Ubuyapani buriyamiriza urugendo rwa Putin mu mazinga ateje impari
Ubuyapani bwatangaje ko bwiyamirije bwivuye inyuma urugendo Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yagiriye mu mazinga amaze igihe kirekire ateje impari hagati y’Uburusiya n’Ubuyapani.
Ibinyamakuru vya reta y’Uburusiya vyatangaje kuri uyu wa kane ko Putin yagendeye izinga rya Iturup, rizwi mu Buyapani nka Etorofu, rimwe mu mazinga ane agize akarere ka Kuril buri ruhande rwiyitirira.
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubuyapani n’ayandi makungu, Toshimitsu Motegi, yavuze ko ayo mazinga ari “ubutaka bw’Ubuyapani kuva muri kahise ari na ko biri mu mategeko mpuzamakungu”, ari co gituma “Reta y’Ubuyapani yiyamirije cane uru rugendo”.
Ibi bihugu vyompi bimaze imyaka mirongo biri mu mpari kuri iki kibazo c’amazinga ya Kuril.
Izi mpari ni nazo zatumye ahanini Uburusiya n’Ubuyapani bidashira umukono ku masezerano y’amahoro inyuma y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose.
Amazinga ya Kuril ari hagati y’uturere twa Hokkaido, mu buraruko bw’Ubuyapani, hamwe na Kamchatka mu Burusiya. Ubuyapani bwiyitirira amazinga ane ari mu bumanuko bwa Kuril, bukayita Intara zo mu Buraruko.
Aya mazinga atwarirwa mu butegetsi bw’Uburusiya. Igihe intambara ya Kabiri y’Isi Yose yahera, Ubumwe bw’Abasoviyeti bwarigaruriye ayo mazinga, buca bwirukana Abayapani bagera ku 17.000 bahaba.
Mu rugendo rwiwe rwo kuri uyu wa kane, Putin yafunguye ku magi y’amafi yongera aganira n’abanyagihugu baho, nk’uko vyatangajwe n’ibinyamakuru vya reta y’Uburusiya.
Ayo mazinga ni kirumara ku bikorwa vya gisirikare vy’Uburusiya, aho Iturup ikoreshwa nk’ikigo nyamukuru c’ingabo z’Uburusiya zirwanira mu kirere muri ako karere.
Mu kwezi guheze, amato y’intambara y’Ubushinwa n’Uburusiya yaraciye mu muhora uri hagati y’ayo mazinga ya Kuril mw’irondo rusangi.
Mu mwaka uheze na ho, Uburusiya bwarakoze imyimenyerezo ya gisirikare hafi y’ayo mazinga, igikorwa ciyamirijwe n’Ubuyapani.