Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Amashure ashika 500 arugarwa uyu munsi mu Bufaransa kubera imyiyerekano y’abanyeshure

Amashure yisumbuye ari hagati ya 400 na 500 yo mu Bufaransa arugara yose canke igice kuri uyu wa mbere, kubera imyiyerekano y’abanyeshure imaze imisi irimwo ugutana mu mitwe n’igipolisi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Ubudagi buragabisha ko hashobora kwaduka intamabara hagati yabwo n’Uburusiya

    Umukuru w’urwego rw’Ubudagi rujejwe igendereza ryo hanze, aragabisha ku co yita intambara n’Uburusiya ishobora kwaduka.

    Mu kiganiro yagiranye n’inama nshingamateka y’Ubudagi ku mugwa mukuru Berlin, umukuru w’urwego BND rujejwe igendereza, Martin Jäger, yavuze ko ico yise intambara rwihishwa y’Uburusiya ku Budagi n’incuti zabwo yinjiye mu kindi gihe gishasha kandi kirimwo akaga gakomeye.

    Kimwe mu vyo yafatiyeko ni igihe hageragezwa igitero ku kibuga c’indege ca Leipzig muri Myandagaro (8) hakoreshejwe indege itajamwo umudereva (drone) yari yikoreye ibiturika, aho Abarusiya ari bo ba mbere bikekwa.

    Berlin ntihengeshanya kwagiriza Uburusiya ko buri mu ntambara y’uruvangatirane, igizwe na ba maneko, gutobera ibikorwa remezo hamwe n’ibindi bikorwa bifise intumbero yo guhungabanya umutekano, ibirego Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) ibandanya yamirira kure.

    Ubudagi ni kimwe mu bihugu bishigikiye cane Ukraine mu ntambara irimwo yo kwivuna Uburusiya, intambara Moscou yatanguje kuri ico gihugu muri Ruhuhuma (2) 2022.

  2. Amerika: Abantu batandatu bari mu ndege yaburiwe irengero bikekwa ko bapfuye

    Abantu batandatu bari mu ndege itwara abarwayi yaburiwe irengero ku wa gatandatu, iva muri Bermuda ija i Boston muri Amerika, bikekwa ko bose bapfuye.

    Ku wa mungu ku mugoroba, igisata ca Amerika kijejwe gucungera inkengera z’amazi catangaje ko gihagaritse kurondera aboba bakiri bazima hafi y’izinga rya Nantucket, muri leta ya Massachusetts.

    Ishirahamwe Latitude Air Ambulance, ariryo nyene iyo ndege, ryavuze ko abari muri yo harimwo abakozi baryo bane, umurwayi umwe hamwe n’uwo mu muryango wiwe yari amuherekeje.

    Iyo ndege yari yahagurutse ku kibuga mpuzamakungu ca L.F. Wade muri Bermuda isaha 23:40 zo ku wa gatanu, ikaba yari yitezwe gushika i Boston isaha 01:30. Abari muri yo bari Abanyakanada bane n’abo muri Bermuda babiri.

    Ku wa gatandatu ku mugoroba, abategetsi barabonye ibisigarira vyemejwe ko ari ivy’iyo ndege.

    Amakuru akurikirana ingendo z’indege yerekana ko yamanutse ningoga iva ku metero nka 7.300 ija ku 3.300 imbere y’uko iburirwa irengero.

    Amakuru yo mu biganiro vy’abadereva n’abajejwe gukurikirana indege yerekana ko hari ingorane zo guhanahana amakuru. Umudereva yahavuye amenyesha ko indege yari mu kaga, mu gihe abatabara bari babwiwe ko yari ifise ingorane z’umuyagankuba.

    Latitude Air Ambulance yavuze ko izobandanya gukorana n’abategetsi mu kurondera ibisigarira no mu matohoza yo kumenya icatumye haba iryo sanganya.

  3. Espagne igiye kuja mu matora imbere y’igihe, inyuma y’imyiyerekano ku biciro vy’amazu

    Umushikiranganji wa mbere wa Espagne, Pedro Sánchez, yatangaje ko amatora rusangi azoba ku wa 29 Munyonyo (11) uyu mwaka, imbere y’igihe cari gitegekanijwe.

    Amatora yari asanzwe ategekanijwe mu ci ryo mu 2027.

    Iyo ngingo ifashwe inyuma y’uko inama nshingamateka yanse ku wa gatanu kwemeza ingingo reta yari yashizeho kugira igabanye ikibazo gikomeye c’amazu n’ibiciro vyo kuyakodesha biguma biduga.

    Izo ngingo zari zatunganijwe inyuma y’imyiyerekano yabereye hirya no hino muri Espagne, yatangujwe n’iyirukanwa mu nzu ry’umutamakazi w’imyaka 87 w’i Madrid.

    Ibiciro vy’inzu uwo mutamakazi yabamwo vyaraduze biva kuma euro 500 gushika ku 2.650. N'aho cahavuye kigabanywa kigashika ku ma euro 1.650, ico giciro kiri kure cane y'amafaranga 300 aronka ku kwezi kuko ari mu zabukuru.

    Ku wa gatandatu, imyiyerekano nka 50 yabereye mu bisagara birimwo Madrid, Barcelona na Valencia. Abari muri yo basaba ko ababa mu mazu bakodesheje bakingirwa kwirukanwa ko na reta ihagarika iduga rikomeye ry’ibiciro vyo gukodesha amazu.

    Mu ngingo inama y’abashingamateka yanse harimwo guhagarika gushika mu 2030 iyirukanwa mu mazu ry’abantu batishoboye, kwongereza amakori ku mazu ashikiramwo ingenzi no kwongereza igihe c’amasezerano yo gukodesha.

    Ingingo ya mbere yanswe n’abashingamateka 178 kuri 172 bayishigikiye. Iya kabiri na yo yanswe n’abashingamateka 184 kuri 166 bayishigikiye.

    Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, Sánchez yavuze ko reta yiwe ikeneye gusubira kuronka no kwagura icizere c’abanyagihugu. Yavuze ko ashaka ko imigambwe ya extreme droite ironka abashingamateka benshi bashobora gutuma imigambi ya reta yemezwa.

    Yemeye kandi ko reta yiwe yakoze amakosa kandi ko hari ivyo yari yaremereye abanyagihugu itashoboye gushikako.

    Sánchez ari ku butegetsi kuva mu 2018. Umugambwe wiwe w’abasosiyaliste wabaye uwa kabiri mu matora yo mu 2023. Umugambwe PP wa extreme gauce ni wo waronse ibibanza vyinshi, ariko ntiwashoboye gushinga reta kuko utaronse abashingamateka bakwiye.

    Sánchez yagumye ku butegetsi inyuma yo kwumvikana n’imigambwe ya extreme droite hamwe n’imigambwe yo muri Catalogne na Pays Basque ishaka ko utwo turere twikukira.

    Amatohoza menshi y’ivyiyumviro vy’abanyagihugu yerekana ko PP ishobora gusubira kuronka amajwi menshi ku wa 29 Munyonyo. Ariko vyitezwe ko izokenera gushigikirwa na Vox, umugambwe wa exteme droite, kugira ishinge reta.

    Ivyo vyotuma Vox ija muri reta nkuru ya Espagne ari bwo bwa mbere kuva demokarasi isubijweho inyuma y’urupfu rw’umutegetsi w’igitugu Francisco Franco.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Amerika: Umukobwa w’imyaka 12 yararashwe arapfa mu matati y’ikibanza co guhagarikamwo imodoka

    Umukobwa w’imyaka 12 yararashwe arapfa mu gisagara ca Baltimore muri Amerika mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’uko abagabo babiri barasanye bariko baraharira ikibanza co guhagarikamwo imodoka(parking).

    Iryo rasana ryabaye ku wa gatandatu ku mugoroba, mu kibuga abana bariko barakinamwo umupira w’amaguru wo muri Amerika.

    Igipolisi kivuga ko uwo mukobwa atari we yariko araraswa, ariko yafashwe n’amasasu abo bagabo bariko bararasana.

    Uwundi mugore na we yarakomerekejwe n’ayo masasu nyene. Abandi bagabo babiri bari mu bitaro kuvurwa ibikomere vyatewe n’ukwo kurasana .

    Umukuru w’igipolisi ca Baltimore, Richard Worley, yavuze ko bariko bararondera n’imiburiburi abantu babiri bakekwa kuba bagize uruhara muri iryo rasana.

    Uwo mukobwa, izina ryiwe ritaratangazwa, yajanywe mu bitaro, ariko abaganga ntibashoboye kumukiza. Abandi bantu batatu bakomeretse ubu bameze neza.

    Igipolisi ntikiramenya igitigiri c’amasasu yarashwe. Casavye abantu babonye uko vyagenze gutanga amakuru yoshobora gufasha mu matohoza.

    Umukuru w’igisagara ca Baltimore, Brandon Scott, yavuze ko bibabaje kubona amatati hagati y’abagabo babiri akuye ubuzima bw’umwana w’imyaka 12.

  5. Amerika yakuye indege zayo zose zitera amabombe ku kirindiro co mu Bwongereza

    Amerika yakuye indege zayo zose z’intambara zitera amabombe ku kirindiro ca RAF Fairford mu Bwongereza, inyuma y’ivyabereye hafi yaco biriko biratohozwa n’igipolisi kirwanya iterabwoba.

    Umutegetsi wa Amerika yemeje ku wa mungu ko izo ndege zasubijwe ku birindiro vyazo muri Amerika, ariko ntiyavuze igituma iyo ngingo yafashwe.

    Izo ndege zikuweyo inyuma y’aho igipolisi kimenyesherejwe, ku wa 27 Nyakanga (9), ko imodoka zitatu ziteye amakenga zariko zerekeza hafi y’ico kirindiro kiri mu karere ka Gloucestershire.

    Abagabo batanu barafashwe bikekwako ivyaha vy’iterabwoba, ariko bahavuye barekurwa, basabwa kuzokwitaba igipolisi igihe kibakeneye. Umugabo wa gatandatu afise ubwenegihugu bw’Ubwongereza n’ubwa Irani na we yarafashwe ariko nawenyene ararekurwa.

    Amakuru ava mu bategetsi b’Ubwongereza avuga ko Washington ishobora kuba yakuyeyo izo ndege kubera ivyo vyabaye. Ariko bivugwa ko yari ingingo yafashwe n’igisirikare, atari iya politike.

    Ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bw’Ubwongereza ntaco buravuga kuri iyo ngingo.

    Umushikiranganji wa mbere Andy Burnham yari yavuze ko hari ibituma bikomeye bituma bibaza ko Irani yagize uruhara muri ivyo vyabaye. Irani yarabihakanye.

    RAF Fairford imaze imyaka mirongo ikoreshwa n’igisirikare ca Amerika. Mu mezi aheze, indege za Amerika zahagurukiye kuri ico kirindiro zija kugaba ibitero muri Irani.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Iran yuguruye ikambi yo kwigisha abakenyezi gukoresha inkoho

    Iran yuguruye i Tehran ikambi idasanzwe yo kwigisha abakenyezi gukoresha inkoho no gutabara abakomeretse imbere yo kubashikana kwa muganga.

    Ku wa mungu, ikibuga citiriwe Imam Hussein mu murwa mukuru Tehran cakiriye abakenyezi amajana bitavye izo nyigisho za mbere.

    Abitavye izo nyigisho bari bambaye chador, umwambaro usanzwe wambarwa n’abakenyezi muri Iran, upfuka umubiri wose ugasiga mu maso gusa.

    Abategetsi ba Irani babandanya guhamagarira abanyagihugu kwitegurira kurwanira igihugu no kwemera kucitangira.

    Bavuga ko izo nyigisho zigenewe gutegura abanyagihugu guhangana n’ibihe bidasanzwe no gukomeza ubushobozi bw’abanyagihugu bwo kwikingira igihe umutekano w’igihugu woba ubangamiwe.

    Izo nyigisho zitanguye mu gihe umutekano urushiriza guhungabana mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati, ibiciro vy’ibitoro na vyo bikabandanya kuduga ku masoko mpuzamakungu.

    Iran yararahiye ko izobandanya kwugara umuhora wa Hormuz gushika Amerika ishikije ivyo iyisaba.

    Bamwe babona iyo ngingo yo kwigisha abakenyezi gukoresha ibirwanisho nk’ikimenyetso c’uko Iran iriko yitegurira guhangana n’intambara ishobora kurushiriza gukara muri ako karere.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Amashure ashika 500 arugarwa uyu munsi mu Bufaransa kubera imyiyerekano y’abanyeshure

    Amashure yisumbuye ari hagati ya 400 na 500 yo mu Bufaransa arugarwa yose canke igice cayo kuri uyu wa mbere, kubera imyiyerekano y’abanyeshure imaze imisi irimwo ugutana mu mitwe n’igipolisi.

    Umushikiranganji w’indero, Édouard Geffray, yavuze ku wa mungu ko inyigisho zizohagarikwa muri ayo mashure kuko umutekano udakwiye.

    Yavuze ko amashure 24 amaze guturirwa canke gusahurwa kuva imyiyerekano itanguye.

    Abanyeshure ibihumbi n’abandi bashigikiye imyiyerekano bariko basaba ko reta yongereza abigisha, igabanya ubwinshi bw’abanyeshure mu mashure kandi igasanura inyubakwa z’amashure zishaje.

    Iyo myiyerekano yatanguriye i Paris mu ndwi iheze, irakwiragira no mu bindi bisagara birimwo Montpellier, Nantes na Marseille.

    Umushikiranganji w’ubutungane, Gérald Darmanin, yavuze ko amashure 735 kuri 3.700 yo mu Bufaransa yari amaze guhungabanywa n’imyiyerekano gushika ku wa gatanu.

    Geffray yagirije bamwe mu baharanira ivyiyumviro vya politike, cane cane abo muri extreme droite, kwivanga mu myiyerekano y’abanyeshure.

    Yavuze ko abakozi bo mu mashure 78 bakomeretse.

    Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Laurent Nuñez, yavuze ko abantu 1.747 bafashwe ku wa gatanu.

    Abateguye imyiyerekano basavye ko ibandanya ku wa kabiri, bavuga ko reta itarafata ingingo ziboneka zo gutorera umuti ibibazo vyabo.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.