'Imfungurwa zo mu karuhuko zanteye parazite 38 mu bwonko bwanje'

    • Umwanditsi, Nicola Bryan
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC
    • Umwanditsi, Nicola Bryan
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Lowri Denman yatanguye gutahura ko hari ikintu kitagenda neza mu buzima bwiwe igihe yabona inzoka yo mu nda yo mu bwoko bwa 'ténia' ifise uburebure bw'imetero imwe, ari mu kazu ka surwumwe.

Uwo mugore w'imyaka 42 yagize ati: "[Iyo nzoka] yari iteye iseseme cane, yasa n'umukanda wa 'papier collant' ikagira uduherehere dutoduto."

Ico cari ikimenyetso ca mbere c'indwara yitwa 'neurocysticercosis', yatumye Lowri agira parazite 38 mu bwonko, ivyamuteye kumeneka umutwe cane, akajugumira, akongera akaza araraba.

Lowri ari mu bantu bake cane mu Bwongereza bapimwa buri mwaka bagatorwa parazite mu bwonko, iterwa n'utunyo tuva mu nyama z'ingurube.

Imyaka myinshi inyuma yo gukira, Lowri ashaka guhindura ayo makuba yamushikiye kugira ayagire ikintu ciza mu gufasha kumenyesha abantu ivy'iyo ndwara no kubaburira ku kungene bokwirinda.

Urugendo rw'indoto

Mu mwaka wa 2007, Lowri yamaze amezi atatu ari mu rugendo mu Buhindi.

Aho ni ho umuganga wiwe, Dr. Brendan Healy, akaba n'umuhinga mu kuvura indwara zandukira n'iz'imikorobi yemera ko yanduriye iyo ndwara.

Lowri yari yafashe ingingo yo kutarya inyama muri urwo rugendo kugira yirinde ingorane zo mu nda zishobora kumushikira biciye mu vyo yafunguye. Ariko Dr. Healy yibaza ko ashobora kuba yarariye atabizi ibifungurwa vyari vyashizwemwo inyama z'ingurube zarimwo utugi tw'inzoka ya 'ténia' dutoduto cane.

Haciye imyaka itatu, mu 2010, ni ho Lowri yabonye ko afise iyo nzoka. Ico gihe yari avuye kwihagarika mu kazu ka surwumwe kari mu buriro, ayibonye aca afyonda amazi kugira ayijane.

Yaciye aja kuraba umuganga w'incuti. Yamara, ibipimo vy'umusarani vyerekanye ko ata ngorane yari afise, ubuzima bwiwe buca bubandanya bumeze neza.

Inyuma y'umwaka umwe, yatanguye kumeneka umutwe ku rugero rudasanzwe. Rero, mu 2011, ni ho yafashwe ubwa mbere n'ivyo guta ubwenge canke kuraba.

Yavuze ati: "Natanguye kugira ingorane nyinshi zo kuvuga. Haciye akanya, ubwenge bwaragarutse nca nisanga ndi muri rusehabaniha. Naciye nibaza nti: 'Ibi vyagenze gute? Kubera iki?'"

Kurondera inyishu

Inyuma yo kumara imisi mu bitaro, Lowri yagiriwe ibipimo vy'iradiyo vyo mu bwonko bizwi nka 'CT' na 'MRI', mu nyuma asabwa kuja gutora inyishu zavyo.

Yibuka, Lowri agira ati: "Umuganga yaranyicaritse ambwira ati: 'Turavye ibi bipimo twasanze ufise parazite 38 mu bwonko.'"

Abandanya agira ati: "Jewe na mama wanje twarabuze ico tuvuga, twibaza tuti: 'Ivyo ni ibiki ga yemwe?'"

Ubwa mbere abaganga bibaza ko yoba arwaye 'toxoplasmosis', indwara yandukira biciye mu gukorakora umwanda mukuru w'akayabu karwaye.

Ariko rero, mama wa Lowri yaciye abaza nimba guta ubwenge kwiwe gufitaniye isano n'inzoka ya 'ténia' yari yabonye mu mwaka wari uheze.

Inyuma yo kugirirwa ibindi bipimo, ni ho abaganga bemeza ko arwaye neurocysticercosis.

Lowri yavuze ati: "Ico gihe umuntu agira ingorane nyinshi mu mutwe, kuko aba atazi ico kazoza kamubikiye ku bijanye n'amagara yiwe."

Taenia solium

Inzoka yitwa 'ténia solium' iboneka mu bice vyinshi vy'isi.

Ariko rero, kuyandura biboneka cane mu bice bimwe bimwe vya Amerika y'Epfo, Aziya y'Epfo n'iyo mu Bumanuko bushira Ubuseruko, hamwe no muri Afrika yo munsi y'Ubugararwa bwa Sahara.

Nk'uko bivugwa n'Ikigo c'Amerika kijejwe gukinga no kurwanya indwara (CDC), isuku rike rirorohereza ikwiragira ry'iyo nzoka. Ni indwara usanga yiganje cane mu bibanza abantu babana canke begereye ingurube.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu (OMS/WHO) rigereranya ko abantu bagera ku miliyoni 8,3 kw'isi yose bashobora kuba barwaye neurocysticercosis, bakaba bagaragaza ibimenyetso vy'iyo ndwara canke ntibabigaragaze.

Iyo ndwara iri mu bintu nyamukuru, bishobora kwirindwa, bitera intandara, cane cane mu turere aho ikunze kwibonekeza.

Abantu bashobora kwandura iyo nzoka iyo bariye inyama z'ingurube zidahiye neza canke mbisi. Ariko rero, ivyo ntibica bituma umuntu arwara neurocysticercosis.

Umuntu afise iyo nzoka mu mubiri ashobora gusohora amagi yayo matomato cane mu mwanda mukuru wiwe.

Iyo avuye mu kazu ka surwumwe ntakarabe neza n'isabuni, ayo magi ashobora kwanduza ibifungurwa canke amazi akozemwo, maze akinjira mu mubiri w'uwundi muntu abiriye canke abinyoye.

Mu mubiri, ayo magi ariberagura akavamwo utunyo dushobora gushwara canke tukarika mu bihimba bitandukanye vy'umubiri, nk'imitsi, umutima canke amaso.

Ivyo ni vyo vyitwa 'cysticercosis'. Iyo utwo tunyo dukuriye mu bwonko canke mu ruti rw'umugongo, iyo ndwara ica yitwa 'neurocysticercosis', iki kikaba ari igice c'iyo ndwara gikara canke kibabaza cane.

Ubumuga bwo mu bwonko

Lowri yamaze indwi zibiri ari mu bitaro, aho yahawe imiti yica utuyoka hamwe n'imiti ya steroids. Mu ntango, vyasa n'uko iyo miti yariko ikora neza.

Mbere mu myaka yakurikiye, yumvise amagara yiwe yarasubiriye kumera neza. Ariko umusi umwe ari ku kazi, yararavye aca ararwa.

Ibipimo vya CT scan vyerekanye ko yari afise ibivyimba binini mu bwonko bwiwe vyari bikikuje utwo tuyoka.

Inyuma yo kuraba, Lowri yatanguye kwumva azazaniwe, akumva n'utuntu tumurya mu mubiri wose, ahandi akamera nk'uwugize ikinya. Yaruhiye guheba akazi aja kuba kwa se.

Abaganga baramwandikiye imiti ya steroids, ariko iyo miti yamuhinduye uko yasa. Kubera ko ubuzima bwiwe bwagenda bugorana cane, yaciye atangura kwihebura, gushika aho amagara yiwe yo mu mutwe ahungabana rwose.

Lowri yavuze ati: "Natanguye kugira ubwoba bukabije no gutakaza ukwizera abandi, hamwe no guhungabana mu mutwe. Naragira amaganya menshi cane n'ubwoba."

Yamaze indwi zitandatu avurirwa mu bitaro bivura indwara zo mu bwonko n'izo mu mutwe.

Yibuka ivyamubayeko agira ati: "Ubuzima bwanje bwaguma burushiriza gusubira inyuma". Abandanya ati: "Umuryango wanje wari wihebuye mu gihe ibintu vyarushiriza kuba nabi."

Kuva ico gihe, gusubira kugira amagara meza vyamusavye igihe kirekire, maze mu 2022 akaba ari ho yashoboye gusubira ku kazi.