'Putin ategerezwa kwemera guhagarika intambara nk'uko bisabwa na Ukraine mu misi 10 canke 12' - Trump

Hagati aho, Trump yanse kuvuga nimba Putin yoba yaramuhenze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hagati aho, Trump yanse kuvuga nimba Putin yoba yaramuhenze
    • Umwanditsi, Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahaye Uburusiya ikindi kiringo gishasha kandi gito kugira ngo bube bwemeye guhagarika intambara yabwo muri Ukraine, "mu misi 10 canke 12" kuva ejo ku wa mbere.

Trump avuga ko ata "mvo n'imwe" yo kurindira mu gihe ata ntambwe n'imwe iganisha ku mahoro irigera iterwa. Perezida Volodymr Zelensky wa Ukraine avuga ko iri jambo "rikomeye cane".

Indwi zibiri ziheze, Trump yavuze ko Putin yari afise imisi 50 kugira ngo ahagarike intambara canke naho Uburusiya bufatirwe ingingo zikomeye zo kudugirizwa amakori.

Mu kiganiro n'abanyamakuru muri Ecosse/Scotland, Trump yavuze ko yari kwemeza iki kiringo gishasha ntarengwa ejo ku wa mbere canke kuri uyu wa kabiri, ariko akaba yagabishije ko ashobora gufatira ibihano Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya), akanayidugiriza ayandi makori.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Zelensky yashimiye Trump ku ngingo yo gusubiramwo iki gihe ntarengwa, akavuga ko ije "mu gihe nyaco".

Yakengurukiye cane uno mukuru w'igihugu ca Reta Zunze bumwe za Amerika "ku ngingo nyayo yo gufata icemezo nyaco" co "kurokora ubuzima no guhagarika iyi ntambara y'ububisha".

Mu ntango z'uku kwezi kwa Mukakaro (7), Trump yavuze ko aya makori ashobora gushika kuri 100% ku gihugu ico ari co cose gikorana urudandazwa n'Uburusiya.

Ibi vyotuma ibidandazwa vy'Uburusiya bizimba cane rwose ku buryo abadandaza b'Abanyamerika boca bahitamwo kugurira ahandi ku biciro bito, ivyotuma Uburusiya buhahombera cane, co kimwe n'ico gihugu gikorana urudandazwa nabwo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw'ijambo yashikirije inyuma y'umubonano yagiriraniye n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza muri Ecosse, Trump yasubiye kwiyamiriza ivyo Putin ariko arakora muri Ukraine, aho intambara Uburusiya bwatangujeyo iriko iratema intongora, haraciye imyata itatu n'igice

Mu gihe yanse kwemanga nimba abona ko Putin yagumye amuhenda, Trump yerekanye itandukaniro riri hagati y'amajambo y'uno mukuru w'igihugu c'Uburusiya mu biganiro vyabo imbona nkubone hamwe n'ibi bisasu "arekurira" ku bisagara vya Ukraine hafi buri joro.

"Tuba tubona umengo intambara igomba ihagarare, kumbure haboneke n'amahoro... ariko muri ako kanya nyene ukaza ubona ibisasu biriko biraguruka i Kyiv n'ahandi", niko Trump yidoga avuga, akongerako ko ibiganiro vyari gushoboka ariko ko "vyacerewe cane".

"Rero mvuga nti, kura mu mutwe. Nta biganiro ndiko ndasubiramwo. Ibi bimaze kuba kenshi nanje sindabishima", niko avuga, nubwo ashimangira kandi ko we na Putin ari pfa mpfe.

Trump avuga kandi ko ibiganiro ataco bikimubwiye – amajambo yazungurutse cane mu binyamakuru bikuru bikuru vyo mu Burusiya.

Putin ntarigera agira ico avuze ku biringo ahabwa. Igihe ica mbere c'imisi 50 catangazwa ubwa mbere, umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) Dmitry Peskov yavuze gusa ko ari "ikintu gikomeye cane", ariko yongerako ko Moscou ikeneye umwanya wo kucigako.

Avuga kuri aya majambo mashasha ku muhingamo w'ejo wa mbere, umushingamateka w'Uburusiya Andrey Gurulyov yavuze ko aya majambo y'ukugabisha ya Trump ataco "agikora... haba ku rugamba canke i Moscou" kandi ko Uburusiya bufise inguvu z'"ibirwanisho, ingingo ngenderwako n'ishaka".

Igihe Trump yavuga ubwa mbere ivyo kugabanya iki kiringo ntarengwa, umuyobozi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Ukraine, Andriy Yermak, yaramushimagije kubona "atanga ubutumwa bw'inguvu butomoye bw'amahoro" anongerako Putin "yubaha inguvu zonyene".

Kuva mu mezi aheze, Uburusiya bwarongereje akariro mu bitero vyabwo kuri Ukraine, aho yarekuriye ku bisagara vyayo isinzi rya za ndege zitajamwo abadereva (drone) n'ibisasu vya misire, bwongera busatira cane mu gitero cabwo co muri iri ci mu buseruko bw'iki gihugu.

Ibiganiro vy'uguhagarika intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine bimaze kuba incuro zitatu vyahagarariwe na Turukiya vyatumye haba uguhanahana impfungwa z'intambara ibihumbi n'ibihumbi - ariko nta ntambwe nyayo yabaye mu kurondera gushika ku masezerano yo guhagarika intambara.

Inyuma y'imyaka itatu iyi ntambara imaze yiha inkumbi, ntibigaragara neza ingene izi mpande zompi zoshobora gushika ku masezerano yo guhagarika intambara mu misi 12.

Ibintu vyose Uburusiya busaba kugira ngo habe amahoro – harimwo ko Ukraine iba igihugu kitagira aho cegamiye, kugabanya igisirikare cayo gushika ku rugero rwo hasi, no guheba ivyo kurondera kwinjira mw'ishirahamwe OTAN - ni ibintu Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) n'incuti zayo z'Uburengero batarota bemera.

Mu biganiro biheruka vyo mu ndwi iheze vyamaze isaha imwe gusa, Peskov yavuze ko "gushika ku ntambwe" mu biganiro ari "ikintu kigoye cane kwiyumvira".