Intambara yo muri Ukraine: Igitero gikomeye c'Uburusiya cayogoje Kyiv yose mw'ijoro ryakeye

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Abantu bane ni bo bamaze kumenyekana ko bishwe abandi barenga 50 barakomereka mu gitero rutura c'ingabo z'Uburusiya ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, hamwe no mu gisagara ca Shaheed missile.

Mw'ijoro ryo ku wa 24 Rusama (5), Uburusiya bwarekuriye kuri Kyiv no mu micungararo yayo ibisasu vya misire bitari bike, vyo mu bwoko bwa ballistique, mu bwoko bwa croisière, hatibagiwe na za ndege zitajamwo abadereva (drone) zo mu bwoko bwa shaheed.

Iki gitero catanguye imbere gato y'isaha indwi z'ijoro kuri uno wa Mungu, birabandanya gushika mu gatondo nk'isaha cumi na zibiri (6h00), aho uturere hafi twose tw'umugwa mukuru twakubiswe bikomeye.

Abanyamakuru ba BBC bakorera i Kyiv bavuga ko ijoro ryose ryaranzwe n'ibiturika bikomeye.

"Ni nk'umuhero w'isi, gutabagaza", niko umunyamakuru wa BBC Dmitry Vlasov yavuze aho yari ari ku gituro ca gari ya moshi co mu kuzimu mu karere ka Lukyanovka ku mugwa mukuri Kyiv.

Hagati mu gisagara no mu turere hafi twose twa Kyiv amazu atari make yabomaguwe.

Inyuma y'isaha imwe z'igitondo, amadrone ya shaheed yumvikanye hejuru ya Kyiv haca hasamirana inzamba zo kugabisha.

Ibi bitero bije inyuma y'aho Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avugiye ko ategerezwa kwihora inyuma yo kwagiriza Ukraine igitero ku nyubakwa y'uburaro bw'abanyeshure mu gisagara ca Starobilsk ku wa gatanu, aho abantu 18 bishwe.

Ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukraine vyavuze ko igisirikare c'iki gihugu cakoze igitero hafi ya Starobilsk mu karere kigaruriwe n'Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine mw'ijoro ryo ku wa gatanu, ariko kikavuga ko cateye ikigo c'igisirikare c'Uburusiya.

Ibi bitero bibaye kandi inyuma y'uko Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine agabishije ko hari ibimenyetso vy'uko Uburusiya bwariko butegura "igitero hakoreshejwe ibirwanisho bitandukanye ku butaka bwa Ukraine".

Yavuze ibi yisunze amakuru yatangwa n'inzego z'igendereza rya Ukraine, irya Bulaya n'irya Amerika, zerekana ko Uburusiya bwoba bwariko butegura gukoresha igisasu ca misire co mu bwoko bwa Oreshnik, kivugwa ko kigenda ku muvuduko usumba uw'ijwi incuro cumi, kandi gushika ubu hakaba ata kintu na kimwe gishobora gutangira iki gisasu.

Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere catangaje ko muri iki gitero Uburusiya bwarekuriye kuri Ukraine ibisasu vya misire 90 n'amadrone 600 y'ubwoko butandukanye, harimwo n'ico gisasu rutura ca Oreshnik.

Uburusiya ntiburemeza nimba bwakoresheje iki gisasu muri iki gitero.

Iki gitero cakubise ibibanza birenga 50 muri Kyiv yose, nk'uko bivugwa n'igipolisi ca Ukraine.

Klitschko avuga ko mu bibanza vyatewe harimwo amazu y'uburaro, amazu y'ububiko, n'inyubakwa z'idandarizo.

Mu mafoto, raba ingene ibi bisasu vyasibanganije igisagara:

Hanze ya Kyiv, intara za Cherkasy, Kharkiv, Kropyvnytskyi, Odesa, Poltava, Sumy, na Zhytomyr na zo nyene zatewe, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Andrii Sybiha.