IKIBIRIRAHO, Amerika yakuyeho kuzibira ibivuko vya Iran, mu gihe Umutegetsi w'ikirenga wa Iran avuga ko Trump yemeye amasezerano 'kubera kwihebura'

Umutegetsi w'ikirenga wa Iran yavuze ko atemeranya n'ayo masezerano, kandi ko Donald Trump yayashizeko umukono "kubera kwihebura".

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Sudani: Umurwi w'ibihugu na ONU bagabisha ko hashobora kuba ubwicanyi bukabije i El obeid

    Imiryango iriko irahunga kubera ugutera intambwe kw’ingabo za RSF muri Sudani, mu ntara ya El Gezira, ku wa 6 Ruheshi (6) 2024

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Ihuriro ry’ibihugu birenga 20 ryagabishije ku bwicanyi bukomeye bushobora kuba vuba muri Sudani, rikavuga ko abasivire bagera ku 500.000 bashobora kwisanga mu kaga mu gihe intureka ziriko ziriyongera mu micungararo y’igisagara ca El Obeid, mu ntara ya North Kordofan.

    Iryo huriro riharanira gukinga amabi n’ubutungane kuri Sudani (Coalition for Atrocity Prevention and Justice for Sudan) rivuga ko abasivire n'imiburiburi 50 bamaze kwicwa mu minsi cumi ikurikirana mu bitero vya ‘drones’ vyagabwe kuri El Obeid na North Kordofan.

    Rivuga kandi ko hari "amakuru yizewe y'ubwicanyi bushingiye ku moko, harimwo n'ihohotera rishingiye ku gitsina n'irishingiye ku kuba umuntu ari umugabo canke umugore".

    Iryo huriro rigabisaha kandi ko abantu barenga 100.000 bavuye mu zabo imbere mu gihugu, bashobora kwisanga mu kaga hamwe intambara zobandanya zikara.

    Rigira riti: "Duhamagarira umurwi Rapid Support Forces guhagarika buno nyene ibitero kuri El Obeid”, rigasaba n’impande zose kugabanya imishamirano zikanubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga ibikorwa vy'ubutabazi mu bihe vy'intambara.

    Iryo huriro risaba kandi amakungu kwongereza igitutu ku mpande zose zishamiranye mu ntumbero yo gukinga ibindi bikorwa vy'ubwicanyi n'amabi.

    Iri gabisha rije mu gihe ONU na yo nyene iherutse kugaragaza ko ifise umutima uhagaze kubera amakuru avuga ko hashobora kuba igitero co ku butaka cotumberezwa kuri Obeid, kimwe mu bisagara bifatiye runini cane ibikorwa vy'ubutabazi n'ubudandaji muri Sudani.

    Intambara hagati y'umutwe witwara gisirikare Rapid Support Forces hamwe n'ingabo za reta ya Sudani imaze imyaka irenga itatu.

    Nubwo ata bitigiri ntabanduka vy'abamaze kwicwa, vyibazwa ko n'imiburiburi abantu 150.000 bamaze kwicwa ndetse ko bashobora no kuba bashika ku 400.000. Abarenga imiriyoni 11 barataye izabo.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Zimbabwe: Abashingamateka bashigikiye integuro yo kwongerereza Perezida ikiringo ku butegetsi

    Perezida Emmerson Mnangagwa adugije amaboko

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Perezida Emmerson Mnangagwa ari ku butegetsi kuva mu 2017

    Inama nshingamateka yo muri Zimbabwe yemeje integuro y’itegeko ifise intumbero yo kwongereza ikiringo c’umukuru w’igihugu kuva ku myaka itanu gushika kuri ndwi, ingingo yoshobora gutuma Perezida Emmerson Mnangagwa aguma ku butegetsi gushika mu 2030.

    Mw’itora ryabaye ku wa kane, umukuru w’inama nshingamateka, Jacob Mudenda, yatangaje ko abashingamateka 216 batoye bashigikira iyo nteguro, igitigiri gisumba kure amajwi 187 yari akenewe kugira ngo haboneke ubwiganze bwa bibiri vya bitatu busabwa kugira hahindurwe ibwirizwa shingiro.

    Abashingamateka 42 ni bo batoye bayiyamiriza.

    Ubu, iyo nteguro igiye kurungikwa mu nama nkenguzamateka. No muri uru rwego vyitezwe ko izokwemezwa kuko umugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi bitangazwa ko urufisemwo ububasha bukomeye biciye ku bacuditse na wo harimwo n’abategetsi kama.

    Hakurikijwe izo mpinduka zitegekanijwe, abategetsi batowe n’abanyagihugu, harimwo Perezida n’abashingamateka, bazohora barangura amababanga batorewe mu kiringo c’imyaka indwi, mu gihe ico kiringo cahora ku myaka itanu.

    Izo mpinduka zitegekanya kandi ko amatora yimirije yungururizwa mu mwaka wa 2030. Ziranahindura uburyo bwo gutora Perezida, aho azohora atorwa n’Inama nshingamateka, mu gihe yahora atorwa n’abanyagihugu bose.

    Ibinyamakuru vyo muri Zimbabwe bivuga ko abashigikiye iyo nteguro basigura ko ikiringo kirekire c’umukuru w’igihugu cotuma igihugu kironka umutekano urama, amafaranga akoreshwa mu matora akagabanuka, hama n’ingendo yo kubaza umutegetsi ivyo yashitseko mu nshingano ziwe ku banyagihugu, igatsimbatara.

    Ariko abarwanya iyo nteguro bavuga ko izo mpinduka zigamije kugumiza Perezida Mnangagwa ku butegetsi inyuma y’ikiringo ciwe ca kabiri kizorangira mu mwaka wa 2028. Abo baragerageje no kurwanya mu buryo bw’amategeko iyo nteguro mu kwitura ubutungane.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Niger: Abantu 35 bishwe ubwo abitwaje imbunda bateraga ku kibuga cy'indege cy'i Niamey

    Ifoto yo ku itariki ya 24 Gashyantare (2) mu 2016, igaragaza ku muryango w’ikibuga mpuzamahanga cy’indege cya Diori Hamani, mu murwa mukuru Niamey, inyuma hari imodoka y’umukara

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Urusaku rw'amasasu rwumvikanye kuri iki kibuga cy'indege cy'i Niamey, cyanagabweho igitero mu kwezi kwa mbere (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)

    Abategetsi bavuga ko abantu 35 bishwe ku wa kane nyuma yuko abagabo bitwaje imbunda bateye ku kibuga cy’indege cya mbere kinini cyo muri Niger – igitero cya kabiri kibayeho mu mezi atageze kuri atanu ashize.

    Abatuye muri icyo gihugu cyo muri Afurika y’uburengerazuba cyiganjemo abayisilamu babwiye BBC ko ari bwo bari bakirangiza amasengesho yabo ya mu gitondo, ubwo bumvaga ibiturika hamwe n’urusaku rw’amasasu byumvikana ku kibuga mpuzamahanga cy’indege cya Diori Hamani, kiri mu murwa mukuru Niamey.

    Minisiteri y’ingabo ya Niger yavuze ko mu bapfuye harimo 22 mu bateye, abasirikare 11 hamwe n’abasivile babiri.

    Ku mugoroba wo ku wa kane, umutwe w’intagondwa wa Jama’at Nusrat al-Islam wal-Muslimin (JNIM), ushamikiye kuri al-Qaeda, wigambye ko ari wo wagabye icyo gitero.

    Niger imaze imyaka 10 irwana n’imitwe y’intagondwa igendera ku mahame akaze yiyitirira idini rya kisilamu. Ndetse mu mpera ya Mutarama (1) uyu mwaka, umutwe ufitanye isano n’umutwe wiyita Leta ya Kisilamu (IS) wigambye ko ari wo wagabye igitero kuri icyo kibuga cy’indege.

    Urwo rugomo rwo ku wa kane rwarangiye hagati mu masaha ya mu gitondo ndetse kuva icyo gihe abashinzwe umutekano bavuze ko barimo guhiga abasigaye bo muri abo bateye.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Amerika yakuyeho kuzibira ibivuko vya Iran, mu gihe Umutegetsi w’ikirenga wa Iran avuga ko Trump yemeye amasezerano ‘kubera kwihebura’

    Ubwato butonze umurongo, kure, hafi y’inkengera za Iran

    Ahavuye isanamu, ISNA/WANA/Reuters

    Amerika yakuyeho ingingo yo kuzibira ubwato buva mu bivuko vya Iran inyuma y’uko ibihugu vyompi bishize umukono ku masezerano yo guhagarika intambara yo mu Buseruko bwo Hagati.

    Bumwe mu biro bikuru by’ingabo za Amerika (US Central Command) bwemeje, bubicishije ku rubuga X, ko ico gikorwa co kuzibira ubwato cahagaritswe “hisunzwe amabwirizwa ya Perezida”.

    Ariko bwamenyesheje ko bumwe mu bwato bwa gisirikare bwa Amerika buzoguma hafi y’ako karere.

    Umwanya muto inyuma y’ivyo, Umutegetsi w’ikirenga wa Iran, Mojtaba Khamenei, yavuze ko yemeye ayo masezerano na Amerika n’ubwo avuga ko afise ukundi abibona, ariko aha ntiyasiguye ico yashatse kuvuga.

    Yavuze ko yemeye ko ayo masezerano aja mu ngiro inyuma y’aho yijejwe na Perezida wa Iran, Masoud Pezeshkian, ko azorinda “uburenganzira bw’ihanga rya Iran”.

    Khamenei yavuze ko Perezida Trump “kubera umwiheburo, yakoresheje uburyo bwose bushoboka bwo kwotsa igitutu” kugira ngo ayo masezerano ashobore gushikwako.

    Yashimangiye ko n’ubwo mu misi iri imbere hagiye kubaho “ibiganiro vy’imbonankubone” hagati ya Tehran na Washington, ivyo “ntibizosigura kwemera ivyifuzo canke ivyiyumviro vy’umwansi”.

    Ni ubwa mbere Khamenei ashikirije iciyumviro ciwe kuri ayo masezerano.

    Nta n’umwe aramubona ku mugaragaro kuva aho atanguriye amabanga yo kurongora ico gihugu muri Ntwarante (3), inyuma y’urupfu rwa se ari na we yasubiriye, Ayatollah Ali Khamenei, yishwe mu bitero vya Amerika na Israel vyagabwe kuri Iran ku wa 28 Ruhuhuma (2), bikaba ari vyo vyatumye intambara yo muri ako karere isutama.

    Trump ntiyishuye mu buryo bugaragara iryo tangazo rya Khamenei. Ariko yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Truth Social avuga ko yiteze ko agahengwe gatangura gukurikizwa “mu duce twose tw’urwasiro”, harimwo no hagati ya Israel na Hezbollah, umuhari wo muri Libani ushigikiwe na Iran.

    Yavuze kandi ko yizeye ko ibihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati bizoguma “vyubahiriza ivyo vyiyemeje kugira ibiganiro vyacu” bishobore kubandanya.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.