Mwakoze kubana natwe uyu munsi. Aha ni ho dusoreje amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo nanone mu yindi gahunda nk'iyi.
Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya bwacucagiye ibisasu kuri Ukraine ata n’umusi uhaciye buvuze ko bwemeye gusubira mu biganiro
Uburusiya bwongeye kugaba ibitero ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, amasaha make gusa inyuma y'aho bwemereye gusubira mu biganiro vy'amahoro.
Incamake
- Ubutegetsi bwa gisirikare muri Burkina Faso bwasubijeho igihano cy'urupfu
- Depite Ilhan Omar avuga ko gusaka urugo rwe byari bidasanzwe kandi ko bitumye agiye kwimuka
- Perezida Macron yakajije ingamba zo kugabanya imyigaragambyo
- Abagore babiri b'i Burayi bari bamaze umwaka urenga bafashwe bugwate muri Niger barekuriwe muri Libya
- Nigeria: Abahuye n'uwanduye Ebola ntibemerewe kugenda mu ndege
- Amerika yasavye bamwe mu badiplomate bayo kuva muri Arabiya Sawudite mu gihe ibitero vy'Abahouthi bitera vyiyongera
- Perezida Trump avuga ko hari ikintu kigiye kuba "vuba cane" kuri Irani, mu gihe hari amakuru avuga ko ingabo za Amerika n'iza Israel zifise integura z'ibitero bishasha kandi bikomeye.
- Abantu babiri baraye bishwe mu gitero c'aba-Houthi muri Arabia Sawudite
- Niger: Abagore babiri b'Abanyaburaya bari banyurujwe n'inyeshamba ziyitirira Islam barekuwe
- Nta bundi buvuzi Papa akeneye, inyuma yo kubagwa cancer yo mu mahaha
- Mu myiyamamazo Perezida Donald Trump yarimwo mu ntara ya Caroline du Sud, abamwiyamiriza bagumye bamutobera mu kumumuciramwo incuro zitari nke.
- Macron yagiriza abategetsi b'amahanga gukoresha imigumuko yo mu Bufaransa ku nyungu z'amatora yabo
- Uburusiya bwongeye kugaba ibitero ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, amasaha make gusa inyuma y'aho bwemereye gusubira mu biganiro vy'amahoro.
Amakuru y'ikibiriraho
Anne Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Gildas Yihundimpundu na Gisèle Berwa
Ubutegetsi bwa gisirikare muri Burkina Faso bwasubijeho igihano cy'urupfu
Burkina Faso yasubijeho igihano cy'urupfu ku byaha birimo kugambanira igihugu ku rwego rwo hejuru, iterabwoba n'ubutasi.
Iki cyemezo cyateye impungenge ko ubutegetsi bwa gisirikare bwa Burkina Faso bushobora gukoresha icyo gihano mu gucecekesha ababunenga.
Muri iki cyumweru, inteko ishingamategeko itaratowe ya Burkina Faso yemeje, nta n'umwe uvuyemo, igitabo gishya cy'amategeko ahana ibyaha, kirimo ingingo isubizaho igihano cy'urupfu ku byaha bitandukanye birimo nko kwica umubyeyi wawe cyangwa undi muntu wa hafi mu muryango, no kwinjiza mu gihugu ibicuruzwa byarengeje igihe cyangwa byabujijwe.
Iki cyemezo gifashwe mu gihe ubutegetsi bwa gisirikare buyobowe na Kapiteni Ibrahim Traoré bukomeje kunengwa kubera kugabanya ubwisanzure bw'abaturage no kuba bwarananiwe gucyemura ikibazo cy'inyeshyamba n'umutekano mucye, bimaze imyaka myinshi.
Minisitiri w'ubutabera Edasso Rodrigue Bayala yari yavuze ko gusubizaho iki gihano ari ngombwa mu kurwanya iterabwoba.
Yongeyeho ko amategeko yari asanzweho yoroherezaga abakora iterabwoba gushaka abayoboke kuko babashukishaga ko nibafatwa kandi bagahamwa n'icyaha, bazahanishwa igifungo cya burundu aho guhanishwa igihano cy’urupfu.
Umuryango uharanira uburenganzira bwa muntu, Human Rights Watch (HRW), waburiye ko iki cyemezo gishobora gutuma igihano cy'urupfu gihinduka intwaro yo gucecekesha abanenga leta, mu gihe ibikorwa byo kubuza amahwemo abafite ibitekerezo bitandukanye n'iby'ubutegetsi bikomeje kwiyongera.
Mu itangazo ryayo, HRW yagize iti: "Gusubizaho igihano cy'urupfu bitanga ubutumwa buteye ubwoba ku banenga ubutegetsi bwa gisirikare kandi bishobora kuba ikindi gikoresho cyo kubuza ubwisanzure abatavuga rumwe na bwo."
Izindi nkuru wasoma:
Depite Ilhan Omar avuga ko gusaka urugo rwe byari bidasanzwe kandi ko bitumye agiye kwimuka
Depite Ilhan Omar uhagarariye leta ya Minnesota mu nteko ishingamategeko y'Amerika yavuze ko atagishoboye gukomeza kuba mu rugo rwe i Washington DC, nyuma yuko abakozi ba leta bahasatse mu cyumweru gishize.
Yavuze ko afite ubwoba ko aho atuye hamaze kumenyekana nyuma y’icyo gikorwa cyo kuhasaka.
Yabwiye igitangazamakuru MSN NOW ati: "Kubera ibikangisho byo kwicwa mpura na byo, ntibigishoboka ko nkomeza kuba muri iriya nzu hamwe n’abana banjye."
Mu kiganiro cye cya mbere agiranye n'itangazamakuru ku mugaragaro kuva urugo rwe rusatswe mu rukerera, Omar yasobanuye ko abakozi bo mu rwego rushinzwe iperereza ku byaha bijyanye n’umutekano w’igihugu (Homeland Security Investigations) bafashe ibintu birenga 10, birimo telefone zigendanwa n’udutabo yandikamo, mu rwego rw’iperereza.
Leta ntiratangaza icyaha Omar ashinjwa gukora ariko yavuze ko iryo saka ryari "mu rwego rw’iperereza ku byaha rikomeje gukorwa ryo ku rwego rw'igihugu".
Iryo saka rikurikiye amagambo atandukanye y’abategetsi bashidikanyaga ku bwenegihugu bw'Amerika bwa Omar, yabonye mu mwaka wa 2000, nyuma yo kuhagera avuye muri Kenya.
Izindi nkuru wasoma:
Perezida Macron yakajije ingamba zo kugabanya imyigaragambyo
Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yatangaje ko imyigaragambyo "itemewe" igiye guhagarikwa mu minsi iri imbere, anashinja imitwe y'"abigometsi" b'abahezanguni bo mu murongo wa politike wo gushaka impinduka n'abangiza ibintu binyuranye, kuba ari bo bateje imvururu n'ubusahuzi byabaye mu mpera y'icyumweru gishize, nkuko bitangazwa n’ibiro ntaramakuru Reuters.
Macron yabivuze kuri uyu wa kane, nyuma y'inama yagiranye n'abakuriye inzego z'ubutasi na bamwe mu baminisitiri.
Yongeyeho ko imyigaragambyo itegurwa n'imiryango, nk'amashyirahamwe y'abakozi, izakomeza kwemererwa kuba, ariko ko ishobora kwimurirwa mu yindi mihanda hagamijwe kurinda ibikorwa by'ubucuruzi.
Yagize ati: "Ku wa gatandatu ushize habaye ibikorwa byo gushaka guhungabanya igihugu byakozwe n'imitwe y'abahezanguni bo ku ruhande rw'ibumoso [bo mu murongo w'abaharanira impinduka], bafite intego yo gusenya Repubulika."
Aya magambo yayavuze mu gihe abategetsi hirya no hino mu Bufaransa bari kwitegura indi myigaragambyo mishya, nyuma y'izo mvururu ziri muri zimwe mu zikomeye cyane zibaye mu mijyi itandukanye y'iki gihugu mu myaka myinshi ishize.
Abategetsi bo mu mujyi wa Lyon batangaje ko imyigaragambyo yose yari iteganyijwe ku wa gatandatu yahagaritswe.
Nubwo bimeze bityo, indi myigaragambyo mishya yatangiye gutegurwa, mu gihe abategetsi bafite impungenge ko impera y'iki cyumweru ishobora kongera kurangwa n'imvururu n'umutekano mucye.
Izindi nkuru wasoma:
Abagore babiri b'i Burayi bari bamaze umwaka urenga bafashwe bugwate muri Niger barekuriwe muri Libya
Abagore babiri, umwe ukomoka mu Busuwisi n'undi ukomoka muri Austria (Autriche), barekuwe nyuma yo kumara igihe kirenga umwaka bafashwe bugwate muri Niger. Bahise bashyikirizwa abategetsi bo mu mujyi wa Benghazi muri Libya.
Ukomoka muri Austria witwa Eva Gretzmacher, ufite imyaka 76, n’ukomoka mu Busuwisi witwa Claudia Abbt, ufite imyaka 69, bashimuswe mu bihe bitandukanye mu mujyi wa Agadez, uri mu majyaruguru ya Niger, muri Mutarama (ukwezi kwa mbere) no muri Mata (ukwezi kwa kane) umwaka ushize.
Nta makuru arambuye yatangajwe ku bantu bari babafashe bugwate cyangwa ku byo basabaga kugira ngo barekurwe. Gusa hari amakuru yari yarigeze guhuza iri shimutwa n’abarwanyi b’umutwe wiyitaLeta ya Kiyisilamu (Islamic State). Nta n’amakuru yatangajwe asobanura uko barekuwe.
Leta ya Austria na leta y'Ubusuwisi zombi zemeje ko abaturage bazo barekuwe.
Leta y'Ubusuwisi yatangaje ko Claudia Abbt yarekuwe kandi ko yari ari mu nzira asubira mu Busuwisi. Naho leta ya Austria yatangaje ko Eva Gretzmacher yarekuwe nyuma y'"umuhate ukomeye wo mu rwego rwa dipolomasi."
Izindi nkuru wasoma:
Nigeria: Abahuye n’uwanduye Ebola ntibemerewe kugenda mu ndege
Minisitiri w’Ubwikorezi bwo mu Kirere muri Nigeria, Festus Keyamo, yatangaje ko abantu 46 bahuye n’umurwayi wa Ebola bagiye gushyirwa ku rutonde rw’ababujijwe gukora ingendo zo mu ndege mu gihe cy’iminsi 21.
Mu itangazo yasohoye ku munsi w’ejo, yavuze ko abantu 44 bahuriye n’uwo murwayi mu bitaro nyuma y’uko agaragaje ibimenyetso by’iyo ndwara, mu gihe abandi babiri ari abakozi bo mu rugo rwe.
Yongeyeho ko inzego z’ubuzima zirimo gukora ibishoboka byose kugira ngo abo bantu 46 bashyirwe mu kato kandi basuzumwe, hamenyekane niba baba baranduye virusi ya Ebola.
Keyamo yavuze kandi ko yamaze guha amakuru y’abo bantu, Ikigo cya Nigeria gishinzwe iby’indege za gisivili (NCAA) kugira ngo icyo cyemezo gishyirwe mu bikorwa nta nkomyi.
Yagize ati: “Nasabye NCAA guhita imenyesha sosiyete zose z’indege, izo mu gihugu n’izo mu mahanga, iby’iki cyemezo.”
Nigeria yanakajije ingamba zo kugenzura hamwe no gukurikirana Ebola ku bibuga mpuzamahanga by’indege, nyuma y’uko hemejwe umurwayi wa mbere w’iyo ndwara muri icyo gihugu nyuma y’imyaka irenga icumi itahagaragara.
Izo ngamba zirimo gupima ubuzima bw’abagenzi, kugenzura ubushyuhe bw’umubiri, gukurikirana aho abagenzi banyuze ndetse no kuzuza impapuro z’ubuzima hifashishijwe uburyo bw’ikoranabuhanga.
Inzego zicunga ibibuga by’indege zirimo gukorana bya hafi n’Ikigo cya Nigeria gishinzwe kurwanya no gukumira indwara (NCDC), nk’uko Keyamo yabitangaje.
Umurwayi uvugwa ni umugore w’Umugande w’imyaka 42 utuye i Abuja.
Mbere yo kujya muri Nigeria yari amaze ibyumweru bibiri n’igice i Kampala, nyuma aza kunyura muri Ethiopia ajya muri Nigeria.
Inzego z’ubuzima ziracyakora iperereza kugira ngo hamenyekane aho yanduriye virusi ya Ebola.
Izindi nkuru wasoma:
Amerika yasavye bamwe mu badiplomate bayo kuva muri Arabiya Sawudite mu gihe ibitero vy’Abahouthi bitera vyiyongera
Reta zunze ubumwe za Amerika zasavye bamwe mu badiplomate bayo n’imiryango yabo kuva muri Arabiya Sawudite, mu gihe ibitero vy’Abahouthi biriko birarushiriza gukomera. Abantu batatu ni bo bahitanywe n’ivyo bitero mu bice bitandukanye vy’ico gihugu.
Abategetsi ba Arabiya Sawudite bavuze ko ibisigarira vya drone yasambuwe igihe yariko igerageza gutera ikibanza gitunganirizwamwo ibitoro ari vyo vyahitanye babiri muri abo bapfuye. Uwundi umwe yahitanywe n’igitero cagabwe ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca King Fahd, i Dammam.
Kuva mu kwezi guheze ni ho amatati hagati y’Abahouthi bo muri Yemeni bashigikiwe na Irani, na Arabiya Sawudite, yarushirije gukomera.
Mu kwishura ku bitero vya Arabiya Sawudite, abo Bahouthi bagavye ibitero bakoresheje ama misire na drone ku bibuga vy’indege, ibikorwa remezo vy’amasoko ntanganguvu n’ibirindiro vya gisirikare vyo muri ico gihugu.
Igitero giherutse kugabwa ku kibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru Riyadh ni co cahitanye abantu benshi kuruta ibindi vyabaye muri ico gihugu mu myaka itari mike iheze.
Mw’itangazo yasohoye, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu yagize ati: « Ubushikiranganji ... bwategetse ko abakozi ba Amerika bari muri Arabiya Sawudite badakora ibikorwa vyihutirwa, hamwe n’imiryango yabo, bava muri ico gihugu. »
Yongeyeko ati: « Abahouthi bashigikiwe na Irani barushiriza kugira uruhara mu ntambara na Arabiya Sawudite, harimwo ibitero bigabwa ku bibuga vy’indege vya gisivire no ku bindi bikorwa remezo bihambaye. Ivyo bitero vyahitanye abantu basanzwe bituma n’ingendo zihungabana cane. »
Uwo muvugizi yagabishije kandi ko « izo ntambara zishobora gukomera cane mu gihe gito. »
Mu gitero giheruka kugabwa ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca King Fahd, abantu umunani ni bo bakomeretse.
Nta yandi makuru arashikirizwa ku bijanye na co. Ariko cabaye inyuma y’uko ibibuga vy’indege vyo muri Arabiya Sawudite bigabweko ibitero incuro nyinshi n’abarwanyi b’Abahouthi.
Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu na bwo nyene ntiburamenyesha uwoba yararungitse drone y’ubwiyahuzi yatumberejwe ku kibanza ca Shaybah gitunganirizwamwo ibitoro, kiri hafi y’urubibe rwa Arabiya Sawudite na Emirats Zunze Ubumwe z’Abarabu. Ico gitero cakomerekeyemwo abantu babiri.
Yemeni yarasinzikajwe n’intambara yo hagati mu gihugu yatanguye mu 2014, igihe Abahouthi bakura ubutegetsi mu minwe ya reta, bakigarurira umurwa mukuru Sanaa.
Iyo ntambara yarushirije gukomera mu 2015 inyuma y’uko ihuriro rya gisirikare ry’ibihugu bitandukanye riyobowe na Arabiya Sawudite ritanguriye igikorwa co kugerageza gusubiza ubutegetsi mu minwe ya reta.
Izindi nkuru wosoma:
Trump avuga ko hari ikintu kigiye kuba 'vuba cane', Irani na yo ikagabisha Amerika
Perezida Trump avuga ko hari ikintu kigiye kuba “vuba cane” ku ntambara hagati ya Amerika na Irani, mu gihe hari amakuru avuga ko ingabo za Amerika n'iza Israel zifise integura z'ibitero bishasha kandi bikomeye.
Trump yavuze kandi ko Washington (ubutegetsi bwa Amerika) itari mu biganiro na Tehran (ubutegetsi bwa Irani).
Ikinyamakuru The New York Times catangaje ko mu bibanza bishobora kuraswa muri ico gitero gishasha bishobora kubamwo ibigo ntanganguvu, ibigo vya nikleyeri, hamwe n'ububiko bwa misire n'indege zitajamwo abadereva bwa Irani.
Nk'uko ico kinyamakuru kibivuga, bamwe mu bategetsi ba Amerika babona ko ibitero nk'ivyo bishobora gushira ubutunzi bwa Irani mu kaga gakomeye cane, bigatuma abategetsi b’iki gihugu bemera kugira ivyo bahevye mu biganiro vy’amahoro.
Hagati aho, kuri uno wa kane, ingabo za Irani zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) zagabishije ko zishobora gutera ibigo vy’ingabo za Amerika biri hirya no hino mu Buseruko bwo Hagati mu gihe igisirikare ca Amerika cobandanya guherekeza amato aca mu Muhora wa Hormuz.
"Igisirikare ca Amerika gitegerezwa kumenya ko nimba kibandanije n’iyi ngendo, iyi ntambara izoshika no ku birindiro vyaco biri muri ako karere," niko izi ngabo zavuze mw’itangazo zacishije mu kinyamakuru cabo Sepah News gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi.
“Iri ni igabisha rikomeye,” niko iri tangazo rivuga.
Irani ivuga ko ari yo igenzura Umuhora wa Hormuz, inzira kirumara y’ubudandaji bwo mu mazi yari isanzwe icamwo hafi ica gatanu c’ibitoro bishorwa kw’isi yose imbere y’uko iyi ntambara itangura muri Ruhuhuma (2).
Irani ntihengeshanya kurasa amato agerageza guca muri uno muhora adahawe uruhusha na Irani. Ariko amato aca muri uno muhora agaherekezwa n’igisirikare ca Amerika abandanya yiyongera, ibi bigatuma Irani yongereza ibitero vyayo.
Ingabo za Irani zatangaje mbere ko amato ane yatewe mw’ijoro ryo ku wa gatatu rishira uno wa kane yarashwe igihe yariko agerageza guca muro ako karere k’Ikigobe c’Abarabu.
Ayandi makuru:
Abantu babiri baraye bishwe mu gitero c’aba-Houthi muri Arabia Sawudite
Abategetsi ba Arabia Sawudite bavuga ko abantu babiri bishwe abandi umunani bagakomereka mu gitero cagabwe mw’ijoro ryakeye ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Dammam mu buseruko bw’igihugu, mu gihe ibitero vy’Aba-Houthi bo muri Yemen biriko biriyongera.
Urwego rwa Arabia Sawudite rujejwe ivy’indege za gisivire ruvuga ko abishwe muri ico gitero cagabwe ku Kibuga c’Indege Mpuzamakungu c’Umwami Fahd ari Umunya-Arabia Sawudite umwe n’Umuhindi umwe.
Uru rwego ruvuga kandi ko uruja n’uruza rw’indege rwamaze gusubira mu buryo busanzwe.
Ni inyuma y’aho ejo ku wa gatatu mu gitondo, abandi bantu babiri bishwe mu gitero c’indege zitajamwo abadereva zariko zigerageza kurasa ku kigo gitunganya igitoro c’ahitwa Shaybah.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Nta bundi buvuzi Papa akeneye, inyuma yo kubagwa cancer yo mu mahaha
Abaganga bavura Papa Leo XIV bavuze ko atazokenera ubundi buvuzi inyuma yo kubagwa kugira ngo akurwemwo akavyimba ka cancer kari mu mahaha yiwe.
Ibipimo yari yakorewe imbere yo kubagwa vyari vyemeje ko yari afise cancer yo mu mahaha izwi nka adenocarcinoma.
Itangazo ryasohowe na Vatikano rigira riti: « Isuzumwa ryakozwe n’abahinga mu kuvura kanseri inyuma y’aho, ryemeje ko ata bundi buvuzi bukenewe. »
Papa Leo XIV w’imyaka 71 yavuye mu bitaro vya Gemelli biri i Roma mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’imisi ine abazwe. Igihe yakontororwa, yarahagaze kugira aganire n’abantu bari baje kumuramutsa.
Iryo tangazo risohotse mu gihe ku wa gatatu yashikirije ijambo mw’ihuriro risanzwe riba rimwe mu ndwi, ku ncuro ya mbere kuva avuye mu bitaro.
Igikorwa co kumubaga cabaye kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu (10) kandi camaze iminota 90. Bamukuyemwo igice co musi c’ihaha ryiwe ry’iburyo.
Papa ubwiwe ni we yatanguye gutangaza ko agiye kubagwa. Yabivugiye mu gisabisho yari asanzwe ahagararira buri yinga. Ico gihe, yabwiye abantu bari bakoraniye mu kibanza ca Petero Mutagatifu ko abaganga bari babonye akavyimba muri rimwe mu mahaha yiwe.
Amashusho yashizwe ahabona ku wa gatanu, haciye imisi mike abazwe, yerekanye Papa ariko asoma imisa mu bitaro, yambaye ikanzu yabigenewe y’urwatsi rubisi.
Kuri uwo musi nyene, Vatikano yatangaje ko Papa yavuganye kuri terefone na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin, amusaba ko bahagarika intambara mu gisagara ca Oleshky co muri Ukraine kiri mu minwe y’Uburusiya kandi kigoswe, kugira ngo imfashanyo y’ibifungurwa ishobore gushikirwa abanyagihugu.
Yanasavye ko haba « ibiganiro vy’amahoro ».
Ku wa mbere, Papa yaragiranye ikiyago gisa n’ico kuri terefone na Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky.
Izindi nkuru wosoma:
Niger: Abagore babiri b’Abanyaburaya bari banyurujwe n’inyeshamba ziyitirira Islam barekuwe
Abakozi babiri b’Abanyaburaya bakora mu vy’ubutabazi, bivugwa ko bari banyurujwe n’abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu muri Niger, barekuwe maze bajanwa muri Libya inyuma y’amezi arenga 18 bari bamaze bari mu minwe y’abo barwanyi.
Umunya-Autriche Eva Gretzmacher hamwe n’Umuswisi Claudia Abbt bamaze gushika mu gisagara ca Benghazi.
Bitegekanijwe ko ejo ku wa kane bazosubizwa mu bihugu bakomokamwo.
Abo bagore babiri bari banyurujwe umw’umwe ukwiwe mu bitero vyagabwe mu masaha y’ijoro ku mihana yabo mu gisagara ca Agadez kiri mu buraruko bwa Niger mu mwaka uheze wa 2025.
Uko barekuwe n’ivyatumye barekurwa ntibiramenyekana neza.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Amatora yo muri Amerika: Trump ntiyorohewe mu myiyamamazo arimwo
Imyiyamamazo ya Perezida Donald Trump yabereye mu ntara ya Caroline du Sud/South Carolina, mu matora y’abashingamateka n’abakeguzamateka ategekanijwe muri Amerika yarahungabanijwe n’abamwiyamiriza bagumye bamuciramwo incuro zitari nke.
Abantu nibura cumi bariko baramwiyamiriza barasohowe n’abajejwe umutekano, babakura ahariko habera iyo myiyamamazo muri Kaminuza ya Clemson, aho Perezida Trump yari yagiye gushigikira umukandida w’Umurepubulikani, Darline Graham yiyamamariza intebe y’umukenguzamateka nk’uwuserukira iyo ntara.
Umwe mu bamwiyamiriza yise Trump umuhemu, maze asaba ko dosiye zijanye na Epstein zoshirwa ahabona. Uwundi yamwagirije ivyaha vyo mu ntambara.
Trump yavuze ko abo bariko baramwiyamiriza bahawe amafaranga kugira baje gutoba imyiyamamazo yiwe, aca ashimagiza umwe mu bamushigikiye yakubise umwe muri bo.
Ubu buryo bwo guhungabanya ibikorwa vy’imyiyamamazo burabandanya bwibonekeza cane mu makoraniro Perezida Trump aba arimwo, ibiharuro vy’abamushigikiye bibandanya gukoroka. Ubu biri muri 30 kw’ijana.
RD Congo: Ububirigi bwateye ivyatsi umuhari FRN witwaje ibirwanisho urongowe na Joseph Kabila
Ububirigi buriyamiriza umuhari mushasha wa politike na gisirikare FRN ( Front pour la Refondation de la Nation) uherutse gushingwa muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) ukaba urongowe na Joseph Kabila yahoze aramutswa ico gihugu.
Mw'ijambo yashikirije ku wa gatatu imbere y'umurwi w'abashingamateka ujejwe ibibazo vy'imigenderanire, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ububirigi, Maxime Prévot, yavuze ko "bibabaje cane" kubona umuntu yahoze arongoye igihugu akaba na we nyene muri ico gihe yarahuye n'ingaruka z'imirwi yitwaje ibirwanisho ahitamwo "kuba indongozi y'umurwi wa politike na gisirikare urondera gushika ku butegetsi ukoresheje ibirwanisho".
Inkuru iramvuye hano
Macron yagiriza abategetsi b’amahanga gukoresha imigumuko yo mu Bufaransa ku nyungu z'amatora yabo
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yagirije abategetsi b’amahanga ko bariko barakoresha imigumuko yadutse mu gihugu ku wa gatandatu ku mvo z’amatora mu bihugu vyabo.
Atarinze kubavuga amazina, Macron yavuze ko abo bategetsi bariko biyamamaza mu matora yimirije “bakoresheje Ubufaransa”, mu majambo bashikirije ku vyerekeye izo ntureka zaturutse ku myiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye.
Mw’ijambo yashikirije mu rugendo rwiwe mu bihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati, Macron yavuze ko abo ari “abategetsi bari mu bihe vyo kwiyamamaza, haba hano muri aka karere canke hakurya y’ibahari Atlantike”.
Macron yasa n’uwuriko aravuga Perezida Donald Trump wa Amerika ari mu myiyamamazo mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka ategekanijwe mu ntango z’ukwezi kuza, hamwe kandi n’umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, na we nyene ariko ategura amatora y’abashingamateka mu ndwi iza.
Igihe yari mu myiyamamazo muri Kansas ku wa mbere, Donald Trump – asanzwe adahagaze neza imbere y’ayo matora yimirije muri Amerika - yamaze umwanya munini avuga ku Bufaransa, yerekana ko buriko “buraterwa, burasahurwa kandi buturirwa n’abimukira, aba-jihadiste n’abakomunisti”.
Yabwiye abanywanyi biwe ati: “Mumenye neza ko ari vyo Abademokarate bashaka gukorera Amerika.”
Eka n’Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu - na we nyene ari mu myiyamamazo - yavuze amajambo asa n’ayo, aho yavuze ko Ubufaransa “bwatewe n’intagondwa z’Abasilamu”.
Ku bwa Macron, aba bategetsi atavuze amazina bakorera ku mavidewo y’ikinyoma yakozwe n’ubwenge bukorano (AI) ku bijanye n’iyi migumuko.
Amavidewo yerekana imishamirano hagati y’abapolisi n’abari mu myiyerekano bipfutse mu maso, hamwe kandi n’amatungo be n’amaduka ariko arasahurwa, yarakwiragiye cane ku mbuga nyagiro.
Abantu bashika ku 150 baramaze gupfungwa, mu gihe abarenga 800 bamaze gushikanwa imbere y’ubutungane kuva iyo migumuko yadutse i Paris no mu bindi bisagara birimwo Lyon, Marseille na Nice.
Reta yaremeye ko abaporisi “bananiwe no gufata ibintu mu minwe” muri izo ntureka zadutse inyuma y’amayinga atari make y’imyiyerekano y’abanyeshure biyamiriza ubuzima babayemwo mu mashure yisumbuye.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Uburusiya bwacucagiye ibisasu kuri Ukraine ata n’umusi uhaciye buvuze ko bwemeye gusubira mu biganiro
Uburusiya bwaraye busubiye gucucagira ibisasu vya misire ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, amasaha make gusa inyuma y'aho bwemereye gusubira mu biganiro vy'amahoro, bizokwitabirwa kandi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Umukuru w'igisagara ca Kyiv, Vitaliy Klitschko, yavuze ko abantu batandatu bakomeretse, muri ibi bitero vyagabwe ku mazu y'uburaro, ububiko bw’igitoro hamwe n'ibikorwaremezo vyo kwungurza abantu n’ibintu. Amakuru yerekana kandi ko ibigo ntanganguvu na vyo nyene bishobora kuba vyatewe.
Naho biri ukwo, Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze ko, inyuma y'ibiganiro biheruka vyayobowe n'intumwa yiwe Steve Witkoff, ubu inzira yo kurangiza iyo ntambara iri hafi cane kurusha ibindi bihe vyose. Ariko abanegura Trump bamwagiriza ko ariko ahatira Ukraine kwemera guhagarika intambara kurusha uko ahatira Uburusiya, mu kworohereza Moscou gusumba Kyiv.
Hampande ya Kyiv, igisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine na co nyene catewe, mu bitero vyakozwe n’indege zitajamwo abadereva (drone).
Ibi bitero bibaye mu gihe hari iyindi ntambwe nshasha y'ibiganiro vy’amahoro irongowe n'intumwa za Donald Trump, ari zo Steve Witkoff na Jared Kushner.
Ku wa gatatu, Witkoff yarahuye na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya mu gisagara ca St Petersburg, umusi umwe gusa inyuma y’uko ahuye na Perezida wa Ukraine.
Ibiganiro bihuriyemwo impande zitatu vyarahagaze muri Ruhuhuma (2), maze Uburusiya buca bwongereza akariro mu bitero vyabwo, inyuma y'uko Ukraine ikehaniwe n’uburyo bwo gukingira ikirere, bugizwe n’ibikoresho vyo gutangira ibisasu vya misire, uburyo yari isanzwe ihabwa n’ibihugu vy’uburengero.
Mu Burusiya na ho nyene, intara za Tula na Lipetsk zavuze ko zatewe n'amadrone ya Ukraine. Buramatari wa Lipetsk avuga ko umuntu umwe yakomeretse.
Perezida Putin yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu mwaka wa 2022, ubu Uburusiya bukaba bugenzura hafi ibice 20 kw'ijana vy'ubutaka bwa Ukraine.
Naho Perezida wa Amerika yagiye avuga incuro nyinshi ko agiye kurangiza iyo ntambara, gushika ubu ntarashobora kuyihagarika.
Ejo ku wa gatatu, Perezida Zelensky yavuze ko ashobora kwemera amasezerano yotuma intambara ihagararira aho igeze.
Yabwiye ikinyamakuru Fox News ati: "Ivyo twovyita ‘uguhagarika intambara’ canke ‘uguhagarika ubwicanyi’ nk'uko Perezida Trump yabivuze. Intambara ihagarare kandi ntisubire kubandanya. Ico ni co conyene dusaba Uburusiya uno musi."
Yongeyeko ko inyuma y'ivyo, hashobora gukurikira ibiganiro bijanye n'ingingo zo kwubahiriza umutekano wa Ukraine.
Ivyo biganiro vyabaye mu gihe icuka atari ciza hagati ya Ukraine na Amerika.
Trump aherutse kuvuga ko igihe kigeze kugira Ukraine ironke uwundi mukuru w’igihugu, ndetse ubuheruka agashimangira avuga ko hakeneye "uwundi muntu yoserukira Ukraine ku meza y'ibiganiro".
Yaragirije kandi Ukraine ko ibitero vyayo ku bigo vy'Uburusiya bitunganya igitoro vyatumye ibiciro vy'igitoro biduga kuva intambara irongowe na Amerika kuri Irani itanguye.
Trump yaraneguwe bikomeye n'abashingamateka bo mu mugambwe w'aba-Demokarate hamwe na bamwe bo mu ba-Repubulikani, inyuma y'aho akuriyeho ibihano vyari vyafatiwe Uburusiya, ivyo bikaba bituma bushobora gusubira kugurisha amamiliyoni y'amatoni ya mazutu ku masoko yo muri Amerika no kw'isi yose.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Mwaramutse
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.