Burundi : 'Ihonyabwoko' ryo mu 72 ntiryakozwe n'Abatutsi ryakozwe n'indongozi mbi – Ndayishimiye
Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi House/X
Insiguro y'isanamu, Perezida Evariste Ndayishimiye ahamagarira Abarundi bo mu moko yose kubana neza
Umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuga ko "ihonyabwoko" ryakorewe Abahutu mu 1972, mu Burundi, ryateguwe ryongera rishirwa mu ngiro n'abategetsi b'ico gihe.
Ndayishimiye yabishikirije ku wa kane igihe hatangura icese amasengesho yo gukengurukira Imana ku myaka itandatu amaze arongoye Uburundi, ariko abera mu yahoze ari intara ya Muyinga ubu iri mu ntara nshasha ya Buhumuza.
Yagize ati: "Birambabaza cane iyo bumvise ihonyabwoko ryo mu 72, bagaca bumva umengo ni abatutsi barikoze".
Sudani: Umurwi w'ibihugu na ONU bagabisha ko hashobora kuba ubwicanyi bukabije i El obeid
Ahavuye isanamu, Reuters
Ihuriro ry’ibihugu birenga 20 ryagabishije ku bwicanyi bukomeye
bushobora kuba vuba muri Sudani, rikavuga ko abasivire bagera ku 500.000
bashobora kwisanga mu kaga mu gihe intureka ziriko ziriyongera mu micungararo y’igisagara
ca El Obeid, mu ntara ya North Kordofan.
Iryo huriro riharanira gukinga amabi n’ubutungane kuri Sudani (Coalition for Atrocity Prevention and Justice
for Sudan) rivuga ko abasivire n'imiburiburi 50 bamaze kwicwa mu minsi cumi ikurikirana
mu bitero vya ‘drones’ vyagabwe kuri El
Obeid na North Kordofan.
Rivuga kandi ko hari "amakuru yizewe y'ubwicanyi bushingiye ku moko,
harimwo n'ihohotera rishingiye ku gitsina n'irishingiye ku kuba umuntu ari
umugabo canke umugore".
Iryo huriro rigabisaha kandi ko abantu barenga 100.000 bavuye mu zabo imbere mu gihugu, bashobora kwisanga mu
kaga hamwe intambara zobandanya zikara.
Rigira riti: "Duhamagarira umurwi Rapid Support Forces guhagarika buno
nyene ibitero kuri El Obeid”, rigasaba n’impande zose kugabanya imishamirano zikanubahiriza
amategeko mpuzamakungu agenga ibikorwa vy'ubutabazi mu bihe vy'intambara.
Iryo huriro risaba kandi amakungu kwongereza igitutu ku mpande zose zishamiranye
mu ntumbero yo gukinga ibindi bikorwa vy'ubwicanyi n'amabi.
Iri gabisha rije mu gihe ONU na yo nyene iherutse kugaragaza ko ifise umutima
uhagaze kubera amakuru avuga ko hashobora kuba igitero co ku butaka
cotumberezwa kuri Obeid, kimwe mu bisagara bifatiye runini cane ibikorwa vy'ubutabazi n'ubudandaji muri Sudani.
Intambara hagati y'umutwe witwara gisirikare Rapid Support Forces hamwe n'ingabo za reta ya Sudani imaze imyaka irenga itatu.
Nubwo ata bitigiri ntabanduka vy'abamaze kwicwa, vyibazwa ko n'imiburiburi abantu 150.000 bamaze kwicwa ndetse ko bashobora no kuba bashika ku 400.000. Abarenga imiriyoni 11 barataye izabo.
Zimbabwe: Abashingamateka bashigikiye integuro yo kwongerereza Perezida ikiringo ku butegetsi
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Perezida Emmerson Mnangagwa ari ku butegetsi kuva mu 2017
Inama nshingamateka yo muri Zimbabwe yemeje integuro y’itegeko ifise
intumbero yo kwongereza ikiringo c’umukuru w’igihugu kuva ku myaka itanu gushika kuri ndwi, ingingo yoshobora gutuma
Perezida Emmerson Mnangagwa aguma ku butegetsi gushika mu 2030.
Mw’itora ryabaye ku wa kane, umukuru w’inama nshingamateka, Jacob
Mudenda, yatangaje ko abashingamateka 216 batoye bashigikira iyo nteguro,
igitigiri gisumba kure amajwi 187 yari akenewe kugira ngo haboneke ubwiganze
bwa bibiri vya bitatu busabwa kugira hahindurwe ibwirizwa shingiro.
Abashingamateka 42 ni bo batoye bayiyamiriza.
Ubu, iyo nteguro igiye kurungikwa mu nama nkenguzamateka. No muri uru
rwego vyitezwe ko izokwemezwa kuko umugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi bitangazwa ko urufisemwo ububasha bukomeye biciye ku bacuditse
na wo harimwo n’abategetsi kama.
Hakurikijwe izo mpinduka zitegekanijwe, abategetsi batowe
n’abanyagihugu, harimwo Perezida n’abashingamateka, bazohora barangura
amababanga batorewe mu kiringo c’imyaka indwi, mu gihe ico kiringo cahora ku myaka
itanu.
Izo mpinduka zitegekanya kandi ko amatora yimirije yungururizwa mu mwaka
wa 2030. Ziranahindura uburyo bwo gutora Perezida, aho azohora atorwa n’Inama nshingamateka,
mu gihe yahora atorwa n’abanyagihugu bose.
Ibinyamakuru vyo muri Zimbabwe bivuga ko abashigikiye iyo nteguro basigura
ko ikiringo kirekire c’umukuru w’igihugu cotuma igihugu kironka umutekano urama,
amafaranga akoreshwa mu matora akagabanuka, hama n’ingendo yo kubaza umutegetsi ivyo yashitseko mu nshingano ziwe ku banyagihugu, igatsimbatara.
Ariko abarwanya iyo nteguro bavuga ko izo mpinduka zigamije kugumiza Perezida Mnangagwa
ku butegetsi inyuma y’ikiringo ciwe ca kabiri kizorangira mu mwaka wa 2028. Abo baragerageje no kurwanya mu buryo bw’amategeko iyo nteguro mu kwitura
ubutungane.
Insiguro y'isanamu, Urusaku rw'amasasu rwumvikanye kuri iki kibuga cy'indege cy'i Niamey, cyanagabweho igitero mu kwezi kwa mbere (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)
Abategetsi bavuga ko abantu
35 bishwe ku wa kane nyuma yuko abagabo bitwaje imbunda bateye ku kibuga cy’indege
cya mbere kinini cyo muri Niger – igitero cya kabiri kibayeho mu mezi atageze
kuri atanu ashize.
Abatuye muri icyo
gihugu cyo muri Afurika y’uburengerazuba cyiganjemo abayisilamu babwiye BBC ko
ari bwo bari bakirangiza amasengesho yabo ya mu gitondo, ubwo bumvaga ibiturika
hamwe n’urusaku rw’amasasu byumvikana ku kibuga mpuzamahanga cy’indege cya Diori
Hamani, kiri mu murwa mukuru Niamey.
Minisiteri y’ingabo ya
Niger yavuze ko mu bapfuye harimo 22 mu bateye, abasirikare 11 hamwe n’abasivile
babiri.
Ku mugoroba wo ku wa
kane, umutwe w’intagondwa wa Jama’at Nusrat al-Islam wal-Muslimin (JNIM),
ushamikiye kuri al-Qaeda, wigambye ko ari wo wagabye icyo gitero.
Niger imaze imyaka 10
irwana n’imitwe y’intagondwa igendera ku mahame akaze yiyitirira idini rya
kisilamu. Ndetse mu mpera ya Mutarama (1) uyu mwaka, umutwe ufitanye isano n’umutwe
wiyita Leta ya Kisilamu (IS) wigambye ko ari wo wagabye igitero kuri icyo
kibuga cy’indege.
Urwo rugomo rwo ku wa kane rwarangiye hagati mu masaha ya mu gitondo
ndetse kuva icyo gihe abashinzwe umutekano bavuze ko barimo guhiga abasigaye bo
muri abo bateye.
Amerika yakuyeho kuzibira ibivuko vya Iran, mu gihe Umutegetsi w’ikirenga wa Iran avuga ko Trump yemeye amasezerano ‘kubera kwihebura’
Ahavuye isanamu, ISNA/WANA/Reuters
Amerika
yakuyeho ingingo yo kuzibira ubwato buva mu bivuko vya Iran inyuma y’uko
ibihugu vyompi bishize umukono ku masezerano yo guhagarika intambara yo mu
Buseruko bwo Hagati.
Bumwe
mu biro bikuru by’ingabo za Amerika (US Central Command) bwemeje, bubicishije
ku rubuga X, ko ico gikorwa co kuzibira ubwato cahagaritswe “hisunzwe
amabwirizwa ya Perezida”.
Ariko
bwamenyesheje ko bumwe mu bwato bwa gisirikare bwa Amerika buzoguma hafi y’ako
karere.
Umwanya
muto inyuma y’ivyo, Umutegetsi w’ikirenga wa Iran, Mojtaba Khamenei, yavuze ko
yemeye ayo masezerano na Amerika n’ubwo avuga ko afise ukundi abibona, ariko
aha ntiyasiguye ico yashatse kuvuga.
Yavuze
ko yemeye ko ayo masezerano aja mu ngiro inyuma y’aho yijejwe na Perezida wa
Iran, Masoud Pezeshkian, ko azorinda “uburenganzira bw’ihanga rya Iran”.
Yashimangiye
ko n’ubwo mu misi iri imbere hagiye kubaho “ibiganiro vy’imbonankubone” hagati
ya Tehran na Washington, ivyo “ntibizosigura kwemera ivyifuzo canke ivyiyumviro
vy’umwansi”.
Ni
ubwa mbere Khamenei ashikirije iciyumviro ciwe kuri ayo masezerano.
Nta
n’umwe aramubona ku mugaragaro kuva aho atanguriye amabanga yo kurongora ico
gihugu muri Ntwarante (3), inyuma y’urupfu rwa se ari na we yasubiriye,
Ayatollah Ali Khamenei, yishwe mu bitero vya Amerika na Israel vyagabwe
kuri Iran ku wa 28 Ruhuhuma (2), bikaba ari vyo vyatumye intambara yo muri ako
karere isutama.
Trump
ntiyishuye mu buryo bugaragara iryo tangazo rya Khamenei. Ariko yacishije
ubutumwa ku rubuga rwa Truth Social avuga ko yiteze ko agahengwe gatangura
gukurikizwa “mu duce twose tw’urwasiro”, harimwo no hagati ya Israel na
Hezbollah, umuhari wo muri Libani ushigikiwe na Iran.
Yavuze
kandi ko yizeye ko ibihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati bizoguma “vyubahiriza
ivyo vyiyemeje kugira ibiganiro vyacu” bishobore kubandanya.