Burundi: Ndayishimiye yabogoje umukuru wa OBUHA inyuma yo kuboneka amukarira cane
Prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yakuye mu mabanga Lieutnant-Colonel Ir. LéonidasNibigira yahora arongoye ikigo ca reta kijejwe inyubako.
Iri bogozwa ribaye inyuma y’aho kuri uwu wa mbere Ndayishimiye agiye kugendura ikibanza OBUHA iriko yubakamwo ikigo co kurwiza inkwavu muri komine Karusi, mu ntara ya Gitega, agasanga ibikorwa bimaze kurangurwa “ntibihuye n’amafaranga amaze gutangwa”.
Ama video yahanahanywe ku mbuga hwaniro na nyagiro, yerekana Evariste Ndayishimiye ariko arakarira cane umukuru w’ikigo OBUHA.
Ku mafaranga agera hafi ku miriyaridi zibiri n’igice amaze guhabwa ico kigo, umukuru w’igihugu asa n’uwutangazwa n'uko n’impome zitaraheza kwubakwa, mu kiringo c’imyaka itatu.
Muri ayo ma video, Ndayishimiye yumvikanye arakaye cane avuga ngo "Muri aho mushaka kurya gusa".
Kuva ashitse ku butegetsi muri 2020, umwe mu migambi Ndayishimiye yashize imbere ujanye no kurwiza inkwavu mu banyagihugu batobato nk’imwe mu nzira inyaruka yo kubateza imbere.
Ariko bamwe mu banenga ubutegetsi bwiwe bagiye banegura ko uwo mugambi utizwe neza kandi ko urangwamwo inyuruzwa ry’amafaranga.
Izindi nkuru wosoma: