Sudani: Umurwi w'ibihugu na ONU bagabisha ko hashobora kuba ubwicanyi bukabije i El obeid

Ahavuye isanamu, Reuters
Ihuriro ry’ibihugu birenga 20 ryagabishije ku bwicanyi bukomeye bushobora kuba vuba muri Sudani, rikavuga ko abasivire bagera ku 500.000 bashobora kwisanga mu kaga mu gihe intureka ziriko ziriyongera mu micungararo y’igisagara ca El Obeid, mu ntara ya North Kordofan.
Iryo huriro riharanira gukinga amabi n’ubutungane kuri Sudani (Coalition for Atrocity Prevention and Justice for Sudan) rivuga ko abasivire n'imiburiburi 50 bamaze kwicwa mu minsi cumi ikurikirana mu bitero vya ‘drones’ vyagabwe kuri El Obeid na North Kordofan.
Rivuga kandi ko hari "amakuru yizewe y'ubwicanyi bushingiye ku moko, harimwo n'ihohotera rishingiye ku gitsina n'irishingiye ku kuba umuntu ari umugabo canke umugore".
Iryo huriro rigabisaha kandi ko abantu barenga 100.000 bavuye mu zabo imbere mu gihugu, bashobora kwisanga mu kaga hamwe intambara zobandanya zikara.
Rigira riti: "Duhamagarira umurwi Rapid Support Forces guhagarika buno nyene ibitero kuri El Obeid”, rigasaba n’impande zose kugabanya imishamirano zikanubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga ibikorwa vy'ubutabazi mu bihe vy'intambara.
Iryo huriro risaba kandi amakungu kwongereza igitutu ku mpande zose zishamiranye mu ntumbero yo gukinga ibindi bikorwa vy'ubwicanyi n'amabi.
Iri gabisha rije mu gihe ONU na yo nyene iherutse kugaragaza ko ifise umutima uhagaze kubera amakuru avuga ko hashobora kuba igitero co ku butaka cotumberezwa kuri Obeid, kimwe mu bisagara bifatiye runini cane ibikorwa vy'ubutabazi n'ubudandaji muri Sudani.
Intambara hagati y'umutwe witwara gisirikare Rapid Support Forces hamwe n'ingabo za reta ya Sudani imaze imyaka irenga itatu.
Nubwo ata bitigiri ntabanduka vy'abamaze kwicwa, vyibazwa ko n'imiburiburi abantu 150.000 bamaze kwicwa ndetse ko bashobora no kuba bashika ku 400.000. Abarenga imiriyoni 11 barataye izabo.
Izindi nkuru wosoma:



