Umwicanyi w'Umunyamerika Christa Pike yasohotse mu bitaro inyuma y'imisi 10 igikorwa co kumwica kinaniranye

Christa Pike, umukenyezi afise umushatsi utukura, yambaye impuzu yera hejuru yayo hakaba hari iyindi itukura.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Abashingwamanza ba Christa Pike, Umunyamerikakazi yari yaraciriwe urubanza rwo kwicwa, bavuze ko yasohotse mu bitaro inyuma y'aho igikorwa co kumwica mu mpera z'ukwezi guheze kinaniranye.

Mw'itangazo bashize ahabona ku wa gatandatu, abashingwamanza biwe bavuze ko Pike, w'imyaka 50, yasubijwe mw'ibohero amazemwo imyaka 30, aho abandanya kuvurwa.

Pike yararusimvye inyuma yo guterwa incuro zibiri umuti witwa pentobarbital, ukoreshwa mu kwica abaciriwe urubanza rwo gupfa, ku wa 30 Nyakanga (9). Ivyo vyari vyatumye amagara yiwe aja mu kaga gakomeye.

Mu ntango z'ino ndwi, Pike yaragaruye ubwenge, atangura no kuvuga, ibintu vyatangaje abahinga, abaganga n'abashingwamanza biwe.

Ivyamushikiye ni ibintu bitari bwigere biboneka, kuko biboneka ko ari we muntu wenyene amaze kurokoka igerageza ryo kumwica hakoreshejwe umuti aterwa mu mubiri.

Mw'itangazo bashize ahabona, abashingwamanza ba Pike bavuze ko "ashimira abatabaye ubwa mbere hamwe n'abaganga bamwitayeho muri ibi bihe bidasanzwe".

Ntibiramenyekana neza uburyo ariko aravurwamwo kuva asubijwe mw'ibohero, ariko abashingwamanza biwe bari bavuze ko "bizofata igihe kirekire kugira akire".

Urwego rujejwe amabohero muri reta ya Tennessee ntiruratangaza igituma igikorwa co kumwica kitagenze nk'uko vyari vyateguwe, naho rwaburaniye uburyo bwakoreshejwe.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu rubanza rwabaye ku wa gatatu, icegera c'umushikirizamanza mukuru wa reta ya Tennessee, Will Ayers, yabwiye umucamanza ko atazi nimba iyo reta iteganya gusubira kugerageza kwica Pike.

Umucamanza yategetse iyo reta kubika ibintu vyose vyakoreshejwe murico gikorwa co kumutera imiti yo kumwica. Ivyo vyakoreshejwe bishobora kuzokwisungwa mu rubanza rushasha rwo kurega iyo reta.

Pike yari afise imyaka 18 igihe we n'umuhungu bakundana ico gihe, Tadaryl Shipp, bakubita, bagasinzikariza ubuzima, hanyuma bakica Colleen Slemmer w'imyaka 19. Bari bamenyaniye mw'ikambi yigishirizamwo imyuga urwaruka ruva mu miryango ifise uburyo buke.

Shipp ntiyaciriwe urubanza rwo gupfa kuko igihe bakora ico caha yari atarashikana imyaka amategeko asaba kugira umuntu afatwe nk'uwukuze. N'ubu aracari mw'ibohero.

Pike yari agiye kuba umukenyezi wa mbere yishwe mu gushitsa igihano co gupfa muri reta ya Tennessee mu myaka irenga 200.

Abashingwamanza biwe bamaze imyaka mirongo bitwara ku rubanza yaciriwe. Mu misi yari isigaye ngo yicwe, Sentare Ntahinyuzwa ya Amerika hamwe na buramatari wa Tennessee, Bill Lee, bompi baranse guhagarika igikorwa co kumwica.

Kuva ico gikorwa kinaniranye, abashingwamanza ba Pike barasubiye gusaba ko igihano co gupfa yaciriwe gihindurwa, agacirwa igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, ata burenganzira bwo kurekurwa atarangije ico gihano.

Ifoto ya kera ya Colleen Slemmer
Insiguro y'isanamu, Colleen Slemmer yarasinzikarijwe ubuzima, yicwa bunyamaswa na Pike hamwe na Shipp

Pike yarataye ubwenge aca ajanwa mu bitaro vyo muri ako karere, inyuma y'aho igikorwa co kumwica kinaniranye. Abashingwamanza biwe bari bamaze imisi bibaza ko ubwonko bwiwe butagikora, bakaba bari biteze ko imashini zamufasha kubandanya abaho zishobora guhagarikwa umwanya uwo ari wo wose.

Ariko ku wa kabiri, Pike yaragaruye ubwenge, asubira no kuvuga. Umushingwamanza wiwe Randy Spivey yavuze ko amajambo ya mbere yavuze yari aya: "Ndi hehe?" na "Uri nde?"

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru co ku wa gatatu, abashingwamanza biwe bavuze ko Pike yari abohewe ku gitanda n'amapingu, arwaye indwara y'amahaha yitwa pneumonia, amaboko yiwe yavyimvye cane, kandi adashobora kumira.

Spivey yavuze ku bijanye n'ingaruka ivyo vyose bishobora kugira ku magara yiwe yo mu mutwe ati: "Ntituramenya ingaruka ivyo vyose bizomugirako."

Yongeyeko ko Pike yari "afise ishavu kandi atazi neza ibiriko biramushikira".