Igitigiri c’abanduye Ebola muri Kenya caduze gishika ku munani
Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kenya, Dr. Patrick Amoth, yabwiye televiziyo Citizen TV ejo haheze ko ubu bushikiranganji bwapimye abantu 38, maze umwe hatorwa umwe muri bo yanduye umugera wa Ebola wo mu bwoko bwa Bundibugyo.
Uwo murwayi mushasha ni umukozi ajejwe kwitaho abarwayi bari bashizwe ukwabo.
Amoth yavuze ko uwo murwayi yashizwe ukwiwe kandi ko ariko aravurwa mu buryo bwihariye, nk’uko bimeze no ku bandi barwayi indwi bari basanzwe baranduye uwo mugera.
Ibi vyatangajwe haciye umusi umwe gusa Kenya itangaje abandi bane bari banduye Ebola. Muri abo banduye harimwo umugabo afitaniye ubucuti bwa hafi mu muryango n'umurwayi wa mbere yanduye iyo ndwara muri ico gihugu, hamwe n'abakozi batatu bo mu gisata c'amagara y'abantu bari bamuvuye igihe yari mu bitaro.
Amoth kandi yahumurije abanyagihugu ku bijanye n'uko iyo ndwara ishobora gukwiragira mu kibano, akavuga ko akaga k’uko abantu bashizwe ukwabo bashobora kuba baranduje abandi imbere y'uko bashirwa ukwibo ari gato.
Yagize ati: “Batanguye kwerekana ibimenyetso vy'indwara haciye igihe kirekire, ku musi ugira icenda canke icumi. Ivyo bisigura ko igihe bari bakiri mu kibano ata bimenyetso vy'indwara bari bafise. Ni co gituma urugero rwo kwanduza abandi bantu rwari turo cane.”
Kenya yemeje umuntu wa mbere yanduye Ebola kw'igenekerezo rya 6 Gitugutu (10). Uwo murwayi wa mbere yari umugabo yaba muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC).
Vyongeye, kubera ko abandura Ebola muri Kenya baguma biyongera, inama mpuzamakungu yerekeye uburimyi (Africa International Agricultural Expo 2026, AIAE), yari itegekanijwe kubera mu nyubakwa ya KICC i Nairobi, yarungurujwe gushika mu mwaka uza.
Ayandi makuru kuri Ebola ushobora gusoma: