y'ivangura ruhu amushinyaguriza ku mamuko yiwe n'amashure yiwe.
  • Inyuma y'uko Amerika ikubiswe n'Ububirigi 1-4, bisigura ko ibihugu vyose vyakiriye iri higanwa bitashe zirayoye, kuko imbere y'aho Canada yari yakubiswe na Maroc, Mexique nayo ikaba yari yakubiswe n'Ubwongereza.
  • Zelensky arataka atakamba inyuma y'uko ibisasu vya misire vy'Uburusiya bikubise umugwa mukuru Kyiv incuro zibiri mu kiringo kidashika indwi, bikabomagura amazu y'uburaro bikica n'abasivire barenga 50.
  • Ni icemezo cafashwe inyuma y'akamo k'imyiyerekano katewe ku mbuga nyagiro na bamwe mu baharanira impinduka muri ico gihugu.
  • Humvikanye ibiturika bikomeye nibura bibiri ku mugwa mukuru wa Syria, Damas, inyuma y'amasaha make Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa ashitse muri ico gihugu, mu rugendo rudasanzwe rw'imisi ibiri.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu

  1. Afrika y’Epfo: Umukinyi w’umupira w'amaguru wo muri Zimbabwe yarokotse igitero c'amasasu

    Igipolisi co muri Afrika y’Epfo kivuga ko umukinyi w'umupira w'amaguru azwi cane akomoka muri Zimbabwe, Divine Lunga, yarokotse igitero c'amasasu yagabweko mu gisagara ca Johannesburg.

    Nk'uko ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bibivuga, uwo mukinyi w'imyaka 31 yariko ararengana ari mu modoka yiwe ku wa Mungu mu gace ka Hillbrow, kari hagati mu gisagara ca Johannesburg, igihe umuntu ataramenyekana yamurasa.

    Lunga asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu wa Zimbabwe hamwe na Mamelodi Sundowns, uwundi murwi ukomeye wo muri Afrika y'Epfo, ntiyakomeretse muri ico gitero.

    Ubugizi bwa nabi burateye impungenege muri Afrika y'Epfo, kandi ico gihugu kiri mu bifise igitigiri kinini c'abicwa ku mwaka kw'isi.

    Umuvugizi w'igipolisi, Kapiteni Tintswalo Sibeko, yavuze ko bariko bakora itohoza ku caha co kugerageza kwica umuntu, ariko ko gushika ubu ata n'umwe arashirwa mu minwe y'ubutungane.

    Ntiyatanze ayandi makuru aramvuye. Yamara, ikinyamakuru co muri Afrika y'Epfo citwa The Citizen cavuze ko Lunga yariko aja gusenga ari kumwe na mutoya wiwe, igihe bagabwako ico gitero.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. 'Hindura ibi' – Ububiligi bwannyeze Amerika ndetse buvuga ko icyemezo cya Trump cyabwongereye imbaraga

    Umukinnyi wo hagati w’ikipe y’igihugu y’Ububiligi Nicolas Raskin yavuze ko ikipe ye yiyumvisemo “akarengane” nyuma yuko guhagarikwa umukino umwe kwa rutahizamu w’Amerika Folarin Balogun guhagaritswe n’impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru ku isi (FIFA) mbere y’umukino wabo wa 1/8.

    Balogun, w’imyaka 25, uko byagaragaraga yari agiye kudakina uwo mukino wabereye i Seattle, nyuma yo kwerekwa ikarita itukura itaziguye kubera ikosa yakoreye myugariro Tarik Muharemovic w’ikipe y’igihugu ya Bosnia-Herzegovina, mu cyiciro cyabanje.

    Ariko ku cyumweru, FIFA yahagaritseho amezi 12 uko guhagarikwa umukino umwe, bituma inengwa henshi. Impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru i Burayi (UEFA), Ububiligi hamwe n’umutoza w’ikipe y’igihugu y’Ubwongereza Thomas Tuchel ni bamwe mu banenze icyo cyemezo.

    Ku wa mbere, Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko yasabye FIFA gusuzuma ihagarikwa rya Balogun, avuga ko ryari gusiga “icyasha kinini” kuri iri rushanwa.

    Ariko, nubwo uwo rutahizamu ukomeye w’Amerika yemerewe gukina ndetse agatangira uwo mukino, Ububiligi bwakubise bya nyabyo iki gihugu kiri mu byakiriye irushanwa, ku ntsinzi y’ibitego 4-1.

    Raskin, ukina hagati mu ikipe y’igihugu y’Ububiligi no mu ikipe ya Rangers yo muri Scotland (Écosse), yagize ati: "Habaye byinshi hanze y’ikibuga mu minsi ibiri ishize.”

    “Mu ikipe twiyumvisemo ko twakorewe akarengane, kandi twari twiyemeje gusubiriza mu kibuga.”

    Kapiteni w’Ububiligi Youri Tielemans yashimangiye ko ibyabaye byongereye imbaraga iyo kipe.

    Yagize ati: “Twibwiye ko tugomba gusubiriza mu kibuga. Ibyo ni byo twakoze.”

    Nyuma y’igitego cya kane, abakinnyi benshi b’Ububiligi bafotowe barimo kubyina imbyino isa n’imbyino izwi nk'"imbyino ya Trump" – aho aba azunguza amatako ye ahagaze hamwe ari na ko anyeganyeza amaboko ye yafunze ibipfunsi – yamamaye mu gihe cyo kwiyamamaza kwe mu matora ya perezida yo mu mwaka wa 2024.

    Konti yo ku rubuga rwa Instagram y’ikipe y’igihugu y’Ububiligi na yo yagaragaye innyega (ikwena) uko kunyagirwa kw’Amerika, itangaza ifoto ya rutahizamu Romelu Lukaku ashyize ikiganza gifunguye ku gutwi, iri kumwe n’amagambo agira ati: “Hindura [n’] ibi.”

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Urugendo rwa Emmanuel Macron w'Ubufaransa muri Syria: humvikanye ibiturika hafi y’ihoteri arimwo

    Humvikanye ibiturika bikomeye nibura bibiri ku mugwa mukuru wa Syria, Damas, inyuma y’amasaha make Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa ashitse muri ico gihugu, mu rugendo rudasanzwe rw’imisi ibiri.

    Ibisasu vyaturikiye hafi y’ihoteri Perezida Macron yashikiyemwo, ababibonye bakavuga ko babonye umwotsi uduga mu kirere hamwe na za modoka zunguruza abarwaye zaciye zihutira kuhashika.

    Igihe amakuru y’ibi biturika yamenyekana, imboneshakure y’igihugu, Syrian TV, yaciye itangaza ko Perezida Ahmed al-Sharaa yakiriye umushitsi wiwe ku kirimba c’umukuru w’igihugu.

    Ubufaransa buvuga ko umutekano wa Perezida Macron "umeze neza", abajejwe umutekano bakaba babwiye BBC ko ibi bisasu vyari vyashizwe mu kintu bateramwo imyanda no muri bisi itarimwo abantu, vyaturitse inyuma y’uko Macron n’abamuherekeje bari bavuye kw’ihoteri bagana ku kirimba c’Umukuru w’Igihugu, aho yakiriwe na Perezida al-Sharaa.

    Abantu batari bake harimwo n’abapolisi bakomeretse.

    Abategetsi b’Ubufaransa bavuga ko urugendo rubandanya ukuri kwamye uko rwateguwe.

    Hari haciye indwi imwe gusa abantu icenda bishwe n’ikindi gisasu caturikiye i Damas.

    Emmanuel Macron ni we mutegetsi wa mbere akomeye w’uburengero agendeye Syria kuva ingoma y’umuryango wa Assad isenyuwe mu 2024.

    Ubufaransa bwarongoye Syria kw’izina ry’ishirahamwe ryari rizwi nka Societe des Nations/League of Nations mu gihe co hagati y’Intambara ya Mbere n’iya Kabiri y’Isi Yose.

  4. Tanzania: I Dar es Salaam abajejwe umutekano bameze magabo

    Umutekano uracungerewe bikomeye ku mugwa mukuru w’ubutunzi wa Tanzania, Dar es Salaam, aho amajana n’amajana y'abapolisi n'abasirikare babonetse bakwiragiye mu bice bitandukanye vy'ico gisagara.

    Ni icemezo cafashwe inyuma y’akamo k’imyiyerekano katewe ku mbuga nyagiro na bamwe mu baharanira impinduka muri ico gihugu.

    Abanyamakuru ba BBC bashoboye kwibonera abajejwe umutekano bari ku marondo mu bice bitandukanye muri ico gisagara.

    Gusa nta mabariyeri bashinze ku mabarabara, kandi abanyagihugu bafise uburenganzira bwo kubandanya ibikorwa vyabo vya misi yose. Ariko nubwo biri uko nta modoka nyinshi ziboneka mu mabarabara, eka n’abanyagihugu ni bake, mu gihe uyu musi ari umusi mukuru mu gihugu.

    Abajejwe umutekano bafise ibirwanisho bagaragara ku bituro vyinshi vy’imodoka zunguruza abantu. Hagati mu gisagara hazwi nka Posta na ho nyene hari abajejwe umutekano benshi bitwaje n’imodoka isukira amazi ababa mu gihe co guhangana n'imyiyerekano.

    Hagati aho, kubera ubwoba bw'imidurumbanyo hamwe n’ubwicanyi bwabaye mu gihe c'amatora yo muri Gitugutu (10) 2025, hamwe n’ukungene imyiyerekano yari yatumweko ku wa 9 Kigarama (12) umwaka uheze vyanse ko iba, bishobora gutuma abantu benshi batitaba akamo k’iyi myiyerekano y’uno musi.

    Amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu hamwe n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko ibihumbi vy'abantu bishwe mu ntureka zakurikiye amatora yo muri Gitugutu 2025, mu gihe ibiharuro vya reta vyerekana ko abantu bapfuye bari hafi 500.

  5. Zelensky atakambira OTAN kumuha uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere inyuma y’ibitero rutura vy’Uburusiya

    Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ategekanya gukoresha inama ya OTAN/NATO itegekanijwe gutangura kuri uno wa kabiri muri Turukiya mu gusaba ibihugu bifasha igihugu ciwe kumuronsa vyihutirwa uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere vy’Uburusiya biriko biriyongera cane.

    Zelensky arataka atakamba inyuma y'uko ibisasu vya misire vy'Uburusiya bikubise umugwa mukuru Kyiv incuro zibiri mu kiringo kidashika indwi, bikabomagura amazu y’uburaro bikica n’abasivire barenga 50.

    Iyi nama iza kubera i Ankara iza kuba kandi akaryo kadasanzwe kuri Zelensky ko kuganira na Donald Trump wa Amerika, kugira amwumvishe ko ibitero "vy'ubunyamaswa" vy'Uburusiya vyerekana intege nke, kandi ko Vladimir Putin akwiye guhatirwa kwemera ibiganiro vy'amahoro kugira haboneke amahoro "mw’iteka".

    Ibi bitero vy'Uburusiya biheruka bibaye mu gihe Ukraine na yo nyene yari imaze yongereje akariro mu bitero vy’amadrone ashobora gushika kure, ikaba yarateye ibigo bituganya ibitoro be n'ibigo vya gisirikare mu Burusiya, ivyatumye haba ubukene bukomeye bw'ibitoro n'icikagurika ry'umuyagankuba mu bice bimwebimwe.

    Imbuga nyagiro z’Uburusiya zuzuye amavidewo y'abantu bamara amasaha n’amasaha ku mirongo barindiriye igitoro, mbere banarwanira na dukeya bemerewe.

    Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Mark Rutte, asaba ibihugu vya OTAN gukora igikwiriye kugira Ukraine ironke ivyo ikeneye "mu gukingira ubwigenge bwayo".

    Ashimangira kandi ko Ukraine iriko irahindura ibintu ku rubuga rw’intambara, aho ashaka kuvuga ku rugamba rwayo rwo guhagarika ingabo z'Uburusiya mu buseruko bw’igihugu.

    Ariko rero, uko intambara yo mu kirere irushiriza gukara, misire zo mu bwoko bwa balistique z'Uburusiya ntizoroheye Kyiv.

    Mu gitero c’ejo ku wa mbere, amadrone hafi yose yarasambuwe, ariko kuri ibi bisasu vya misire ibintu ntivyoroshe na gato.

    Ukraine nta gisasu na kimwe ca misire zo mu bwoko bwa ballistique yashoboye kuzibira.

    Ntivyoroshe kuzibira ibi bisasu kuko biguruka ku muvuduko wo mu bihumbi vy'ibirometero kw’isaha, Ukraine ikaba idafise za misire zihagije zo mu bwoko bwa Patriot za Amerika.

    Zelensky amaze igihe asaba ibihugu vya Buraya kumuha misire za Patriot bitunze, akavuga ko ata kamaro zifise mu bubiko mu gihe abasivire ba Ukraine bariko baricwa.

    Zelensky asaba kandi ko Ukraine yoronswa ubufasha bwa OTAN kugira ishobore kwitunganiriza uburyo bwayo bwo kwikingira busa n'ubwa Patriot.

    Gusa nubwo Uburusiya buriko bwongereza akariro mu bitero vyabwo, ibi bitero na vyo vya kure vya Ukraine biriko birababaza ubutegetsi bwa Kremlin.

    Inyuma y'imyaka Uburusiya bumaze busambura ibikorwa remezo vya gisivire muri Ukraine, harimwo n'ibigo ntanganguvu mu bihe vy'imbeho ikomeye, uno musi Moscou iriko yagiriza Kyiv "iterabwoba" kubera ibitero vy’ama-drone ku bigo bitunganya ibitoro vy'Uburusiya.

    Ayandi makuru ku ntambara y'Uburusiya na Ukraine:

  6. Igikombe c’Isi: Ibihugu vyakiriye ihiganwa vyose vyasezerewe

    Mu gihe abafana ba Reta zunze Ubumwe za Amerika bari bizeye ko bashobora gutahukana igikombe c’Isi, siko vyagenze, kuko umurwi nserukiragihugu umenyerezwa na Mauricio Pochettino ntiwarenze igice c’umunani gishira ica nyuma.

    Inyuma y’uko ukubiswe n'Ububirigi 1-4, bisigura ko ibihugu vyose vyakiriye iri higanwa bitashe zirayoye, kuko imbere y’aho Canada yari yakubiswe na Maroc, Mexique nayo ikaba yari yakubiswe n’Ubwongereza.

    Inyuma y’uru rukino rwabaye mw’ijoro buca ari kuri uno wa kabiri, hari ababona ko ari bwo butungane inyuma y’uko FIFA ifatiye ingingo gushika ubu igiteje impari yo gukurako igihano c’ikarata itukura umukinyi Folarin Balogun wa Amerika.

    Pochettino aremera ko yarushijwe, aho inyuma y’urukino yabwiye abanyamakuru ati: “Nta muntu n’umwe atabonye ko kuva urukino rutangura tutashoboye kurwinjiramwo neza. Nta na hamwe twigeze dukina nk’uko bikwiye. Eka n’igihe twinjiza, twinjije igitsindo co kunganya 1-1, ariko mu nyuma twaciye dutsindwa ikindi. Kuva urukino rutanguyentitwari tworohewe na gato”.

  7. Agatosi mu Gikombe c'Isi: Mbappé yateye ivyatsi umukenguzamatekakazi wa Paraguay ku majambo y'ivangura

    Umusatirizi w’umurwi nserukira gihugu w’Ubufaransa, Kylian Mbappé, yateye ivyatsi umukenguzamateka wo muri Paraguay, avuga ko ari umuntu ateye isoni kandi adakwiriye ikibanza arimwo, inyuma y’aho avugiye amajambo y’ivangura ruhu amushinyaguriza ku mamuko yiwe n’amashure yiwe.

    Celeste Amarilla, wo mu mugambwe wa Liberal Radical Party muri Paraguay, yanditse ubutumwa ku rubuga rwa X inyuma y’aho igihugu ciwe gitsindiwe n’Ubufaransa mu rukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’Igikombe c’Isi.

    Mbappé yamwishuye ati: “Mupfasoni Celeste Amarilla, uri umugore ateye isoni kandi adakwiriye amabanga urimwo.

    “Ntuserukira Paraguay, igihugu cerekanye umutima, ubutwari n’iteka muri iri higanwa.

    “Kubera amajambo wavuze utiyumviriye hamwe n’ivangura ryawe ryeruye, isi yose yamaze kwibagira urugendo rudasanzwe n’akigoro kadasanzwe k’abakinyi banyu muri iri higanwa ry’Igikombe c’Isi, bisubirirwa n’ishusho mbi y’umugore w’imburakimazi yambitse iceyi igihugu ciwe.

    “Sinzokwigera nemera ko abantu bameze nka we baronka akaryo ko gukwiragiza urwanko n’ivangura kw’isi yose.”

    Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ry’Ubufaransa (FFF) ryatangaje ko rigiye kwuguruza urubanza, rikavuga ko amajambo ya Amarilla ateye isoni cane kandi adashobora wihanganirwa.

    Mw’itangazo, FFF igira iti: “Ayo majambo ni ayo kwiyamirizwa kandi agahanishwa amategeko. Ategerezwa gukurikiranwa n’ubutungane haba mu Bufaransa no mu bindi bihugu. FFF igiye kwitura ibiro vy’ubushikirizamanza kugira amategeko akore.

    “Ayo majambo ateza iceyi abayavuze n’abayakwiragije. Abakinyi b’umurwi nserukira gihugu w’Ubufaransa baserukira Ubufaransa; ni igihugu cacu catutswe.”

    Mbappé yatsinze penaliti yatumye Ubufaransa butsinda muri urwo rukino rwabaye ku wa gatandatu, aca afasha umugwi wiwe kuronka itike y’urukino rwo mu gice ca kane gishira ica nyuma ruzowuhuza na Maroc i Boston ku wa kane.

    Amajambo ya Amarilla yakurikiye ayandi y’uwahoze ari umunyegori wa Paraguay, Jose Luis Chilavert, yavuze imbere y’urwo rukino ko igihugu ciwe kigiye guhura n’“umugwi w’abakinyi ba Afrika”.

    Ayo majambo na yo nyene yatumye umukuru wa FFF, Philippe Diallo, avuga ko Chilavert “ateye isoni”.

    Diallo yavuze ati: “Ndiyamirije nivuye inyuma amajambo y’ivangura yavuzwe na Jose Luis Chilavert ku murwi nserukira gihugu w’Ubufaransa, amajambo ahonyanga indangagaciro z’icubahiro, ubuvukanyi n’ukwemera ubudasa mu mupira w’amaguru.

    “Nimba yarigeze kuba umunyegori rurangiranwa, uyu mugabo ubu yitaye mu gasuzuguro”

    Soma ayandi makuru kw'ivangura hano:

  8. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.