Uburundi bwatswe uburenganzira bwo gutunganya 'Rally' y'uno mwaka

Imodoka y’ibara ry'ubururu yo mw'ihiganwa rya rallye, amapine yose uko ari ane ari mu kirere, iriko iragenda n’umuvuduko udasanzwe (ifoto mbarankuru yo mu bubiko).

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amwe mu makuru BBC itarashobora kugenzura avuga ko iri higanwa uwu mwaka rishobora guca ribera mu Rwanda
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ishirahamwe rijejwe gutegura amahiganwa yo gusiganwa n'imiduga ku rwego rw'isi FIA ryabaye rirambura Uburundi uburenganzira bwo gutegura Rally mpuzamakungu yobereye i Ngozi muri uku kwezi kw'umunani.

Amwe mu makuru BBC Gahuzamiryango yaronse avuga ko iyo ngingo yafashwe bitewe n'utunenge tw'integuro twoba twarigaragaje mw'ishirahamwe ryo mu Burundi rijejwe gutegura iryo higanwa, hamwe n'amanyanga mw'ikoreshwa ry'amafaranga yarigenewe.

BBC Gahuzamiryango yandikiye abarongoye ishirahamwe ritegura Rally ku rwego rw'Uburundi kugira bagire ico bashikirije kuri ivyo, ariko gushika igihe iyi nkuru yatangazwa ntibari bwishure.

Abegereye iryo shirahamwe na Rally y'Uburundi baganiriye na BBC baremeza ko FIA yabaye irakura Uburundi ku kirangamisi c'uno mwaka.

Gusa, bavuga ko iyo ngingo yatumwe n'uko Uburundi hari amafaranga buheraniye iryo shirahamwe. Ni mu gihe bemeza ko buri gihugu gifise amahera y'intererano gitanga muri ryo buri mwaka.

Umwe yagize ati: "Iyo ayo mafaranga igihugu kitarayatanga, FIA ica iba iragikura ku kirangamisi c'amahiganwa kugira kibanze cisuganye".

Uretse abahiganwa, iri higanwa risivye rushobora no kuba uruhombo ku badandaza batandukanye. Bamwe muri bo ni abafise inzu zakira ingenzi. Bahora babukura mu cibo kubera iyo Rally ibaye bakira isinzi ry'abakiriya bava mu mihingo yose y'Uburundi no mu bihugu bitandukanye.

Nko mu mwaka wa 2025, Rally mpuzamakungu yitabwe n'Uburundi, Urwanda, Kenya, Tanzaniya, Uganda na Zambiya.

Amwe mu makuru BBC itarashobora kugenzura avuga ko iri higanwa uwu mwaka rishobora guca ribera mu Rwanda.