IKIBIRIRAHO, Agatosi mu Gikombe c'Isi: Mbappé yateye ivyatsi umukenguzamatekakazi wa Paraguay ku majambo y'ivangura
Kylian Mbappé yabwiye Celeste Amarilla ko ari umuntu ateye isoni kandi adakwiriye ikibanza arimwo, inyuma y’aho avugiye amajambo y’ivangura ruhu amushinyaguriza ku mamuko yiwe n’amashure yiwe.
Incamake
Kylian Mbappé yabwiye umukenguzamateka wo muri Paraguay Celeste Amarilla ko ari umuntu ateye isoni kandi adakwiriye ikibanza arimwo, inyuma y'aho avugiye amajambo y'ivangura ruhu amushinyaguriza ku mamuko yiwe n'amashure yiwe.
Inyuma y'uko Amerika ikubiswe n'Ububirigi 1-4, bisigura ko ibihugu vyose vyakiriye iri higanwa bitashe zirayoye, kuko imbere y'aho Canada yari yakubiswe na Maroc, Mexique nayo ikaba yari yakubiswe n'Ubwongereza.
Insiguro y'isanamu, Abafana ba Amerika bajumarariwe igihe babona umurwi nserukiragihugu wabo uriko uratsindwa n'Ububirigi
Mu gihe abafana ba Reta zunze Ubumwe za Amerika bari bizeye
ko bashobora gutahukana igikombe c’Isi, siko vyagenze, kuko umurwi
nserukiragihugu umenyerezwa na Mauricio Pochettino ntiwarenze igice c’umunani
gishira ica nyuma.
Inyuma y’uko ukubiswe n'Ububirigi 1-4, bisigura ko ibihugu
vyose vyakiriye iri higanwa bitashe zirayoye, kuko imbere y’aho Canada yari yakubiswe
na Maroc, Mexique nayo ikaba yari yakubiswe n’Ubwongereza.
Inyuma y’uru rukino rwabaye mw’ijoro buca ari kuri uno wa kabiri,
hari ababona ko ari bwo butungane inyuma y’uko FIFA ifatiye ingingo gushika ubu igiteje impari yo
gukurako igihano c’ikarata itukura umukinyi Folarin Balogun wa Amerika.
Pochettino aremera ko yarushijwe, aho inyuma y’urukino
yabwiye abanyamakuru ati: “Nta muntu n’umwe atabonye ko kuva urukino rutangura
tutashoboye kurwinjiramwo neza. Nta na hamwe twigeze dukina nk’uko bikwiye. Eka
n’igihe twinjiza, twinjije igitsindo co kunganya 1-1, ariko mu nyuma twaciye
dutsindwa ikindi. Kuva urukino rutanguyentitwari tworohewe na gato”.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Agatosi mu Gikombe c'Isi: Mbappé yateye ivyatsi umukenguzamatekakazi wa Paraguay ku majambo y'ivangura
Ahavuye isanamu, Reuters
Umusatirizi
w’umurwi nserukira gihugu w’Ubufaransa, Kylian Mbappé, yateye ivyatsi umukenguzamateka
wo muri Paraguay, avuga ko ari umuntu ateye isoni kandi adakwiriye ikibanza
arimwo, inyuma y’aho avugiye amajambo y’ivangura ruhu amushinyaguriza ku mamuko
yiwe n’amashure yiwe.
Celeste
Amarilla, wo mu mugambwe wa Liberal Radical Party muri Paraguay, yanditse
ubutumwa ku rubuga rwa X inyuma y’aho igihugu ciwe gitsindiwe n’Ubufaransa mu
rukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’Igikombe c’Isi.
Mbappé
yatsinze penaliti yatumye Ubufaransa butsinda muri urwo rukino rwabaye ku wa
gatandatu, aca afasha umugwi wiwe kuronka itike y’urukino rwo mu gice ca kane
gishira ica nyuma ruzowuhuza na Maroc i Boston ku wa kane.
Amajambo ya
Amarilla yakurikiye ayandi y’uwahoze ari umunyegori wa Paraguay, Jose Luis
Chilavert, yavuze imbere y’urwo rukino ko igihugu ciwe kigiye guhura n’“umugwi w’abakinyi
ba Afrika”.
Ayo majambo
na yo nyene yatumye umukuru wa FFF, Philippe Diallo, avuga ko Chilavert “ateye isoni”.
Diallo
yavuze ati: “Ndiyamirije nivuye inyuma amajambo y’ivangura yavuzwe na Jose Luis
Chilavert ku murwi nserukira gihugu w’Ubufaransa, amajambo ahonyanga
indangagaciro z’icubahiro, ubuvukanyi n’ukwemera ubudasa mu mupira w’amaguru.
“Nimba yarigeze kuba umunyegori rurangiranwa, uyu
mugabo ubu yitaye mu gasuzuguro”