DR Congo: Igipolisi carashe mu kirere kugira gishwiragize isinzi ryarakaye ku kigo kivurirwamwo Ebola

Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi co mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo (DRC), carashe amasasu mu kirere inyuma y’aho isinzi ry’abantu bashavujwe n’impfu z’ababo rigerageje gutwara ibiziga vy’abapfiriye ku kigo kivurirwamwo Ebola kiri i Mongwalu.
Abamenyeshamakuru babiri bo muri ako karere babibwiye BBC ko ako kajagari ko ku wa Mungu kamaze umusi wose.
Ico kigo kivura Ebola kiri mu gice kimwe c’ibitaro, ni na co nyene cari catewe mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu buca ari ku wa gatandatu mu ndwi iheze, aho ihema ryataramurirwamwo abarwayi ryaturiwe.
Ikiziga c’umuntu yishwe na Ebola kirashobora kwanduza cane, kandi gutegura uwo mubiri kugira ujanwe guhambwa bishobora gutuma ubwo bwandu bukwiragira cane.
Abategetsi bavuga ko muri iki gihe hamaze kuboneka abantu barenga 900 bikekwa ko banduye Ebola, hamwe n’abarenga 220 vyibazwa ko bahitanywe na yo.
Umukuru w’abaganga ku bitaro bikuru vya Mongwalu, Dr Richard Lokudu, yavuze ko abateye akajagari ku wa Mungu basaba ko ibiziga vy’abantu babiri bisubizwa imiryango yabo.
Yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press ko ibitaro vyose vyari “mu ruhagarara”.
Umwe muri abo bapfuye yari umupatiri wa Ekleziya Katolika, akaba yari “umuntu azwi cane muri ako karere - umuyobozi w’idini”, nk’uko umukozi wo muri ivyo bitaro yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Ugukekeranya ku bategetsi hamwe no kutemera neza icahitanye abo bantu vyatumye bamwe mu baba muri utwo turere twiziziwe na Ebola batakariza icizere inzego z’ubutegetsi.
Ku wa kane, isinzi ry’abantu ryaraturiye amahema yataramurirwamwo abarwayi ku bitaro vya Rwampara, igisagara kiri ku bilometero 85 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Mongwalu, na ho nyene Ebola ikaba ihibonekeza cane.
Ivyo vyabaye i Rwampara inyuma y’uko abantu babujijwe gutwara no guhamba ikiziga c’umugabo vyikekwa ko yahitanywe na Ebola.
Izindi nkuru wosoma:

