Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Irani: Gusesezera Ali Khamenei birabandanya, indongozi y'ikirenga Mojtaba Khamenei ntaraboneka
Ibihumbi n'ibihumbi bakubise harazima ku mugwa mukuru wa Irani Tehran mu birori vyo gusezera Ayatollah Ali Khamenei bitegekanijwe kumara amasaha 12 kuri uno wa mbere.
Amafoto y'abari muri ibi birori yerekana bamwe muri bo bafise ivyapa vyanditseko ubutumwa bwo kwiyamiriza Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, harimwo n'ubwo kumutera ubwoba.
Eka n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu na we nyene araboneka kuri ibi vyapa, co kimwe nicegera ca mbere c'umukuru w'igihugu wa Amerika, JD Vance.
Hagati aho, Mojtaba Khamenei, indongozi y'ikirenga ya Irani igira gatatu akaba n'umuhungu wa Ali Khamenei ariko arasezerwa, gushika ubu ntaraboneka muri ibi birori bimaze imisi vyo gusezera se wiwe.
Muri ibi birori vyatanguye ku wa 28 z'ukwezi guheze, ibinyamakuru vyo muri Irani bitangaza ko Mahmoud Ahmadinejad yahoze ari umukuru w'iki gihugu yitabiriye ivy'uno musi, ari na vyo biboneka ko ari vyo vya mbere bikomeye.
Ng'aya amwe mu mafoto y'ingene biriko biragenda.