Amabombe yabujije igipolisi ca Nigeria gutabara abanyurujwe

    • Umwanditsi, Makuochi Okafor
    • Igikorwa, BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Lagos
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Igipolisi ca Nigeria kivuga ko camenye ikambi yanyururijwemwo urwaruka 19 rwari rugiye mu gikorwa co gukundishwa igihugu n'abantu bitwaje ibigwanisho, ariko ko badashobora kuhegera kubera gutinya ko hazungurutswe na mine hamwe n'ibiturika.

Umukuru w'igipolisi Audu Bosso, avuga ko drone zafashije kumenya ahari iyo kambi yajanywemwo urwo rwaruka inyuma yo kunyuruzwa mu ndwi iheze, mu ntara ya Imo, iri mu bumanuko bushira ubuseruko.

Ikibanza nyaco iyo kambi irimwo nticamenyeshejwe, kandi igipolisi ntikiramenya neza abafise uruhara muri iryo nyuruzwa. Omotosho Adewale, umuvyeyi w'umwana umwe muri abo banyurujwe, yabwiye BBC ko ababanyuruje basavye ingwati imiriyoni 50 z'amafaranga akoreshwa muri Nigeria ($37,680; £28,440). Amahera adashobora kuronka.

"Nta mahoro mfise. Maze imisi itatu ntarya, uko ni ko yavuze ariko arakorora amosozi.

Adewale atera akamo reta ngo ibafashe.

Abanyurujwe bari mu rugendo bava Ibadan mu bumanuko bushira uburengero baja mu makambi yo gukundishwa igihugu, NYSC, ari mu ntara za Abia na Akwa Ibom ku musi wa kane, igihe abitwaje ibigwanisho batera bisi barimwo hafi ya Umunoha mu ntara ya Imo.

Ibikorwa vya NYSC bimara umwaka wose ku banyeshure nka bose bahejeje za kaminuza muri Nigeria. Abaja muri ivyo bikorwa vyo gukundishwa igihugu, bashirwa mu bibanza bitandukanye mu gihugu, bagakora akazi bongera bafasha mu mibano, ari na ko bongererezwa ubumenyi bwo kubungabunga ubumwe bw'igihugu.

Avugana n'abamenyeshamakuru, Bosso yavuze ko bakurikiranye abanyuruje abo bana,

"Drone zatweretse neza aho bari. Ariko twishimikije amakuru dufise, n'uko iyo kambi yoba itezwemwo za mine [bombe bikoreye bo nyene]," ni ko yavuze.

Hagaragaye ibimodoka vy'intambara mu gihe igipolisi cariko kiritegurira igikorwa co gutabara.

Kunyuruza abantu kugira hatangwe ingwati ni kimwe mu bibangamiye umutekano muri Nigeria, bikorwa n'imigwi y'abicanyi hamwe n'iyitwaje ibigwanisho.

Inyuruzwa ry'abantu mu ntara ya Imo ryatumye hakwiragira ubwoba, mu gihe kunyuruza abantu benshi bitari bimenyerewe cane mu bumanuko bwa Nigeria nko mu bindi bice vyo mu buraruko.

Kuriha ingwati biteye kubiri n'amategeko kandi abategetsi bagumye bagabisha imiryango, bababuza kubikora, ariko imiryango y'abanyurujwe baraterwa ubwoba, bahatirwa kubikora kugira barekurwe.