Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Bigoranye Ubwongereza bwacitse DR Congo mu gikombe cy'isi

Ibitego bya kapiteni Harry Kane ni byo byarokoye Ubwongereza mu kwajyaga kuba kumwe mu gukozwa isoni cyane mu mateka yabwo mu gikombe cy’isi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Latifa Mutesi

  1. Kuki aba basenyeri bateye impungenge Papa León ko Kiliziya Gatolika ishobora 'gucikamo ibice'?

    Abantu ibihumbi n'ibihumbi bateraniye mu cyaro cyo mu Busuwisi kugira ngo bibonere umuhango wo kwimika abepisikopi bane bashya ba Kiliziya Gatolika, nubwo Papa Leo wa XIV yari yabinginze ngo ntibabikore.

    Abo bane, barimo umwe ukomoka muri Amerika, umwe wo mu Busuwisi n'abandi babiri bo mu Bufaransa, ni abanyamuryango b'Umuryango w'abihayimana utavugwaho rumwe wa Mutagatifu Piyo wa X (SSPX), rimwe na rimwe unitwa uw'aba Lefebvristes, izina rikomoka kuri Marcel Lefebvre washinze uwo muryango.

    Inkuru irambuye hano

  2. Nigeria itegekanya gusaba indishi ku mitungo yasizwe n'abanyagihugu bayo bahunze Afrika y'Epfo

    Reta ya Nigeria yatangaje ko izosaba Afrika y'Epfo gutanga inshumbusho ku banyagihugu bayo baherutse kuva muri ico gihugu bahunze imyiyerekano irwanya abimukira bahaba badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko.

    Umuvugizi w'Ubushikiranganji bwa Nigeria bw'imigenderanire, Kimiebi Imomotimi Ebienfa, yabwiye BBC ko ico kibazo kizoganirwako hagati y'amareta y’ibihugu vyompi "ku rwego rwo hejuru cane."

    Avugira kuri imwe mu mboneshakure zo muri Nigeria ku wa kabiri, umuserukizi w’imfatakibanza w’ico gihugu muri Afrika y'Epfo, Alexander Ajayi, yavuze ko reta ya Nigeria yatanguye gukora urutonde rw'imitungo n’ubundi budandaji vyasizwe n'abanyagihugu bayo bahunze.

    Umudandaza umwe w'Umunyanigeria akirindiriye gutahukanwa, yabwiye BBC ko yari amaze hafi imyaka cumi aba muri Afrika y'Epfo. Yemeza ko yataye urudandazwa rwiwe n'inzu yabamwo kubera gutinyira umutekano wiwe.

    Oghodero Erejor Wilson, afise imyaka 32, yavuze ko ariko aratakaza “ikintu cose kubera ubwoba."

    Yongerako ati: "Nasize ibintu vyose mu nzu yanje harimwo n'impuzu."

    Wilson ari mu majana y'abanyagihugu baturuka muri Nigeria bakirindiriye gukurwa muri Afrika y'Epfo. Mu mayinga aheze, abarenga 600 ni bo bashoboye gutahukanwa muri Nigeria.

    Abategetsi ba Afrika y'Epfo bavuga ko abo bamaze gusubizwa iwabo ari ababa muri ico gihugu mu buryo buteye kubiri n'amategeko. Ariko reta ya Nigeria ivyamirira kure.

    Mu mayinga ya vuba, abantu bababa 25.000 baturuka mu bihugu bitandukanye vya Afrika ni bo batahukanywe bava muri Afrika y'Epfo inyuma y'urukurikirane rw’imyiyerekano y’imirwi yasaba reta gufata ingingo zikomeye zo kugabanya ubwimukira budakurikije amategeko.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. M23 yamaganye ibihano ivugwamo Amerika yafatiye kompanyi z'amabuye y'agaciro z'u Rwanda

    Umutwe w'inyeshyamba wa AFC-M23 urwanya ubutegetsi bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo wamaganye ibihano uvuga ko birobanura Amerika yafatiye kompanyi enye z'amabuye y'agaciro z'u Rwanda n'abazikuriye babiri.

    Washington ishinja iryo tsinda gukorana na M23 muri "magendu y'amabuye y'agaciro mu buryo bunyuranyije n'amategeko riyakura mu burasirazuba bwa DRC riyajyana mu Rwanda", amafaranga avuyemo M23 ikayagura "intwaro no kuriha abarwanyi".

    Mu itangazo umuvugizi wa M23 Lawrence Kanyuka yasohoye mu ijoro ryo ku wa gatatu, yagize ati: "Ifatwa ry'ibihano birobanura mu gihe ibiganiro by'amahoro bigikomejeritanga ubutumwa budatanga umusaruro kandi nta musanzu na mucye bitanga mu kugera ku mahoro arambye."

    Inkuru irambuye hano

  4. DR Congo ivuga ko Ebola ikiri gusa mu ntara eshatu zo mu burasirazuba

    Abategetsi bo mu rwego rw’ubuvuzi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo bavuga ko ikiza cya Ebola kikiri gusa mu ntara eshatu zo mu burasirazuba bw’igihugu ari zo Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo.

    Ni mu gihe amakuru yari yatangajwe mbere yumvikanishaga ko hari abanduye babonetse mu ntara ya Haut‑Uélé no mu ntara ya Tshopo.

    Imibare mishya yatangajwe na leta ku itariki ya 30 Kamena (6) igaragaza ko umubare w’abemejwe ko banduye wazamutse ugera ku 1,406 – abo bakaba ari inyongera y’abantu 73 mu masaha 24 yari amaze gushira.

    Abapfuye bariyongereye bagera ku bantu 438, mu gihe abantu 192 bakize.

    Kugeza ubu, abantu 609 baracyari mu kato cyangwa barimo kuvurwa, mu gihe ikigero cyo kwica cy’iyi Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo kiri ku kigero cya 31.2%.

    Ikigero cyo gutahura abahuye n’abanduye cyarazamutse kigera ku 82.5% nubwo kikiri munsi y’intego ya 95%.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Uburusiya bwagabye igitero gikomeye cya misile na 'drone' i Kyiv cyishe abantu nibura 13

    Ingabo z’Uburusiya zagabye igitero gikomeye cyifashishije 'drone' na misile ku murwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, mu ijoro rishyira uyu munsi, cyica nibura abantu 13, nkuko abategetsi babitangaje.

    Mu bice bitandukanye by’umujyi, abaturage babaye bimuwe nyuma yuko ibisasu byangije inyubako nyinshi.

    Ibi byabaye nyuma y'amasaha macye Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, aburiye ko Uburusiya buri gutegura igitero “gikomeye cyane”.

    Tymur Tkachenko, ukuriye ubutegetsi bwa gisirikare buriho i Kyiv, yavuze ko umubare munini w’abishwe ndetse n'abakomerekejwe n’ibi bitero ari abana.

    Mu masaha ya kare yo kuri uyu wa kane, yagize ati: “Umwanzi yongeye kwibasira ku bushake ahatuwe n’abaturage, kandi akomeje kwica abasivili.”

    Mu gitondo cyo kuri uyu wa kane, umucyo watumye hagaragara neza icyobo uko bigaragara cyatewe n’iturika ry’igisasu.

    Hagaragaye kandi imodoka zahiye, inyubako n’ibikorwaremezo byangiritse, biri hafi y’ibisigazwa by’ibyasenywe n’ibisasu.

    Hirya no hino mu mujyi, hadutse inkongi nyinshi, ndetse hanatangajwe ko ikigo cy’imbangukiragutabara (ambulance) cyangiritse, bituma umuntu nibura umwe akomereka cyane.

    Ambasaderi wa Ukraine muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Olha Stefanishyna, yanditse kuri X ati: “Ni irindi joro riteye ubwoba ku baturage b’uyu mujyi, byabaye ngombwa ko barimara bari mu bwihisho.”

    Yongeyeho ati: “Habaye inkongi n’isenyuka ry’ibikorwaremezo by’abasivili n’inzu zo kubamo mu turere twinshi tw’umujyi.”

    Iki ni cyo gitero cya mbere gikomeye Uburusiya bugabye kuri Ukraine gikoresheje misile na 'drone' mu gihe kirenga ibyumweru bibiri byari bishize.

    Ku wa gatatu, Perezida Zelensky yahagaritse urugendo yari agiye kugirira i Dublin, umurwa mukuru wa Ireland, nyuma yo gutangaza ko amakuru mashya y’ubutasi yagaragaje ko Moscow iri gutegura kongera kugaba ibitero kuri Ukraine.

    Yongeyeho ko Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yari amaze igihe ategura kugaba igitero gikomeye cyane kuri Ukraine.

    Ingabo z’Uburusiya ziherutse kwinjira mu mujyi wa Kostyantynivka, umwe mu mijyi ya nyuma ikomeye Ukraine yari ikigenzura mu burasirazuba.

    Niba Moscow ishoboye kuwufata, byayiha inzira yoroshye yo kugenzura akarere kose ka Donbas.

  6. Bigoranye Ubwongereza bwacitse DR Congo mu gikombe cy'isi

    Ubwongereza bwarokotse ukwajyaga kuba kumwe mu gukozwa isoni cyane mu mateka yabwo yo mu gikombe cy’isi, nyuma yuko ibitego bibiri bya Harry Kane bitumye bwigaranzura bukanatsinda Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) i Atlanta muri Amerika, bugakatisha gutyo itike ya 1/8.

    Iyi kipe itozwa n’Umudage Thomas Tuchel yari isigaje iminota 15 ku gihe gisanzwe cy’umukino ngo ibe yakozwa isoni, mu gihe Les Léopards za DRC zari zakomeje kuryama ku gitego zari zabonye ku munota wa karindwi cyinjijwe na Brian Cipenga.

    Aho ni ho kizigenza akaba na kapiteni wa The Three Lions z’Ubwongereza yataraga akinjiza n’umutwe igitego cyo kwishyura ku munota wa 75, nyuma akaza gusubyamo agashinguracumu habura iminota ine ngo umukino urangire.

    Umunyezamu wa DRC yari yagiye akuramo imipira yari yabazwemo ibitego – nubwo umukinnyi wayo Yoane Wissa na we yahushije igitego cyari cyabazwe ubwo ishoti rye ryakubitaga icyuma cy’izamu habura gato ngo igice cya mbere kirangire.

    Ubwongereza ubu buzahura na Mexique ku wa mbere ku kibuga cya Azteca kiri mu mujyi wa Mexique, hazaba ari saa munani z’ijoro (02:00) ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.